IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNDD-FDD: Imbonerakure yose yohanwa ku giti cayo

CNDD-FDD: Imbonerakure yose yohanwa ku giti cayo

samedi 28 Nyakanga 2013

Inyuma yaho urwaruka rw’imbonerakure rugiriye ruragirizwa n’abantu batandukanye harimwo abari mu migambwe itavuga rumwe na Leta, abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike n’abandi, ko Imbonerakure zihohotera bamwe mu banyagihugu, umugambwe CNDD-FDD wasohoye itangazo aho usaba ko umuntu wese akoze ikosa yorihanirwa ku giti ciwe.

Umugambwe CNDD-FDD ukaba usaba ubutungane n’abarongoye inzego, ko bohana uwagiriwe ikosa wese, ku giti ciwe, ukwo yoba ari kwose naho yoba ari imbonerakure. Muri iryo tangazo, umugambwe CNDD-FDD, uvuga ko imbere y’uko urwaruka ruwukomokamwo rwitwa imbonerakure, aba ari abarundi nk’abandi bose, kandi bakagengwa n’amategeko aganga abanyagihugu bose. Muri uyo mugambwe rero bavuga ko Imbonerakure ari ukuyifata nk’umurundi wese, kandi igahanwa yagiriwe n’icaha nk’abandi, kuko umugambwe CNDD-FDD atiriwo utuma urwaruka rwawo kurenga amategeko.

Umugambwe CNDD-FDD rero ukaba wiyamiriza abo bose bashaka kudomeka umuriro hagati y’urwaruka rwabo n’urundi rwaruka ruhurikiye mu yindi migambwe. Umugambwe CNDD-FDD ukaba usavye abagumyabanga ko boguma batekanye, bakirinda ivyo vyose vyobatuma bacanamwo n’abandi, kugira bagume bafumbatiye amahoro n’umutekano.

Twobibutsa rero ko iryo tangazo risohotse mu gihe hari hamaze iminsi havurwa ukutihanganiranira hagati y’umugambwe CNDD-FDD n’imigambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri. Ndetse urwo runani ADC rukaba rwari rwasavye ko urwaruka rwabo rutosubira kwihanganira agasomborotso bagirirwa n’imbonerakure, ko ubu yoba ingere ku yindi, mu gihe ngo igikubitwa nticishure ari ingoma. Ayo majambo akaba yarateye ubwoba abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, n’abandi bakurikirana ibibazo vy’Uburundi, aho babona ko ukwo kutihanganiranira gushobora kuvyara akarambaraye mu gihugu, canke kugatuma amatora yo mu mwaka w’2015 atagenda neza.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.