IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > COSOME: Ibizova mu matora ntibishobora kwemerwa na bose

COSOME: Ibizova mu matora ntibishobora kwemerwa na bose

samedi 27 Ruheshi 2015

Ishirahamwe ryishinze gukurikiranira hafi ibijanye n’amatora mu Burundi COSOME risaba Reta,umugambwe CNDD-FDD hamwe n’iyindi icuditse nawo,ko amatora batunganije atarimwo bose,ibiyavuyemwo bidashobora kwemerwa na bose,kandi bibe mu muco.

Mw’itangazo ry’ishirahamwe COSOME,ryateweko umujkono n’umukuru waryo,Justine Nkurunziza kw’igenekerezo rya 25 Ruheshi,iryo shirahamwe rimenyesha ko rishima utwigoro tw’akarere ka Afrika y’ubuseruko n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika,igenwa ry’umurwi w’abahuza,ivyo bikerekana ko amakungu akurikiranira hafi ibibera mu Burundi.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe COSOME ryizeye ko ikibazo c’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu hamwe n’ikirangaminsi c’amatora cumvikanyweko na bose,kiri mu bizoganirwako.

Ishirahamwe COSOME rigasaba iyugururwa ry’amaradiyo ata kirinze gusabwa,kugirango bifashe abanyagihugu kuronka agateka kabo ko kuronka amakuru atandukanye.Ryibutsa ko kugira habe amatora abaye mu mahoro,mu muco kandi yitabwe na bose,umutekano hamwe n’ihunguka ry’impunzi bitegerezwa kuza imbere.

COSOME irangiza yibutsa ko idashobora gukurikirana amatora ateguwe nkuko ariko arategurwa mu Burundi,igasaba kandi iyubahirizwa ry’ivyasabwe n’ibihugu vyo mu karere hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.


Van Naris

Messages

  • Ndayibe gayemw!!!
    murakavamwo mwongorey CENI nakare.

  • mwavyanditse neza ngo ryishinze gukurikiranira hafi amatora.niwe yavyishinze kandi niwe avyikuyemwo.none abo avugira batayarimwo ninde yoyabashiramwo kunguvu?kandi si ubwambere bamwe barabimenyereye no kuyikuramwo ngo yibwe.nibavuhishe ukuri batinya candidature ya cndd-fdd.ivyo vy,ikiringo burya aho mwakabivugiye murusha abandi amategeko?muravangatiranya ngo amaradiyo yugururwe ahubwo za mushirako amaradiyo y,abagumutsi.burya ayo mashirahamwe muvuga mwoza kwiyamamaza mubanyagihugu kugira turabe uko murusharushanya,wewe woronka angahe.mwararondeye ubudumbidumbi bwokugurisha igihugu mugabo turi maso.baza mugenzawe pacifique yahora avuga ngo afise9millions avugira ko atabuze na 5milles bamuja inyuma.

  • AHUBWO NIMWOMOKE NKUKO BAGENZI BANYU BAMAZIMISI BABIGENZA MUGENDE KWAKAGAME KWIPANGA NDABICO MUHINDURA

  • ABATAVUGA RUMWE NA RETA,AMASHIRAHAMWE AMWE AMWE AVUGA KADAHARANIRA INYUNGU ZA POLITIQUE BIRAGARAGARA KOBATIGEZE BASHAKA KO HABA AMATORA,MUGUHARANIRA INTWARO MFATAKIBANZA ,AHO BAKORESHA INGUVU MUKUGENA ABO BISHAKIYE! ARIKO TWE BATOBATO TUVUGA DUTI:UBUTEGETSI BUTANGWA N’ABANYAGIHUGU BICIYE MUMATORA !NIBAREKE IVYITWAZO VY’IBIRINGO VY’UMUKURUWIGIHUGU GKO NIMBA BEMERA KUBUTEGETSI BUVA KUBANYAGIHUGU BAZOTSINDA AMATORA NIMBA ABANYAGIHUGU BABEMERA. NAYO KWIKURA MUMATORA NDYANGO BABONYE ATABOBATORA! ARKO NTIBAZOBUZE AMAHORO ABAZOJA GUTORA GKO BATORA UWOBASHATS KANDI BABIFITIYE UBURENGANZIRA!NDAKEBUYE ARYAMASHIRAHAMWE AVUGA KADAHARANIRA IVYICARO VYA POLITIQUE KOYOREKA KUBUZ ABENEGIHUGU GUTORA GKO BABIFITIYE UBURENGANZIRA!NTIBAGIRE UMUGENZO GUKORESHA ABA JEUNE MUBITABAGIRIRA AKAMARO AHO BOBERETSE IMIGAMBI YOTUMA BITEZA IMBERE TWE DUSHAKA AMAHORO NIBAREKE ABENEGIHUGU BAZOCA URUBANZA.

  • murabesha ikinyomsa kizokubitirwa ahabona.Mutinya iki kuja mumatora?

  • kuva imyaka 54 ans sinigeze mbona hano muburundi haba amatora yemewe na bose, hamye hari ivyobatumvikanako umenga ni umuvumo,93 nabwo vyasa nkaho ari vyiza ariko nyuma mwarabonye ingene vyaheze. nabana bacu n’abazobakomokako ntivazobona amatora yemewe nabose ngaha iwacu kugeza Yesu agarutse.

  • Ntimuzokwemera ibizova mumatoka ahontubeshe nomumatora yomuri 2010 ntimwemeye ivyavuye mumatora murumvarero nikomwiyamiye ( Tubanyembazi)

  • emma
    wamudamuwe wahenzwe nande uvuyemwo amatora araba ntagisivya.

  • Aho rero yibazako hari gishasha aazanye,nta na rimwe yigeze yemegwa n’abatutsi cane cane,ubu hiyongeyemwo abahutu bamwe bamwe abo nabo birabasha,twebwe tuzi iyo démocracie yadukuye ata ambitions zindi dufise turayajamwo rien que pour punir ces traitres comme onesime,rufykiri n’abandi

  • Mwese mwatanze icuyumviro kumajambo COSOME yashikirije.Biboneka yuko mwese mushigikiye amatora arimwo utunengenenge kandi kumajambo mwanditse birumvikana yuko muhurikiye m’umugambwe CNDD FDD.None mwebwe amaherezo mubona nayahe??? Mwebwe ntimubona ivyo COSOME yavuze yuko arivyo.P6

  • Ahubwo amatora yuyumwaka arateye isoni,nayabagarariji, atacobubaha, bantasoni, umuntumwe niwe yise umwana ngo bizorame ntangare,kuko umwana wurukundo umubona hakiri kare.uyumugabo nkurunziza Piter.ikiryoma yaracigiye coguhenda abarundi, ngo yarakijijwe Ni yomana atayamenya. uzi Imana arumvira, uwuzi Imana ntiyica,ntiyiba,urondera ubusuma uzobusanga kwa Nkuruziza,nibind nibindi ntiriwe dadodora,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.