IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Gitega : Ingorane mw’itangwa ry’amakarata ndangamuntu

Gitega : Ingorane mw’itangwa ry’amakarata ndangamuntu

jeudi 28 Myandagaro 2014

Itangwa ry’amakarata karangamuntu mu ntara ya Gitega riraraje ishinga abari mu migambwe itavuga rumwe na CNDD-FDD, mu gihe bemeza ko ayo makarata karangamuntu ariko ahabwa abatarakwiza imyaka, abandi nabo bagahabwa izirenze imwe.

Umukuru w’umugambwe MSD muri iyo ntara ya Gitega akavuga ko abakuru b’amazone ari muri komine ya Gitega intara ya Gitega, bari mu bafasha gutanga izo karata ndangamuntu, mu buryo bw’amanyanga. Epithace Nshimirimana, umukuru w’umugambwe MSD akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko, ivyo vy’ugutanga amakarata karangamuntu muri ubwo buryo, ari ingendo yo kwiba amatora, mu gihe hasigaye igihe gito kugira abarundi bihitiremwo abazobarongora mu gihe c’imyaka itanu iza.

Asaba umurwi CENI kutica amatwi kuri ivyo biriko barashikiriza bijanye n’itangwa ry’amakarata karangamuntu. Ikibazo c’itangwa ry’amakarata karangamuntu kikaba kiraje ishinga abatavuga rumwe n’umugambwe CNDD-FDD, n’aho abarongoye intwaro co kimwe no mu mugambwe uri ku butegetsi biyamiriza ivyo bivugwa vy’amanyanga yo mw’itangwa ry’ayo makarata ndangamuntu.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.