Accueil > Amakuru > Poritike > Giteranyi : Onesime Nduwimana yateye ivyatsi inyifato y’urwaruka (...)
 Giteranyi : Onesime Nduwimana yateye ivyatsi inyifato y’urwaruka rwashamiranye
 Giteranyi : Onesime Nduwimana yateye ivyatsi inyifato y’urwaruka rwashamiranye
				
				lundi 9 Ruheshi 2014
Inyuma yaho urwaruka rwo mu migambwe ya CNDD FDD na Sahwanya Frodebu Nyakuri muri komine ya Giteranyi mu ntara ya Muyinga itaniye mu mitwe, umuvugizi w’umugambwe uri ku butegetsi yateye ivyatsi iyo nyifato.
Onesime Nduwimana umuvugizi w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD akaba avuga ko iyo ngendo y’urwo rwaruka rwo muri komine ya Giteranyi yo gushamirana, yo hanwa ku gatwe k’abayikoze. Asabna ubutungane gufata, bugahana abo bose bashamiranye bimwe vy’akarorero. Iyo ngendo yo gusubira kutihanganiranira mu vya poritike, ikaba yaheruka kwiyamirizwa n’urwaruka ruhurikiye mu migambwe itandukanye, mw’ihuriro bari bahuriyemwo ryatumweko n’ibiro vy’umuhuza w’abarundi.
Ku bijanye n’uko urwaruka rwo mu mu mugambwe uri ku butegetsi rwama rwagirijwe gushamirana n’urundi rwaruka ntiruhanwe bigatuma iyo mishamirano yama iriko iraba hagati y’Imbonerakure n’abandi, Onesime Nduwimana avyamirira kure, akavuga ko umugambwe avugira, ukorera ku mugaragaro, kandi ugahamagarira abawuyoboka bose gukurikiza amategeko. Mukamenya ko indyane zifatiye ku kudahuza mu vya poritike, zama zavuzwe, aho bamwe mu bari mu migambwe, usanga batunga agatoke urwaruka rw’Imbonmerakure kubatoteza.
Aristide Nizigire

Messages
9 Ruheshi 2014, 21:11, par Bumwe
Nihagira uwubacira urubanza uzoce uza ngusororere.mbega wumvise uko yabivuze?ngo baribenshi kuko hari ku soko bivuga ko nuwuzofatwa azovuga ko bamubesheye kuko yari kusoko.reka turindire.inama yabereye mu kayanza ntiwumva kubivugira ko ayaratanga uruhusha
10 Ruheshi 2014, 07:58, par mukobwajana
IBIHENZWE ABANA NGI INAKURU NI UMUGORE ..ICO NI IKIRUNDI...NTARWO BAZOCA GUSA NIBAREKE AMATORA ABE TUBIKUREKO NONE ABARUNDI NIBO BEMEYE GUTWARWA NI INGENGERA SE?????
10 Ruheshi 2014, 09:40, par ntaco francois
murapfa iki mwabana buburundi mwe
11 Ruheshi 2014, 18:51, par mukobwajana
DUPFA UMUTSIMA KO BASHAKA KUTUNIGA NGO BABEHO BONYENE WUMVA WEMERA KIRETSE BADUCACUYE IZOSI DA!!!!