Accueil > Amakuru > Poritike > Abamurungitse muri Leta basaba ko yobogozwa mu mabanga yiwe
Abamurungitse muri Leta basaba ko yobogozwa mu mabanga yiwe
dimanche 6 Gitugutu 2013
Ibiro bikuru vy’umugambwe w’Abadasigana Uprona biramenyesheje abarundi n’amakungu ko haciye igihe kitari gito babona y’uko inyifato y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu nyakubahwa Terensiyo Sinunguruza itakijanye no gukorera umugambwe wabo, eka mbere n’imigenderanire hagati y’ubuyobozi bw’umugambwe nawe butifashe neza.
Iyo nyifato idashimishije na gato ikagaragara cane cane mu ntumbero yiwe yo kwanka no kugomba kunigira mu menshi umugambi wo gusubiza hamwe Abadasigana, kandi babona ko ariyo nzira irashe ,kandi ishika, yo gukomeza umugambwe wa Rwagasore, na cane cane muri ibi bihe bimirije amatora yo mu mwaka w’2015.
Muri iri tangazo, bagiriza icegera ca mbere Terensiyo Sinunguruza ko ataco adakora mu guteranya abarongoye umugambwe ku rwego rw’igihugu, muri iyo ntumbero nyene yo kwankiriza uwo mugambi wo kunywanisha Abadasigana. Nyakubahwa icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yagirizwa kandi ko atagishoboye guserukira bimwe bikwiye, no kuvugira umugambwe muri Leta no mu bandi bakoarana, kuko asigaye ashira inyungu ziwe imbere gusa, akibagira izo umugambwe w’Abagasigana Uprona asanzwe aserukira.
Nyakubahwa icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yagirizwa kandi kuba atigeze yemera ko umugambwe worongorwa n’inzego zatowe kandi zemewe n’amategeko agenga umugambwe Uprona, ivyo bikibonekeza mu kwama acanishamwo abarongoye umugambwe no kugomba kubarengera, abaha amategeko, no kujuragiza abadasigana barongoye abandi.
Kubera izo mvo zose n’izindi batavuze, ubuyobozi bw’umugambwe ku rwego rw’igihugu, bumaze guhanuza imboneza n’abaserukira abandi mu nzego hamwe n’abatowe mu mugambwe Uprona, ko bufashe ingingo yo gukurako amaboko icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Terensiyo Sinunguruza.
Muri iryo tangazo rero ryateweko umukono n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe, icegera c’umukuru w’umugambwe Felix Mboneko hamwe n’umukuru w’umugambwe Karori Nditije, basaba nyakubahwa umukuru w’igihugu ko yoca amusubiriza.
Aristide Nizigire
Messages
6 Gitugutu 2013, 16:27, par Mugwagura andré
Nkeka vyofasha mugutegura amatora ya 2015!hama rero twomusaba gukinjura atagoranye.
7 Gitugutu 2013, 07:25, par Umurundi
Oya ntagorane. Agende amahoro arye ayo yakuye muri Emmaus hanyuma kandi OBR ice iva muri irya nzu yiwe ije muri irya nyubako nshasha ya Finances. Birababaje kuko uwo mugabo ashira amaronko cane imbere gusumba gukunda igihugu. Rwagasore si vyo yipfuza na gato.
7 Gitugutu 2013, 14:45, par Manzira
Ntaco mumurira agasaya kuko yabirondeye mwese mubona yaco muba mwigira ibijuu! Amatora nayo azotunganywa nabarudi twese si we gusa.
8 Gitugutu 2013, 07:22, par KIRINYOTA
Nanje ndamwifurije gukinjura atiriwe aragorana. Yo démissionna vyoba vyiza kurusha kuko abantu barinze bagukurako amaboko, nta wundi muti.
8 Gitugutu 2013, 14:54, par Ntirampeba
Ntabara, ababipfa n’ababisangiye!