IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNDD FDD : "Ukuri Abarundi barondera ntikuzobonekera i Arusha"

CNDD FDD : "Ukuri Abarundi barondera ntikuzobonekera i Arusha"

jeudi 30 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umugambwe CNDD FDD uvuga ko abari bagiye i Arusha mu mwaka w’2000 aribo bashakako hokwongera kuba Arusha ya kabiri mu 2016, kuko kubwa CNDD FDD, inda zabo zagutse, ivyo bari baharaniye bakaba babona ko vyabaye bike bisunze ibiharuro bari bakoze vyo gutwara vyose bikoze ku nguvu, bagaca batembagaza ubutegetsi bwatowe, bikaba vyabataye kuw’amazi.

Itangazo rya CNDD FDD ryasohotse kuri uwu wa kane rigira riti :

1. Mu 2000 Abarundi biyita incabwenge baritororokanije, ata benegihugu babatumye bagenda i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, kuvugira inyungu n’inda zabo, Amakungu n’Ababiligi barimwo barahezagira havamwo amasezerano y’amagaburanyama;

2. Abo nyene bari bagiye i Arusha mu 2000 barashakako hongera kuba Arusha ya kabiri mu 2016 kuko inda zabo zaragutse, ivyo bari baharaniye bakaba babona ko vyabaye bike bisunze ibiharuro bari bakoze vyo gutwara vyose bikoze ku nguvu, bagaca batembagaza ubutegetsi bwatowe n’abenegihugu bikaba vyabataye ku w’amazi ku wa 13 Rusama 2015 ubu rero bashaka ko haba ibindi biganiro vy’amagaburanyama, ivyo navyo bigasigura ko bashaka gushika ku mugambi wabo wo gusenyura ubutegetsi ku nguvu;

3. Amasezerano y’i Arusha yo mu mwaka w’2000 hagati y’abize yari ahagaze ku moko n’ubwo abatwa bibagiwe bakayakumirwamwo. Uno munsi hakenewe ayandi masezerano y’Abenegihugu bose batagiye i Arusha na cane cane barya bo ku mitumba, ba batama na ba batamakazi kuko aribo bazi ukuri kuronderwa kwokiza Igihugu c’Uburundi ubutagisubira inyuma;

4. Abenegihugu bari bizeye ko abasenyeri barongoye Inama y’abepiskopi Katolika b’i Burundi bobashikana ku kuri bipfuza, none nabo babaye abanyepolitike nka bamwe baja i Arusha mu 2000 aho kuba abungere b’Abana b’Imana koko, ivyo bikunyurwa n’uko nabo nyene bari barungitseyo intumwa kugira bakoranire amagaburanyama twavuze aho haruguru. Na n’ubu ntibahinduye ingendo kuko baracagendera ku vyiyumviro vy’i Arusha 2000 akaba ariyo mpamvu bama bashigikiye iyindi Arusha twokwita Arusha ya kabiri y’amagaburanyama nk’uko bigaragara mw’itangazo Inama y’abepiskopi Katolika b’i Burundi basohoye ku wa 9 Ruheshi 2016 womengo rivugira bamwe bari barungitse babaserukira mu biganiro vy’amagaburanyama vyo mu 2000, abo barongoye Inama y’abepiskopi Katolika biboneka ko bashaka ko ikinyoma capfundikiwe i Arusha mu 2000 gisubira kuja no mu masezerano yo mu biyago bidakumira bihuza Abarundi ;

