IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Général Evariste NDAYISHIMIYE yatowe kuba umukuru w’umugambwe CNDD (...)

Général Evariste NDAYISHIMIYE yatowe kuba umukuru w’umugambwe CNDD FDD

samedi 20 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe ry’umugambwe CNDD FDD ryo kuri uwu wa gatandatu ryashize Général Evariste NDAYISHIMIYE mu kibanza c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD, ariko mu ndinganizo nshasha z’uwo mugambwe, akaba yitwa umunyamabanga mukuru w’umugambwe. Icegera ciwe ni Joseph NTAKARUTIMANA.

Muri iryo koraniro ridasanzwe, uwahora ari umuvugizi w’uwo mugambwe, Daniel Gélase NDABIRABE yagizwe uwujejwe ubuzima bw’umugambwe CNDD FDD. Zénon NDARUVUKANYE nawe akaba yahawe ikigega c’uwo mugambwe. Umunyamabanga nshingwabikorwa ajejwe kumenyesha amakuru muri CNDD FDD ni Nancy Ninette MUTONI.

Géneral Evariste NDAYISHIMIYE yahawe ikibanza cahoramwo Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka. Uwo agiye kuramutswa umugambwe uri ku butegetsi akaba yari amaze iminsi yanditse ikete ry’ugutanga imihoho mu gisirikare c’Uburundi, ivyo yemerewe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, nk’uko tubikura mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/157 ryo kuwa 18 Mukakaro 2016.

Pascal NYABENDA umukuru w’umugambwe CNDD FDD asubirijwe mu gihe atari bwaheze ikiringo ciwe, kuko coheze kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2017.


IGIHE

Messages

  • Ego Nivyiza Kuba Boba Bitoreye Undi Mukuru Wumugambwe Ariko Ico Twomusaba Nuko Yoraba Agahindura Ingendo Zabamwebamwe Bibazako Kuba Umugambe Waratsinzamatora Bidasigurako Urumunywanyi Uburengeye Ubutegetsi!Akabahanura Bakirinda Gutoteza Abo Batavuga Rumwe!

  • UWOMUJENERARI NIWAZOBARAMUTSIGIHUGU KUYINDI MANDA

  • Nibyiza Yuko Yotwara Ataneguye Ivy’abandi Bakoze.

  • ntibitangaje ntiyatowe kwabaye kumuterekaho.agakino barimwo bitebe bitebuke,bizosambuka.imana ntishobora kwemera ko uburundi buba ikirimbiro gyinyamaswa.

  • ndabakeje cane kubona musizeho uwahoze ari umusirikare, turinyuma yanyu batama bacu, mukomere kurugamba gokugwanya abansi bigihugu atakindi bashaka atari kutwamiza muntambara, imana mushobora vyose ibajimbere mumabanga yanyu tubipfurize amahoro nukwikurako uwowese yoshaka kudusubiza mwishamba.imana ibahezagire

  • nivyiza cane ariko ivyobibanza baravyitwaremwo neza ntibazobe bampema yuzuye. kandibikwegerako. kandi naho bahawe ayomabanga ntibazoshigikire mandant yakane.eee !! nzobandora.>

  • None Nkubu Hoba Intambara Ntiyofata Inkoho?

  • nivyiza cane !ndaryohewe kuba hatashitse umusivile!nagume!

  • Ako Ko Kajagari Mukora Akari Nyuma Karahinda Mumenye Yuko Isi Izunguruka Ntamusoda Ata Gukina Politique Iyo Ni Muceze Wandani

  • Ukonuguta Umutwe Ivyabo Bigiye Kujahabona.

  • Nisawa Azobonekure Nka Nkurunziza Mumwaka2020 Tuzomutora

  • Nisawa Azobonekure Nka Nkurunziza Mumwaka2020 Tuzomutora

  • Komera turagukeje maze uzohagarare rugabo nkuwo ukoreye mugata, kuko hanzaho haramafranganga meshi ibihugu vyaburaya canecane ububilingi bwateguriye guha abantunkamwe mugihe mubemereye guteza akavuyo mu Burundi bwanyu, uritunga maze uzoryeduke wiryamirekare mwana wamama ntuzodutetereze nka Niyombare, na Gaciyubwenge nabandi.

