Accueil > Kwidagadura > Hari ibimenyetso vyerekana ko umusore n’umukobwa bakundana vyukuri
 Hari ibimenyetso vyerekana ko umusore n’umukobwa bakundana vyukuri
 Hari ibimenyetso vyerekana ko umusore n’umukobwa bakundana vyukuri
				
				lundi 10 Kigarama 2012
Mu gihe uri kumwe n’umukunzi wawe hari utumunyetso dushobora kukwereka ko umukunzi wawe agukunda. Mu mvugo, ingeso, ingene murabana n’ibindi.
Kugira ntidusange twihenze, twaganiriye n’abakurambere. Umwe muri bo  yatanguye atubwira ko kera iyo umusore ariko araresha umukobwa  rimwe na rimwe  umukobwa yemeye, wabona aciye akatsi akagashira mu kanwa agatangura kugahekenya araba  hasi n’isoni nyishi, mukaganira yirabira hasi. 
Ico gihe umenya ko umukobwa muhava muvyumva kumwe. 
Ku muhungu nawe kubera ko akenshi ariwe yafata ingingo  akava iwe akaja iwabo w’umukobwa, wewe vyakunda guca biboneka  ko akunda umukobwa kubera urwo rugendo yagize.
Muri iki gihe bimaze kuboneka ko abantu benshi batagikunda nka kera, bamwe mu bakobwa bakunda umusore bishakira ubutunzi afise,na bamwe mu bahungu bagakunda umukobwa bishakira kuryamana nawe gusa.
Ariko hari abandi baba bazi ivyo barimwo akenshi uzobabwirwa no kwihagararako ku ruhande rw’abakobwa, ariko nawene urinze ubona abivuga ko agukunda, agashima ko muba murikumwe kenshi, akaguha umwanya wo kuganira, akakwitaho, ubutumwa bwinshi kuri telefona, akubaza amakuru yawe, ko wavyutse, waryamye, wafunguye, aho uri, ko akazi kameze neza, ko utarushe n’ibindi.
Nayo ku ruhande rw’abasore uzobibona ku bazi gufata ingingo no kwiha agaciro. Umusore akwitaho kandi akakwereka ko akunezererewe ndetse mwaba murikumwe ugasanga ntiyifuza kukurekura, akaguma akuraba, akubwira ko agukunda, akaguha umwanya mukaganira, mugafata urugendo rwo kuganira mutambuka bukebuke, mukajana muri sport canke mu rubanza n’ahandi. Bene uwo urukundo ruba rwamufashe kandi ruri muriwe.
Ariko rero n’agashegu canke ivyerekeye amabanga mpuzabitsina nivyiza ko mubiganira, mugacokozanya, mugakina, akanakubwira ivya kazoza k’urukundo rwanyu, ingene muzomera mumaze kubana, ico akunda, akakubaza nawe ico ukunda, akaguha utuganuke n’ibindi.
Ariko hari uwundi azokuratira ubwiza ufise gusa.
Igiteye agahinda ariko, ni uko usanga abasore b’indyarya bazi kubesha aribo inkumi zishidukira ku bwinshi. Gusa aha ntitwohateba  kuko bene abo bagenzwa n’ibirori  nabo kuko ata rukundo baba bafise, bifuza gutanga ya mafaranga ngo abayakeneye babemerere baryamane birangire ata kubandanya mu rukundo rwabo.
Aha tuvuze bike kuko ni vyinshi.
Eric Arinabo

Messages
4 Rusama 2016, 20:29, par Niyibizi Vincent
Muvyukuri Iyonkuru Ntabubeshi Burimwo .Kandi Iratey Igomwe Gusoma.Kandi Irigisha Cn.Amen!
4 Rusama 2016, 20:30, par Niyibizi Vincent
Muvyukuri Iyonkuru Ntabubeshi Burimwo .Kandi Iratey Igomwe Gusoma.Kandi Irigisha Cn.Amen!