IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > FOCODE isaba abakuru b’ibihugu vya Afrika kutaguma bashaka kwiyongera (...)

FOCODE isaba abakuru b’ibihugu vya Afrika kutaguma bashaka kwiyongera ibiringo

vendredi 31 Gitugutu 2014

Ishirahamwe FOCODE rimwe muyadahanira ivyicaro vya poritike, risaba abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika bariko bararangiza ibiringo vyabo, kuvavanura n’ingendo yo gusahaka kwiyongeza ibiringo bitemewe n’amategeko.

Ivyo Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE akaba yabivuze inyuma y’aho umukuru w’igihugu ca Burkina Faso ataye agahunga, abanyagihugu bamugumukanye kubera yashatse guhindura ibwirizwa nshingiro ngo yitoze ubugira gatanu. Blaise Compaore rero ubu bikavugwa ko mu guhunga yoba yafashe indege ya kajugujugu yigenga, bikavugwa ko yoba yagiye mu gihugu ca Ghana.

Uwo arongoye FOCODE asaba umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza hamwe n’abandi bakuru b’ibihugu bitandukanye vyo muri Afrika kuzorangiza neza ibiringo vyabo bahabwa n’amategeko. Kubw’iwe, ivyo baterekuriwe n’amategeko bobiheba. Mwomenya ko FOCODE co kimwe n’ayandi mashirahamwe nka FORSC rihurikiyemwo amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, basavye umukuru w’igihugu c’Uburundi ko atokwitoza ubwa gatatu mu kurongora Uburundi. Bakavuga ko amasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi bitabimurekurira.


IGIHE

Messages

  • Pacifique wewurintumva umukuruwigihugu ahoyakavugiye ko uwuzokwitozawese kwazotegerezwa kubahiriza cankekwisunga ibwirizwashingiro ryuburundi namasezerano ya Arusha warihehe? Birantaje kwumva uriko uramushira mukibanza kitariciwe! Twebwabarundi ntituzokwemerera ko umukuruwigihugu twitoreyekabiri twebwenyene ubwacu kwongera kumutora ubwagatatu. Nonega Pacifique wewumaze gutora uwo prezida Nkurunziza kangahe tutabeshanye?

  • Ndabaza Pasifike nti: Pasifike umaze gutorakangahe uyu perezoda Nkurunziza wewe nyenubwawe? Ndazikwaririmwe naryonyene sukuvugako ariwewatoye arikonigihe abenegihugu bahamagariwe kumwitorera.

  • namwe mwiteguye kugumuka murabikora turabe,ko murabagabo wama,witinbere ndakwinginze 2015 uzitoze muhiganwe na pita turabe amajwi uronka aho mwagumukiye kuva mukirongoye yamirwi yabasanzesheke ntimurabona kwatanyungu mbega weho wibaza kuzorangiza neza namaraso yababanyeshure bomuri kaminuza wicisha

  • Sha uravuzukuri ahubwonatwe tuzobikora kurya kwomuri brkn faso ntamikino

  • jewe hako pacifique yokwama akoresha akarimi nashinge umugambwe nawe yitoze canke aje mumugambwe wabo mcd yitoze. turabazi. kwazi kuvuga ivyabandi . niho bavuga ngo inda yumworo iboneka agasamo. uburarambiwe,nabado ruzocimana tenyenya komutaribwahindure uburundi pradiso amakosa yabandi yo murayabona huuu.

  • Benedata ntimwibaze vyishi ikiriho ibiringovyiwe bibiri birimuguhera nagende amahoro ivyoyakoze twarabibonye rekaturabe ingabire zirimubandi nabo cane cane Gwasa ikindi arabire kuribuyoya Inmyaka yaguma yiyongeza akica abatowe kugira atware ariko kundunduro yavyose araho none ubona yakuyemwiki!nimumenye kwivyisi bitamagwa!ntamagwa rero ararekwa!!

  • Nyakwubahwa mutama se barundi Peter,akwiye gutwara imyaka 50 kugirango igihugu mutere imbere.kuko perezida gutwara imyaka 5 akavaho nubuhombe bw’abafrika ninyungu kubandi ntavuze.Kurikirana ibihugu bifise abatware batwaye imyaka myishi ivyo bihugu nivyo bifise ijambo.perezida akuwe inyuma ya 5yrs ntaba aramenya amagorwa y’igihugu.Dusumbwe ubwenge nabami ba kera.?Igihugu gikwiye gutwagwa numuntu akiri muto 25yrs hanyuma atware 30 yrs.

  • Ntaco novuga kuri commentaires zanyu mwese. reke turindire tuzoraba amaherezo ya Peter. Iyo abiyumviriye kwica Ndadaye baza kumenya ko abahutu barigushobora gufata inkoho bagakora iki rebelle, ntabwo bari kumwica. raba aho bibagejeje ubu. N’ubu rero Peter n’abiwe bashobora kwibaza ko abarundi bose ko boba basinziriye , ndetse bagategura uko bobo bibaza vyogenda muri 2015; nobabwirako bazotangara basanze ahubwo baguye mu mitego hama bagatakaza ubutegetsi bara bafise....! Buca ndora, reka nsabe kuramba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.