5. Abo basenyeri barongoye Inama y’abepiskopi Katolika b’i Burundi n’abanyepolitike bafatanije nta kuri Abenegihugu babazeyeko kuko berekanye ico biyumvira n’ico bashaka. Nta neza y’abenegihugu bashaka kuko iyo biba vyari uko bovugishije ukuri, bagafasha wa murwi ujejwe gutunganya ibiganiro bihuza Abarundi (CNDI) kugira ngo ivyinyegeje bije ahabona. Nk’akarorero: ko bizwi ko ku ntwaro ya cami ata moko yashirwa imbere mu butegetsi kubera ko hisungwa imiryango (clans), ni kuki abo basenyeri batovugisha ukuri ikibazo c’amoko kikahanagurwa mu gihugu na burya arico gitera ingorane kandi amoko yazanywe n’abakoloni, kubera iki ayo moko y’amaherere abandanya aryanisha beneburundi kandi atari ayo bamanye mu mico y’Abenegihugu;

PNG - 231.4 ko
Daniel Gelase NDABIRABE, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD

6. Abatama n’abatamakazi, barya usanga benshi muri bo batazi gusoma no kwandika nibahabwe ijambo muri vya biyago bitunganywa na CNDI batubwire, dutege amatwi kuko nibo bazotubwira ukuri. Abo rero ntibashobora kuja i Arusha kuko i Arusha haba amagaburanyama, nta kuri kubayo;

7. Iyo abantu bazinanyi barabana badakebana bagashobora kugiranira amasezerano arama. Ariko igihe cose Abarundi bakorana Amasezerano bagaca bavuga ko batavugisha ukuri, ko bahendana, birasobanuka ko baba batazinanye. Nta kamaro ko kubandanya hakorwa Amasezerano atarama kubera ko aba ahagaze ku binyoma. Abenegihugu barahenzwe basukwa mu vyo kugabangana ubutegetsi hisunzwe amoko, kandi bahenzwe n’abo nyene bari bafise igikorwa co kubashira mu nzira nziza. Nimba abiyita incabwenge zimwe zimwe ziboneka mu migambwe ya politike canke mu mashirahamwe avuga ko adaharanira inyungu za politike bibananiye, ni baje ku ruhande bareke abenegihugu bo ku mitumba batwigishe biciye muri vya biyago bitunganywa na CNDI. Harageze ko ibinyoma bihera. Kubera iki bagomba ko haba amasezerano y’amagaburanyama nk’amwe yabera i Arusha mu 2000? Nibareke nyabuna kuguma bahenda Abarundi ngo ukuri ku kibazo c’Uburundi kuzobonekera mu mahanga;

8. Vyoshoboka gute ko ibiganiro vy’ukuri biboneka hagati y’abanyegeza ubwoko bwabo, bakiyita aba kandi ataribo, bakerekana ko bashaka iki kandi bashaka igihushane, ugasanga bonyene bivugira ko bafise indimi zibiri. Nivyo kuko igihe cose hagiye haraba ibiganiro, bene kubikora baheza bavuga ko bahendanye, ko batavuganye ukuri. Biraboneka ko ikiba cashizwe imbere ari inyungu z’aba canke za bariya mu masezerano yakozwe kandi bamwe bibaza ko bagenzi babo batabimenye. Imirwi G7 na G10 yagiye i Arusha mu 2000, irongowe na Petero BUYOYA , n’ubu yaragize urunani kugira itembagaze ubutegetsi bwitorewe n’Abenegihugu ikaba yabikoze ifashijwe n’Igihugu c’Ububiligi kuko ico gihugu gishaka kubasubiriza mu ndumane kubera ko bemeye gukorera ku macakubiri y’amoko mu biganiro vy’amagaburanyama vy’i Arusha vyo mu mwaka w’2000. Ikibabaje ni uko n’ubu hakiri abanyepolitike b’intagondwa batavuga rumwe n’ubutegetsi basangiye ivyiyumviro na bamwe mu basenyeri barongoye Inama y’abepiskopi Katolika b’i Burundi be na bamwe mu mashirahamwe avuga ko adaharanira inyungu za politike badafise ibindi bahereza Abenegihugu atari amacakubiri y’amoko binyegeza inyuma y’ibiringo. Ariko ivyo binyoma bizoshirwa ahagaragara, bikaba nkako ibiganiro vyose vyobonekamwo ivyiyumviro vy’amoko vyoba ari ukubeshanya kuko amoko atari mu mico kama y’Abarundi. None kubera iki abo basenyeri batavuga ivyo Patiri Michel Kayoya na bagenzi biwe bazize n’iyo bahambwe mu 1972? Kubera iki batavuga iyo umukenyezi wa Louis Rwagasore n’umwami Ntare V Charles Ndizeye be n’abandi barundi isinzi bahambwe?

