IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > FNL : "Ubwicanyi bw’Abanyamulenge bwobazwa ubwa mbere abacunga (...)

FNL : "Ubwicanyi bw’Abanyamulenge bwobazwa ubwa mbere abacunga ikambi"

lundi 15 Kigarama 2014

Umugambwe FNL urongowe na Rwasa Agathon atemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu umenyesha ko ugukurikirana mu butungane Rwasa Agathon bamwagiriza ubwicanyi bw’abanyamulenge, ari intumbero y’ukumwigiza inyuma mu matora yimirije.

Mu gihe mu gatondo ko kuri uwu wa mbere ariho bitegekanijwe ko Rwasa Agathon arenguka mu butungane ku rubanza rw’Abanyamulenge bagandaguriwe mu Gatumba mu 2004, mu mugambwe FNL utemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bamenyesha ko ukwo gutumako mu butungane Rwasa Agathon ari umugambi w’ubutungane bukoreshwa mu ntumbero y’ukwegeza inyuma uwo mukuru wa FNL, ntazoshobore kwitaba amatora ategekanijwe mu 2015. Mw’itangazo basohoye, muri uwo mugambwe bamenyesha ko batangazwa n’ingene ubutungane bw’Uburundi bwokwihutisha urubanza rumwe rw’abo banyamulenge, bukirengagiza imiriyoni z’abarundi zapfiriye mu bwicanyi bwabaye imbere y’ubwo, gushika n’ubu impfunzi n’abapfakazi bacitse kw’icumu bakaba bagisaba ko ababiciye ababo boshikirizwa ubutungane. Muri iryo tangazo ry’umugambwe FNL bakavuga ko ubutungane bw’Uburundi buriko bukoreshwa mu ntumbero y’ukurondera ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, hamwe n’ukwegeza inyuma abo bose biteguriye guhiganwa nawe mu matora yimirije.

Mu mugambwe FNL bavuga ko ubwicanyi bw’abo banyamulenge bwobazwa abajejwe umutekano bari mu makambi abiri, imwe y’abaporisi, n’iyindi y’abasirikare bari bacunze iyo kambi y’impunzi z’Abanyamulenge, batigeze basohora urusasu na rumwe mu gihe abo banyamulenge bariko baragandagurwa. Muri iryo tangazo bati : "Umukuru w’ikambi y’abasirikare bacunga ico kibanza niwe yobibazwa ubwa mbere, kandi ategerezwa kuba afise kuba afise ico abiziko."

Uwo mugambwe wibutsa ubudahangarwa vy’agateganyo vyahawe Rwasa Agathon, ugasaba umushikirizamanza mukuru wa Repuburika Valentino Bagorikunda, hamwe na Agnès BANGIRICENGE, umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa, ko bosubira bagasoma amasezerano y’i Arusha, hamwe n’amasezerano y’uguhagarika intambara yateweko umukono mu 2006.


Egide Nduwimana

Messages

  • ubwo n’ubwoba mutama tukuri inyuma ntugire ubwoba abarundi tukuri inyuma.

  • Urabirabye neza urabonako uru rubanza rufise intumbero ya politike, ntiwokwibagira abarundi batikiriye mu ntambara zahitiye nkaha plus10000000 ,Ngo urabe gusa abantu 160 gusa,barundi nimwisonere Ako ni agasuzuguro karengeye ,niba murundora ubutungane ngaha hari imanza nyinshi mwagahereyeho mbe Ndadaye nta Maraso yagira, yemwe abahutu uwabaroze ntiyakarabye , mukomeze muryane mukumbuye gusubira Tanzaniya kurya ibigori, ikibwirwa nicyumve nahubundi amaraso mwamennye mubohora iki gihugu yoba yaramenekeye ubusa,mwikebuke.

  • Komera mutama wacu ntibakorako kuko bihenze cobagifashwe ubunyene harya turiteguye neza abanamarimwe turahari kuva ahobatuvyongeshereje agatoke mujisho ububarikwirabira iyo bihenda bakamukorako niho baca babona kumu FNL ahari kuko twari twiteguye neza noguhangana nubwo butegetsi kuva unomunsi batinye harya ntawuburicatinya

  • Abarundi ni tumenye kandi twame twibuka ko amaraso y’umuntu yama ahuma, amatora abaho canke atabaho. Uwayasheshe ntashobora kuyaronkana amahoro. hari umu sans echec umwe aho ku musaga, yapfuye yasaze, asigaye amanuka aha mu gisagara yambaye ubusa, kubera amaraso y’inzirakarengane yari yarasheshe ca gihe c’ama bors. Ako ni akarorero kamwe. Abarundi tumenye ko amaraso yasesetse ari menshi cane, atayandi agikeneye guseswa, ntitwame tubifata nk’umukino. Tunyinyurane ukundi ariko gusesa amaraso tubigire umuziro.

