IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gitega : Ikigo SOS kiriko kirahuza abana biciye mu nkino

Gitega : Ikigo SOS kiriko kirahuza abana biciye mu nkino

dimanche 2 Kigarama 2012

Umuyobozi w’ikigo SOS c’i Gitega ariko arahuza abana barerewe muri ico kigo n’ababa hanze mu ntumbero yo kubategurira kubana neza.

Ku wa 16 Munyonyo, umurwi w’ishuri ritoya SOS ry’i Gitega n’uw’ishuri ritoya rya Saint Luc ry’i Nyabiharage ngaho i Gitega yaratanye mu mitwe mu rukino rw’umupira w’amaguru. Nkuko Joseph Kitihabwa umuyobozi w’ikigo SOS c’i Gitega yabimenyesheje, ngo urwo rukino rwateguwe mu ntumbero yo kwereka abana barerewe muri ico kigo uko abandi bana bangana babayeho eka mbere n’ingene ubuzima bwifashe mu ngo.

Yaramenyesheje kandi ko, abana barerewe muri ico kigo bisanzwe bibagora kubana n’abandi iyo bamaze gukura bakakivamwo. Kubwiwe rero ngo ivyo biva ku kuntu umwana aba yarabayeho kuva akiri muto. Yongera avuga ko rero vyoba vyiza umwana ateguwe kuva akiri muto kugira amenye kubana n’abandi. Avuga kandi ko iyo bahuye hari ivyo bamwe bigisha abandi, bakaba rero bagerageza kubigisha kugira umutima mwiza w’ubucuti eka mbere n’uwo gufashanya ari no muri iyo ntumbero umurwi wa SOS watije umwambaro wo gukinisha umurwi wa Saint Luc atawo wari usanzwe ufise.

Kugira ngo bakomeze ubwo bucuti, Joseph Katihabwa akaba yaramenyesheje ko vyoba vyiza abana bo muri SOS bagiye kwiga mu yandi mashuri ariko ko afise amakenga ku nyigisho zitangwa mu yandi mashuri. Umupfasoni asanzwe arongoye ishuri Saint Luc akaba yarashimye cane iciyumviro nk’ico co guhuza abana eka mbere ngo inkino zikaba zifasha umubiri n’ubwenge.

Nkuko rero bamwe muri abo bana bo mu kigo SOS babimenyesheje ngo baja hanze gusa iyo bagiye gusenga kubera ivyo ngo bakaba bazinanye n’izindi mpfuvyi babana gusa.
Ibirori bikaba vyarangijwe no gusangira aga Fanta kari katanzwe n’ubuyobozi, kakaba kabaye n’akaryo ku bana ko kuronka abagenzi bashasha.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.