IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Cleophace Niyonzima yagarutse mu biro vya komine

Cleophace Niyonzima yagarutse mu biro vya komine

vendredi 15 Ntwarante 2013

Inyuma y’aho inama mpanuzwajambo ya komine kanyosha, imwe mu makomine agize intara ya Bujumbura benshi bita Bujumura rural ikuriye Cleophace Niyonzima ku burongozi bw’iyo komine, Buramatari wa Bujumbura Jacques Minani yamusubije mu mabanga yiwe kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Ntwarante.

Hari kuwa 28 Ruhuhuma aho Cleophace Niyonzima yakomborwa mu mabanga yo kurongora komine kanyosha agasubirizwa n’uwari umuhanuzi wiwe w’ubuhinga. Iyo ngingo yari yafashwe n’inama mpanuzwajambo ya komine aho yari yakoranye buramatari wa Bujumbura yayibujije.

Uno musi rero niho uwo yasubizwa mu mabanga yiwe na Jacques Minani, buramatari wa Bujumbura. Ku ruhande rw’abari bafashe ingingo yo kumukura, na cane cane uwurongoye inama mpanuzwajambo, ntiturashobora kubaronka kugira twumve ico babivugako.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.