  • turakeneye kumenya ukuri,ku ma mine yatezwe mugisagara cabujumbura,turakeneye ukuri kuvyabereye ITEZA,IBUTA,Ibugendana,Atanze URUHUSHA RWOGUTA ABA FNL MURI RUVUBU,ABISHE PRESIDENT NDADAYE ,MANIRUNVA,Ababikira baba taliano bi NGOZI,nabo MUKAMENGE;ABANYAGATUMBA BARIKO BIVUNA AKANYOTA ..................................................................................... TURAKENEYE UKURI DUKENEYE SENTARE MPUZAMAKUNGU KUKO ABO BACANGERO NGO NI ABACAMANZA NTAVYO BOSHOBORA.

  • President Nkurunzinza n’abo bari kumwe ko tuzi ko intwaro basubiriye yari yabakatiye urwo gupfa, none bo ko uno musi batwara? Bagorikunda ko yumva azi gushira mu ngiro ingingi z’ubutungane nakore turabe abahereko . Abacamanza nk’ abo nibo bsmye batuma igihugu kirwa mu kaga , ahubwo yarakwiye kubogozwa

  • ariko uwuzi ko yasheshe amaraso naho yoba afise ubudahangarwa amenye ko atari amazi yasheshe umwe wese imana irazi abantu yatse agashusho kayo imana iramuzi kandi azotinda agaragare imana iti murabikora nkihorera mukibaza ko mpwanye namwe.

  • KOmera mutama TUKurinyuma vyaba vyiza babaye barakubisa ubarongore kuko cabananiye pe ,nibatahe

  • nibagwe hiyo abo bansumirinda ngo n’abacamanza

  • Komera Mutama " Ibisigaye navyo basogokuruza bicishijwe ibisonga kuva 52, 72 gushika aho berekanako ubwicanyi kuribo Imana batayizi numukuruwigihugu baramwubahuka muri 1993 aragandagugwa " Ntasoni mufise uwararongoye igihugucosebarakererankimpene ari President " Tugomba amahoro namwe mukagomba intambara kandi?!?

  • cndd umengo basigaye bara paranganye kubera ubwoba,nabarundi bangana iki bishwe kandi tuzi nababishe bicaye ngaho mugabo imbwa irya uwizi hama ngo abamyamurenge bariko bitoza ngobaze gutikiza inganda muri rdc mbe? abo banya murenge bishe abanganiki?muburundi? uko bigenda kwose muzovako tu na mutama komeza wibuke president michel c sata wazambia bamwivye incuro zitatu mugabo aruhuka agateruye mugabo benshi bumvise ngo aratsinze bahise bahunga nabangi bitegure twese twara kugwanya mugabo ubu tukuri inyuma now we need the change.

  • None aba dd ntiboreka amatora akajamwo bos aho gukumira aba nabariya??ubwobwoba buvahe kandi bavugako bahejej guharura??mbe Nduwimana wew ivy’ubutungane na Rwasa avyinjiramw gut?cank niw yariyamuhamagaj??mbe uwutishe mu burundi ninde??mbe abanyamurenge boba bava ayatukura??jw nibaza ko bava amakamano(amata)!!

  • Mwa bahutu mwe muritonda canke mukumbuye gusubira muri Tanzania kurya intete,reka aba DD babatware kuko babarusha ubwenge,Agathon n’abasoda biwe yabahemvye yeboyebo kubera ANSS,none umuntu yahemutse kubera ANSS niwe yotwara uburundi nasubire kwishure kuko nokwiga ntiyize,mukamuha igihugu abatutsi turasubira kubomora musubira kurya amasaka imutabira.

  • Shaa nibateshwe nage!kuko ivyaha vyakozwe mu ntambara tubirindirije CVR nahandi ho Bwana AGATHON RWASA ihangane ntaco bazoshikako kuko bashaka kukuburagiza ngo ntiwitoze mu matora kuko bafise ubwoba bwo gutsindwa;nibaguhe amahoro widegemvye mu gihugu cakwibarutse mu mahoro hama ubakubite impfupfu mu matora ejo aho bukera Komera utsinde ubwoba agati gateretswe n’Uwiteka ntigahenurwa n’Umuyaga!!!!!

  • Nukuri barihenda kuk imitego yose batega umengo mubamuri kumwe kuk muca muyimenya niyo mpamvu bo kwihanura bakkemera bigaca aaho vyociye kuko imitego ni myishi bateze muga vyaraanse...
    rero nibaareke ubwobaa batsinda cankebatsindwa bavyemere kuko murukino haabaho gutsinda no gutsindwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.