Accueil > Kwidagadura > Komedi > Comedy Knights, Kigingi na Martial baraye bumije imbavu abantu
Comedy Knights, Kigingi na Martial baraye bumije imbavu abantu
dimanche 15 Kigarama 2013
Ku mugoroba wo kuri uyu wa gatandatu, umurwi wa Comedy Knights wo mu gihugu c’Urwanda urikumwe n’imisore ibiri katwa mu vyese vyo gutwenza, Kigingi na Martial, baraye bumije imbavu z’abantu. Inkuru zitwenza zadumishijwe zari mu rurimi rw’ikirundi, ikinyarwanda, icongereza n’igifaransa. Igiteramo kitari gisanzwe aho uwinjira yatanga igitabo agavye.
- Michaël na Arthur bo muri Comedy Knights
Imisore 3 muri 6 igize Comedy Knights niyo yari yashitse mu kibanza ca Vouvouzela muri Komine Kinindo kuri uyu wa gatandato. Nkuko bama, ivyese vyabo akaba ari ivyo gutwenza gusa. Hervé Kimenyi, Michaël Sengazi na Arthur Nkusi bo muri Comedy Knights baje bava mu Rwanda bifadikanije na Kigingi hamwe na Martial bo mu Burundi bararyoheye abaraho. Inkuru z’ubwoko bwose zifatiye ku mibereho y’abantu mu ngo,ukugereranya imico itandukanye, vyose vyari vyuzuyemwo amajambo yo gatwengo. Kigingi akunze kugira ati: "Gira effort", abakinyi baragize "effort" ariko abaraho nta "effort" bagira ngo batwenge kuko baragandaguritse ku nkuru z’iyo misore 5.
- Kigingi
Ugutwenga ukeguka, amasosozi akoroka atawukubiswe ariko bivuye kugutwenga cane nivyo vyaranze abari bitavye ico “kirori”( mu mvugo y’urwaruka rwa none). Amasaha 3 arenga niwo mwanya abaraho bamaze batwenga basubira. Umwe umwe abisikanya n’uwundi, babiri bafadikanya, uko niko abo bakinyi 5 bakura kuranwa imbere y’isinzi ry’urwaruka, abakuze n’abahumure bari bitavye ico giteramo. Michael ati: " Vyandengeye, abantu bangana uku ntabo twari bwaronke muri kino kibanza. Natangaye kubona harimwo abantu bakuze bangana n’abavyeyi bacu bari bicaye imbere. Nahimbawe cane no kubona abantu babatama baza bakatumbwira ko bashima igikorwa cacu co gukina".
- Hervé Kimenyi, umwe mubagize Comedy Knights
Ico giteramo ukwinjira ntamahera yasabwa nkuko bisanzwe mu biteramo bimenyerewe. Kugira umuntu yinjire, yasabwa ugutanga igitabo co gusoma ico arico cose. Ivyo bitabo navyo bikaba bitegekanijwe gushirwa mu nzu yo gusoma izoba yugururiwe abana b’impfuvyi n’abandi batishoboye. Uwo mugambi ukaba ari uwishirahamwe "Aime Home Association".
- Ibitabo abinjira mu giteramo bariko baratanga
Michaël Sengazi, umwe mubagize Comedy Knights akaba yatumenyesheje kandi ko umurwi wabo wama utunganya igiteramo kimwe co ku buntu mu mwaka. Ariko mu ntumbero yo gushigikira ishirahamwe Aime Home Association, bashimye gusaba abaza mu giteramo kwibangikanya igitabo.
- Arthur Nkusi, umwe mubagize Comedy Knights
Ico giteramo cari gutangura isaha imwe y’ijoro catanguye isaha zibiri z’ijoro. Caheze bwije cane nk’isaha 5 z’ijoro, abantu bagisaba ko cobandanya.
- Martial
- Michaël Sengazi, umwe mubagize Comedy Knights
INGABIRE Luc-Noël
Messages
19 Ruheshi 2015, 07:10, par Ngabire Aimé Lionel
Komera Bene Wacu Nta Mwuga Udakiza Ahubwo Ko Numva Muri Abahungu Gusa Muzorabe Mushiremwo N’abakobwa,ndabipfurije Gutera Imbere.
2 Nyakanga 2015, 14:03, par Silas Hakizimana
Vraiment Ahubwo Nibakomeze Turifpuza Ko Boza Ino Imwaro Kuko Bakora Ibikomeye None Bizoshoboka?
12 Nyakanga 2015, 13:43, par TUYIKORERE
Ni vyiza nukri nibater imbere
12 Nyakanga 2015, 13:44, par TUYIKORERE
Ni vyiza nukri nibater imbere
20 Munyonyo 2015, 19:05, par Niyibitanga Eddy
Ndabaramukize Non Kigingi Kubera Iki Atotubwira Bimwe Muvyaribigize Icogikino Natwe Tutaritwabimenye Twumveko vyaribiryoshe?
