IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe FNL ushobora gukinjura mu ma CEPI n’ama CECI

Umugambwe FNL ushobora gukinjura mu ma CEPI n’ama CECI

mercredi 29 Gitugutu 2014

Umugambwe FNL ishami ryemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umenyesha ko wiyamirije wivuye inyuma ingene ishingwa ry’imirwi yo mu makomine ajejwe gutunganya amatora, CECI ryagenze.

Umukuru w’uyo mugambwe Jacques Bigirimana amenyesha ko umugambwe arongoye warenganijwe cane, kandi ko no mw’ishirwaho ry’imigwi yo mu ntara ijejwe gutunganya amatora, CEPI, ngo ako karenganyo kagenze uko nyene. Kubwiwe rero, ngo CENI ifise umugambi wayo ataho uhuriye n’ivyo yari yumvikanye n’imigambwe mu biganiro vyose vyagiye birayihuza. Igitanganje nkuko Bigirimana abandanya abivuga n’uko CENI ishaka kuvyikurako ikagomba kubisuka ku ma CEPI, kandi abayarongoye ata biganiro bigeze bagiriranira n’Imigambwe.

Umugambwe FNL ishami rya Jacques Bigirimana umenyesha ko ikibazo c’ama CEPI n’ama CECI ari ikibazo ca poritique, ngo sic’ubuhinga kuko kiraba amatora azojamwo imigambwe. FNL imenyesha ko yituye abarongoye ama CEPI naho biri uko, kugira bihinduke mu maguru masha hamwe atagihindutse mu vyo FNL isaba, umugambwe uca ukinjura mu ma CEPI no mu ma CECI kugira inkurikizi zavyo ntizize ziwuje ku mutwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • ntawuvugana iryamukanwa boy

  • Mudutohoreze amakuru yavuye muri BCR avugako hafungiwe abanyagwanda ibihumbi bibiri n’amajana atanu (abagabo 1800 n’abagore 700) kandi amakuru dukura ku baserukira ivyo biro bavugako bakubitwa kane ku munsi nukuvuga 2ku murango nakandi 2 mw’ijoro.

  • Ntibizokworoha mutama kuko ivyuwagiriyabandi nivyo uzogirigwa,ihangane ugwane urugamba ntugire ngo nukwama utora kunzira nkuko watoye umugambwe utawuruhiye harageze ko ukora niho uzobonekera canke usubize Rwasa nimba wonanirwa

  • mbemwabaye mute? igihecose hari ibitagenzeneza ngomurakinjuye komutiyumvira kubantu babashigikiye canke bifuza kubashigkira uko niko bahenze mutama rwasa nawe akaduhemukira,erega nuko biba vyakozwe nabomutavugarumwe kandi muri poritiq nuko bigenda uhangana nivyo, ninkuko namwebwenyene. mugiyemwicokibanza vyo gendankukonyene. ariko igihambaye. suko mukinjura oya, kuko mwoba munaniwe hakirikare. ntacomwoba mudufashije gumamwo kuko ivyo mudashoye imana irabishoboye niyo yimika, ariko gerageza musubizehamwe nabo twahora dusangiye urugamba bizobavyiza kuruta.MURAKOZE

  • Jacques ntimukinjure mwoba muhemukiyeCNDD FDD muribuke ko ariyo yabashikanye aho muri.

  • Bigitimana J reka bogundukirire,wahemukiye Rwasa nngo uzobana ijambo

  • Jacques we niwicecekere .mbega wibazako abo ba dd murikumwe ? Sha bari bakwiboneye ko uri akajuju ko gukoresha kugira ngo uhemukire bene nyoko. None vyakugendeye gute ? Nawe ntiworubona .nugupfa uzopfa aba dd bo ntibarya amazi.

  • Nintango .ingero yumunyacaha ni urpfu.

  • Jacque bacumugani bati:<INYENZI YISEMA YADONDEYE KUMURUNDI WINKOKO.>Yuda yaguirishioje Yesu muguifa yariwe nibisiga.esicompa mnlaboniherezo rywe!!!

  • nonega Bigirimana ahowumiye kumugabwe FNL uzi ningene Gwasa yawukoreye imyaka myishi ukigira icitso! Ahontubona kukwiye kumuhereza umugabwe wiwe Ijamboryimana rivuga kumugabo azorya arushe none rero wewe ntugomba ibikurusha!hinge aboba DD baguhinduke.subiza hakirimumagurumasha uwomugabwe benewo!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.