    Hariho nabandi bemeye baryaduke wiryamirekare nkuwari umukuruwamatora yemerewe amaherameshi ngomaze abivemwo acahunga arabarahira,
    Uwari umushikiranganji witwaro yohagati mugihugu Edward Nduwimana yemerewe amaherameshi ngwacahunga arabarahira ko atagiye kwambika ibara igihugu ciwe, abari abashinzwe kwubahiriza ibwirizwashingiro ryuburundi barabashitseko ngobabahe akayabu kamahera ngobahungire icarimwe barayareka kuyatora ariko umwe biramunanira kuyahumugongo arayatora maze aromuka ajagutangura kuvuga ayamuhe, ntahobahaye umugongo burya numukuru wigihugu baramwihererekeranije ngwabemerere atangaze koyitandukaniye nabarundi kubikanye nokubabera umukuru wigihugu ngoniyemera akitandukanya nabarundi ngobacabamuha Isiyose ayiyonore mubijanye nivya sport (football) nawe yaraye guhemukira bene Burundi, hariho nuyundi musirikare bicanke numugore wiwe nabana baramugezeko arabarahira , hariho nabandi ntavuze kandibarondewe cane nka Agathon Rwasa na Barukara (umuhuza nabarundi)
    Nimwumvandababwiyeko ururukamba rwarwanwe nabahutu nabatutsi nabatwa ntimuzobifate ngo nuko navyawe nabavyeyi bafise ubwokobudasa muzobifate kwarukuri. Ivyorero nivyobigiye kuzotuma ibihugu vyose bibonako uburundi bukwiye kurungika abantu boguhanura ahobizobavyagoranye kw’Isi yose, ariko abamaze kubimenya bacabihatira gushaka ko abarundi bacanamwo mbere bakacabadukatitira kutwita ko twakoreraniye genucide kunguvu ntakindi numuzuno kubera babonyeko twababanye bantahangarwa ariko baribesha tuzokomeza kubemeza.
    Kugezanaho tuzobategeka biciye mwazanzego mpuzamakungu, rekambonereho kubwira amoko yose yabarundi abe aritegurira kuzoja munibaza bikomakomeye vyamashirahamwe mpuz’amakungu kuko kugera uyumusi uburundi buramenyekanye bikwiye kandi benebwo babigizemwo uruhara babicishije mukwifata runtu.
    Imigambweyose ikunda igihugu cabo yusumba guhabwa amafranga yokugisamnura komeraaaaa
    Abahutu rambaaaaaa,
    Abatutsi rambaaaaaa,
    Abatwa rambaaaaaa,
    Ramba komera numukuru wigihugu cacu Marshari Petero Nkurunziza

  • Ni Zenon Ndaruvukanye; ntabwo ari Ndabaneze

  • ABIPFUZA KURYA IVYO BATABIRIYE AKUYA NIBATESHWE BATE. IGIHUGU CARAGWANIWE KANDI CAGWANIWE UBWA MBERE NUBWANYUMA. NTA NTAMBARA IZOSUBIRA KUBA MU BURUNDI. MUJERI NIZISHAKE ZISHIRE IBIGWANISHO HASI. KIRAZIRA KUREKURA. ATARI AMATORA NTAYINDI NZIRA HOSE HARUGAYE. SANGWA AMABANGA MASHASHA NYAKWUBAHWA.

  • Turagukeje Mutama Wirambira,ube Umugabo Azirubwoba.

  • Bagumyabanga ndabashimiye mwatoye abagabo n,abakenyezi bijunja n,ijambo nibaje kwivora badushikane kuntsinzi ya (2020)mwirambire Imana ibaje imbere muvyo mukora muguteza imbere igihugu cacu

  • Mbaze mwebwe mwandika komwivanga muvya politeque muri abamenyesha,makuru canke abanya politique?ngo NYABENDA ikiringo ciwe nticari bwahere yabagize ubavugizi biwe ryari?mwikebuke mureke kwivanga.KIRIMWABAGABO.uwuvuzininga avuzinanga uwo ni PAPA burundi yabivumereye

  • Mbaze mwebwe mwandika komwivanga muvya politeque muri abamenyesha,makuru canke abanya politique?ngo NYABENDA ikiringo ciwe nticari bwahere yabagize ubavugizi biwe ryari?mwikebuke mureke kwivanga.KIRIMWABAGABO.uwuvuzininga avuzinanga uwo ni PAPA burundi yabivumereye

  • birambabaje nimba général Evariste yatanze imihoho mugisirikare ngo agiye muri politike burya kurongora ingabo biraryoshe yari général?