9. Birababaje kubona abari mu biganiro vy’i Arusha mu 2000 bemeye ko wa Murwi w’Ukuri no Kunywanisha Abarundi “CVR”utazotohoza ku vyashikiye Igihugu imbere y’igenekerezo rya 1 Mukakaro 1962, igihe co kwikukira. Uwo mwumvikano hagati y’Ababiligi, G7 na G10 unyegeje iki? Aho ntihabaye ivyo kugabura inyungu kugira ngo Ababiligi bagire ivyo bazokorera G7 na G10 aba nabo bakagira ivyo bahebera Ababiligi mu kurenzako uruho rw’amazi ku mabi yakozwe n’abo bakoloni igihe bazana amacakubiri y’amoko, be no mu ruhara bagiye baragira muri kahise k’Uburundi gushika uno munsi. Umuntu yokwibaza. Ubwo si aho hava inzigo y’akazikira Ababiligi nka Louis Michel n’umuhungu wiwe Charles Michel mbere na Didier Reynders bafitiye ubutegetsi bwitorewe n’Abenegihugu kuko bashaka gushira ku butegetsi ibihweba vyabo? Ugushigikira abagumutsi mu makuba Igihugu cacu kirimwo si agaseseshwarumuri ni ukubasubiriza mu ndumane;

10. Kugira ibi vyose bivuzwe haruguru bije mu nzira yo kumenya ukuri, abifata ko ari ibihangange, biyumvira bakongera bakabonera abandi, bomenya ko ata kuri kuzobavamwo uretse inyishu zitarama zifatiye ku magaburanyama ashingiye ku moko mu gihe amoko atari mu mico kama y’Abarundi. N’Umuhuza Nyenicubahiro Benjamin William Mkapa yobimenya, akegera ba batama n’abatamakazi bo mu Burundi yisunze wa murwi utunganya ibiganiro bidakumira bihuza Abarundi CNDI kugira ngo amenye ico akora mu gufasha kugira ukuri kumenyekane.


IGIHE

Messages

  • None umuti uzobonekera murizo nterahamwe mwazanye?canke murizo mbonerakunya mwahaye inkoho?muja arusha mwareka muzotembagara tu.

  • Yooooo. Twari tugukumbuye kweli. Wababwira n’uko ubwira abari kure.

  • EMW REKATURINDIR UMUKINO WANYU MWESE TUZORABA IYOBIZAHERERA! ARIKO VYIZA MWOGANIRA ABENEGIHUGU NITWETURENVYE

  • Ahubwo Gelase yarataye umutwe?uwo mugambwe wiwe ufise intumbero yo kwica abarundi no kubangaza,niwo twokwitegamwo ukuri?vyanka bikunda bategerezwa kuja i arusha kuk niho abarundi tuzey urukiza

  • .komera.Cndd-fdd,aba kirisutwaratangaye,,twumviseriryatangazo ryabepiscop.Insiguroyimisawamengoni inama ya polutique!!!

  • .komera.Cndd-fdd,aba kirisutwaratangaye,,twumviseriryatangazo ryabepiscop.Insiguroyimisawamengoni inama ya polutique!!!

  • BABWIRE. Abo ba rutemayeze mujeri ngo barashaka Arusha 2. nibajye mu RWANDA barye impungure na SOSOMA wenda bahaga abo bashenzi . ibyo bifu byabo bya plastique bizabakoraho.

