IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Komedi > Dieudonné yagirizwa kugomba kuzura umuzi w’urwanko rw’Abayahudi

Dieudonné yagirizwa kugomba kuzura umuzi w’urwanko rw’Abayahudi

mercredi 5 Ruhuhuma 2014

Dieudonné M’bala M’bala azokwrikiranwa n’ubutungane kubera amajambo yo kwifatira mu gahanga na bimwe mu bimenyetso vy’urwanko rw’abayahudi «Juifs» yagiye arerekana mu giteramo yagiriye mu gisagara ca Nyon kiri mu gihugu ca Suisse .

Dieudonné agitangura igiteramo, yatanguye kwifatira mu gahanga abantu avuga ko bamurwanya harimwo n’umwamikazi wo mu Bwongereza «Angela Dorothea Merkel». Ivyo bimenyeshwa n’umunyamakuru akorera ikinyamakuru AFP «Agence Française de Presse» yari muri ico giteramo. Ku murango w’uwo munsi nyene, hari hahejeje gusohoka itangazo ko Dieudonné abujijwe guhonyoza ikirenge ku butaka bw’igihugu c’Ububirigi.

Aho hose, Dieudonné M’bala M’bala aburagizwa kubera yoba agomba gusubira kuvyura umuzi w’umuhari wa NAZI warurongowe na Adolph Hitler bivugwa ko wagadaguye imiriyoni n’imiriyoni z’Abayahudi «Juifs» mu ntambara ya kabiri y’isi yose.

Kuri uwo munsi w’igiteramo, abarongoye igisagara ca Nyon bari barungitse kuraba ko Dieudonné yerekana ikimenyetso ca NAZI nk’uko akunze kubigira. Hari harungitsweyo n’igipolisi co kurinda imishamirano ishobora kwaduka hagati y’abakunzi biwe n’abatamwerekwa, eka n’abo mu butangane bari baje kugira birabire imbona nkubona ivyagira.

JPEG - 21.3 ko
Abashigikiye Dieudonne

Dieudonné ntiyatinye abari aho, mu kwerekana ikimenyetso ca NAZI. Yamanuye ukuboko kw’ukubammfu amaja hasi, ukuryo agufatisha amaja ku rutugu. Ico kimenyetso cakoreshwa na Hitler mukwerekana urwanko afitiye Abayahudi. Ivyo yagira vyose barabifashe amasanamu azobabera ivyabona imbere y’ubutungane. Ivyo vyashikirijwe na Olivier Mayor, umunyamabanga wa mbere w’umukuru w’igisagara ca Nyon.

Ayo makuru abandanya avuga ko Dieudonné yari yarabujijwe gushira ahabona urukwirikirane «Le Mur»mu gihugu c’Ubufaransa kuko bimaze kuboneka ko aguma yerekana cane urwanko afitiye abayuda.

Imbere y’ubutungane Dieudonné M’bala M’bala ntiyera na gato, kuko mw’isakwa rwakozwe kugira barabe ubutunzi afise, basanze abitse mu nzu igifovya c’ama Euros 650.000 hamwe n’amadorari 15.000.


Chérif nkeshimana

Messages

  • Ibintu mwandika muba mutabitekereje kabisa. Histoire ya dieudonne ntayo muzi, reka gukora copy paste yibyo aba murwanya bandika, ahubwo urebe nibyo abamukunda bamuvugaho. Ibuka ko afite itotezwa azira ko ari umwirabura nkawe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.