  • ABAGUMYABANGA KOMERA!! ABAKEBA REMA!!

  • Pascal nyabenda yari yarenze akarimbi.amatangazo yiwe yari dommage

  • Nibyiza , Gitega Barateye Intambwe , Byavugwa Ko Bitoshobotse Ko Atotorewe Igitega . Nibige Ibisigaye Bihanze Igihugu

  • Nibyiza , Gitega Barateye Intambwe , Byavugwa Ko Bitoshobotse Ko Atotorewe Igitega . Nibige Ibisigaye Bihanze Igihugu

  • NAJE ZANTUMVA UBUHO ZIGIYE KUMVA .GENERAL AZOZIKURUGUTURA. KOMERA MUTAMA MUMABANGA YANYU MUHEJEJE KURONKA. RAMBA

  • I saaay ndemeye mu Burundi haracari umwizero ko ibintu bishobora guhagarara neza evariste ndamukunda kandi ndijeje igihugu cose ko arumuntu yitonda kandi atishima afise kumviriza uwariwe wese naho aba ari umuntu mutoyi turamuzi muhira ndetse no mu gihugu cose ntaho yigeze anavugwa mu manyanga nkuko abandi babavuga ndamukeje cane imana imujimbere ndibaza ko nawe anzi kuri tandoor restaurant muri rohero je ndi maitre d’hotel ariko narigeze kuba ndumu cuisinier kuri tandoor nkaba MVA kukaniga murutegama nitwa Nader batazira dillax boys evariste bug up and keep its forward we’re with you!

  • turameje Mutama wigitega iwacu

  • Emwe Nivyiza Mdakeje Umunyagitega Wiwacu

  • ego nivyiza ndakej umunyagitega wiwacu

  • TURAMUKEJE NATURONGORE ADUSHIKANE KUNSTINZI YA 2017

  • NTA MUGAMBWE URONGORWA NABASODA.IVYO VYEREKANA KO TUKIRI MUNTWARO ZA GISIRIKARE.EMWE ABARUNDI TWARAGOWE PE!

  • Umwanditsi yandits’amafuti gusa

  • Birambabaje kubona abansi b’igihugu bishimikiza izina rry’Imana. Nk’uyu mugabo yitwa jean claude Rukerandanga yanditse ngo "imana ntishobora kwemera ko uburundi buba ikirimbiro gyinyamaswa". Womenga niwe ategeka Imana. Reka ndakwibutse uko Imana ivuga: "

    Umuntu wese agambukire abategetsi, kuko ari nta butegetsi butava ku Mana, n’abategetsi bariho bashyizweho n’Imana. Ni cyo gituma ugambarariye abategetsi aba yanse itegeko ry’Imana, kandi abaryanka bazotsindwa n’urubanza... kuko ari umukozi w’Imana uguhesha ibyiza. Ni cyo gituma mutanga amakori, kuko abstegetsi ari abakozi b’Imana bitangiye gukora uwo murimo (Abaroma 13: 1, 2, 4, 6). Sinatahuye iyo mana utuzanyemwo iyariyo! Imana y’Uburundi, ntikorera muri opposition, ntaho ryabonetse, ikorana n’abategetsi yishiriyeho. Kandi opposition yemewe n’ubutegetsi turayifise mu Burundi, iyo yanyu si opposition n’inkorabara zo gusesa amaraso gusa. Twebwe twemera Imana y’Uburundi, turazi ko Pierre Nkurunziza n’abategetsi bose ko bashizweho n’Imana. Ariko kwoba ar’ukuvuga ibiterasoni tuvuze ko abashaka intambara bakorana n’Imana. Harambe umukuru w’igihugu cacu, harambe Uburundi n’abarundi!

  • Tura mukeje cane na komera kwibanga arushirizeho gukora uwasubiriye abarundi isinzi turinyuma yawe.komera.

  • Yoooo! Uyu general Evariste je l’avais capté qu’il doit être prêt et entraîne politiquement pour remplacer Nkurunziza dans le mandat prochain

  • Turabishimiye muzodushikane namwe kuntsinzi mumatora twatanguye kwitegurira yomiri 2020 nkuko Pascal Nyabenda yadushikanye kuntsinzi yomuri 2015 myempi turazi komuri abagabo kandi mushoboye.