  • Me abarundi Boha mbere baribaciye ubwenge nukuri, mbega amasezerano ya 2000 yabaye abo barihe. ? Me ubu arageze kuba amagaburanyama? Nimwitonde bizobafasha kandi bifashe na famille zanyu nayo mweho muvuga nkabaraga

  • @falcon50(mujeri -tari). Nigute wa gipfayongo we? Uri igiceri kweri nidihura nzo gukandagira . Falcon muzima umubwirwa nuko ari ikiziga.

  • @falcon50(mujeri -tari). Nigute wa gipfayongo we? Uri igiceri kweri nidihura nzo gukandagira . Falcon muzima umubwirwa nuko ari ikiziga.

  • NONESE,ABARUNDI IBIGANIRO NTIBIZOKWIGERA BIHERA?

  • Nsanze aba bantu b’iyi site ari ibijuju gusa vyuzuye amacakubiri.Kubera iki mutigera murekura comments zanje ? Murazi igituma. Et pourtant nta macakubiri yararimwo.Ntamutu numwe natutse ,Dieu est mon témoin . Imana ibaharire .

  • CNDD FDD NINCUTI ZAYO ZOBAKUNDA GUSHIKAGUPFA NKUKO HARIHO ABAMASE KUBAPFIRA BATARIBAKE.

  • Jewe abo ba CDD FDD barantangaza ivyo bavuga umengo ntabiharuro bafise mumitwe yabo ! none iyo batabona arusha bari gupfa bageze kubutegetsi, kombona imvunja, hamwe ninda zari mukubamarira mwishamba.nacibagiwe aho baciye wamengo haciye igihimbi, ntagihugu bafatishije umuheto barahawe na nyakubahwa Perezida Petero Buyoya, amasezerano ya arusha izo ntagodwa za badd zarayahonyanze.

  • Mbega Uwo Avuga Ngo Buyobe Niwe Yabahaye Ubutegetsi,namba Arigipfamaso!Niwe Yariko Arabamara,ahubwo Yemejw N’ubwira,ubutwari ben’ukwitanga Berekanye Kurugamba,canke Yabubaha Webwari Rwiwe?Nubwatwebwe Abenegihugu.Abo Basenyeri Bamwe Muribo Ntibera Mumakuba Abarundi N’uburundi Vyabonye!

  • Murihenda basha igihugu carashikiriye beneco.CNDD-FDD songa mbele

  • Ukiri Mw Ishamba Ko Wavyemera?Wank Amanyama Nabirya Vyaratevye Birakunda N,ibindi Bizokunda.Ighugu Nic Amoko Yose

  • Nagomba bwire wewe wi yita Mutama, ntabwira abari bafise. CDD FDD bari bafise ubwira bwa macakubiri, ubusuma, nukufata abagore kunguvu babasanze mundimo zabo,none gasha ubwo nibwo bwira uvuga? iyo bumvise umusoda wi gihugu baruhukira mubihomoka vyi misozi kwi hambayo,no mumabuye,Uregera Nkurunziza umubaze azogucira akagani komurufunzo ibuga, nahandi nahandi. Petero Buyoya,nuko yamugiriye akagorwe,akemera kwicarana nawe arusha, Nkurunziza wa rumusumwe agasamburwa nibombe imwe. Burya uwukize isemu yibagira icayi muteye, yi bukeko yakuwe mwishamba imvuja zarimukumumara.igihembo ariko aratanga nukwica abenigihugu, nokudandaza abana babakobwa na bagore mumahanga na yandi mabi ntiriwe ndadondagura!.

  • naza nabona kweri!nkaho muriko mufa ik?mwese aho ndazi ntanumwe muri mwebwe naho uwomurwanya yovaho azoba president!!!!vyiza mwovuga make mukabona kwirambira!!!!!uwo naw avugako imbonerakure zifise ibirwanisho ngira naw yarayihawe arabiz natubwire neza!!!!!kimwe kenshi iyo muvuga uko turaziko muba mwabihawe mukavyegeka kubataribo!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.