24 Kigarama 2015, 21:42, par Tuyisabe Emmanuel Gatbo_Kayogoro
Jewe Ndabasavye Ko Boza Gutwenza Abo Mukayogoro Kamakamba Boba Ckoze Nkaje Imbavu Zarafatanye Zogororoka Ok
12 Ntwarante 2016, 07:29, par Niyungeko Reverien
jew nipfuza ko bobandanya ico gikorwa cogutwenza kuku gutwenga bise akamaro nkahimiriza abakunzi bico kiganiro koboza baracitaba ari benshi nipfuza koboza gutwenza ino iwacu mu cankuzo
12 Ntwarante 2016, 07:31, par Niyungeko Reverien
jew nipfuza ko bobandanya ico gikorwa cogutwenza kuku gutwenga bise akamaro nkahimiriza abakunzi bico kiganiro koboza baracitaba ari benshi nipfuza koboza gutwenza ino iwacu mu cankuzo
15 Ndamukiza 2016, 15:13, par ntirandekura augustin
mbe ico gikino kibera he? kiba ryari? mbe mwondungikira izind nkur zitwenz kur gmail?
7 Rusama 2016, 20:16, par Juma
Izonkuru zanyuntiziryoshe
7 Rusama 2016, 20:30, par NDUWIMANA Ezechiel
Pourpuoi Vous Ne Voulez Pas Venir Chez Nous Au Burundi? Nous Sommes Content De Votre Comedie Car C’est Bon Qui Nous Met A Rire
7 Rusama 2016, 20:31, par NDUWIMANA Ezechiel
Pourpuoi Vous Ne Voulez Pas Venir Chez Nous Au Burundi? Nous Sommes Content De Votre Comedie Car C’est Bon Qui Nous Met A Rire
8 Rusama 2016, 10:34, par Gilbert Ndayisaba
Nn Murabo Abarund Nibangahe?Bakund Gukinirahe?Bamundungikir Inkur Ziryosh Nkunz Gutweng Gake!
16 Rusama 2016, 21:45, par Serges Bigirimana W’ Ibubanza
Jewe Nsomye Iinkuru Zanyu Sintahura Neza Komwoba Mwavyiyumviriye Muruyu Mwaka Gusa Ndavye Nukuntu Mumeze Ntawobura Gutwenga, Mwebwe Muzoramba Kubera Mukunda Gutwenga Nogutwenza Abantu. Courage Mubandanye Mudutwenza.
22 Rusama 2016, 10:01, par nimubona damas
ewe kuba muto nivago nagiye gusaba akazi nambaye kostime natiye nsanga irando ngeze mubiro munama sentir irifungura urunyo rwose hejuru ngo waaaÃ
19 Mukakaro 2016, 22:00, par fiston
mwodufasha mukaduha inkuru imwe munkuru z’umurwi umwe mu riyo mirwi ibiri
19 Mukakaro 2016, 22:02, par fiston
mwodufasha mukaduha inkuru imwe munkuru z’umurwi umwe mu riyo mirwi ibiri
9 Nyakanga 2016, 20:43, par Nduwayes
Muzoze Nomumuhwazi Tubahaye Ikaze
13 Nyakanga 2016, 10:57, par Christian
ni safi sana muraza murutana.ariko murabe mutwenze ivy’indero ba bana bacu ntibatirimuke mukuraba ibitwenza bibi.
13 Nyakanga 2016, 11:12, par Frank
ego mwarakoze ariko murabe ntimwonone ubwenge bwabana bacu kubwibitwenza bibi.kaze kandi no murutana.
30 Nyakanga 2016, 17:48, par Ezechiel
Mbega Icogitabo Bagitanga Kugira Binjire Ntamafranga Bari Bafise
3 Gitugutu 2016, 19:51, par Nduwimana Boniface
Nn Mudutwenz Gut ? Haryanatwe Tubatubishaka.Muraz Mutwenz Abagow Turab.
9 Gitugutu 2016, 21:47, par NAHIMANA SYLVESTRE
GUTWENZA ABANDI NIVYIZA NKIYO UWO UTWENZA ABABAYE CANKE ARI MUNGORANE UMUBABARO UCUHERA
27 Gitugutu 2016, 11:42, par Niyongabo Désire
Mpakano Ka Comedi Kandyoheye
25 Kigarama 2016, 16:21, par Deo Karusi
Jewe Barambereye Cane
2 Nzero 2017, 12:14, par VALENTIN
MPA UTWO DUKOMEDY
4 Nzero 2017, 10:17, par ogasta
jew ndaryoherw ninkur zanyu ahubwo ndungikira agakuru mbendatwenga.?ok
14 Nzero 2017, 07:27, par Nitanga Louis
Nukur Turashma Me Nne Ntakuntu Mwozamutugezaho Ama Video? Kuk Vyoduhimbracane.
20 Ruhuhuma 2017, 15:23, par viyane
numiwe pe!
25 Ruhuhuma 2017, 06:12, par Gacuti
Jew Ndaryohew Can Niz Nkur Nimumbwir Iyind Mbe Nditwenger
23 Ndamukiza 2017, 20:44, par Bukuru Ferdinand
Birampimbayecane Kko Comedie Zirandyohera Cane Kaze IBUBANZA Naho Turabishakacane
19 Rusama 2017, 22:53, par Ndayikeza Pacifique
Nivyiza cane ariko mwarimukwiy kuduha inkuru n’imwe yoyo natw tukaryoherwa
29 Rusama 2017, 20:57, par Reverien
Iyonkuru Irarenze Nryohew Nuko Batarihsha Hama Nibakomeze Nisawa Vraiment
7 Mukakaro 2017, 21:45, par Néné D’or Masabo
Turabashimir Ukunt Mutumenyesh Ivyabay Nibirik Biraba Twonger Dushimir Nabo Bacomedie Bacu Nibakomer Twasaba Kigingi Kuzaza Mu Rumonge Naho!