  • NDABATWENZE,KO MBEGA BARATORA INZEGO NSHASHA KANDI UBUTEGETSI BWABO BUGIRE BUVEHO.

  • Ndabonako Umugambw Ugiyegutwagwa Nabasoda Gusa Nizereko Utazosubira Gusambuka Harya Wahugumba Nukowatwagwa Naba Civiles Batarinda Igitsur Cabazungu Nimwirambir Mwantekomw Turabashigikiy Umugambw Muwugumy Waratugoy Kuwushikako Mwibuk Vyinshi Twacamwo

  • Mutama irambire abarund tukurinyu kuko urumugabo wijunja nijamb

  • Umurundikazi Niyinsaba yabonye umudari. Gusa inyangaburundi nka Pacifique Nininahazwe ntanokuvuga merci kuri twitter. Buriya wasanga ari umuhutu niyo mpamvu byarakaje ba Sindumuja. Urwango ruzatuma zicwa nagahinda izo ntagondwa

  • Nivyizakwindongozizobisirana Mumahro Nivyo Uburundi n’abrundi Twipfuza

  • Burundi,iyo in leta yinterahamwe ibyo nkurunziza ari gukora ninka habyarimana mu 1994 ubwo butegetsi ninterahamwe zo mu Rwanda zisa nizazutse Burundi bumutima mwihangane ntakitagira iherezo

  • Kwaheli kwaheli Pascal na Gélase mugiye kumeswa canke mufate direction directe hakiri kare mwijane muri court pénale internationale (CPI)

  • KOMERA MTAMA KURUBIMBA TURINYUMA YAWE. NAWE UZEUDUFATE MUMUGONGO KOMERA

  • Turamukej Cn Nahangame Kungoma Imana Imuj,imbere Tukaba Turindirany,igishika Communique Yiw Yambere Imana Imuj,imbere

  • CARATUVUNYE MUGABO,NTAKUJENJEKA KANDI UBEMEZE.KOMERA KUMUHETO NTAKUGUGUMWA

  • Ukwo nukwitwenga,nibarize uwiyita muhire ,muko wigisha IMANA UZOBANZE UYIYIGISHE kuko ikunda abakora ivy’ukugororoka bonyene nayo abicanyi,abarementaniriza abandi,ibisuma ,abafata abakenyezi kunguvu,abangaza bene wabo,imana yabo ni shetani, yonyene yaravyivuguye igihe yagerageza Yezu,yuko ubutegetsi yabuhawe kandi abuha uwashaka,none ataruko abarundi twamugajwe nukuvuga imvugo yokwikwegerako umwe wese akaraba inyungu ziwe ,ko wemeje ko ubutegetsi bwose buva ku MANA,ayamuhe n’ibitutsi mwirirwa mutuka H.E KAGAME ,ntimwumva ko mwiruhiriza ubusa iyo mana yanyu imbibe zayo zigarukira mu burundi gusa

  • Turashimye Kuvyo Mwagize

  • @Mob. Ububwa warabuvukanye niyo mpamvu uvuga amateshwa. Uri Mubwa koko.

  • bury har gishash bagiy guhindur mumugambw wab cerekey fondamental kwarib bayitanguj

  • Mwese numva muvuga Imana nk’abatayizi. Ndabahe l’Histoire uwumva arumva. Igihe aba misiyonari baza kuba ku musozi wa Mugera, kandi wari umusozi w’Imana. Umwambire yuko abatera yabanje kuja kubaza Umupfumu wiwe. Nawe aca amubwira ati:" Urazirikana Mwami w’iburundi. ntuhirahire ngo umene amaraso ku murambi w’imana zacu. Bareke niba baje gukorera Imana tiwobashobora. Ariko niba ari abangushi Imana yacu ntizobemerera ko bahamara na kabiri." Uwumva niyumve jewe ngejeje aho si abari k’ubutegetsi si ababugwanya nimurabe ko harico kibafasha ico ciyumviro canje conze. Imana ibahezagire bavukanyi

  • Ndakej Inzego Zumugabwe Zose .Uwomutware Wumugabwe Nawe Niyirambire. Nayo Abavuga Bareke Batera Akajagari Babona. Komera Mutama Ubereke Ico Uzi. Imana Ikujimbere.

  • Ndakeje Nyakubahwa Umunyamabanga Wumugambwe CNDD -FDD Nyakuba Hwa Evariste Ndayishiye Nti Yirambire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.