IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abamurungitse muri Leta basaba ko yobogozwa mu mabanga yiwe

Abamurungitse muri Leta basaba ko yobogozwa mu mabanga yiwe

dimanche 6 Gitugutu 2013

Ibiro bikuru vy’umugambwe w’Abadasigana Uprona biramenyesheje abarundi n’amakungu ko haciye igihe kitari gito babona y’uko inyifato y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu nyakubahwa Terensiyo Sinunguruza itakijanye no gukorera umugambwe wabo, eka mbere n’imigenderanire hagati y’ubuyobozi bw’umugambwe nawe butifashe neza.

Iyo nyifato idashimishije na gato ikagaragara cane cane mu ntumbero yiwe yo kwanka no kugomba kunigira mu menshi umugambi wo gusubiza hamwe Abadasigana, kandi babona ko ariyo nzira irashe ,kandi ishika, yo gukomeza umugambwe wa Rwagasore, na cane cane muri ibi bihe bimirije amatora yo mu mwaka w’2015.

Muri iri tangazo, bagiriza icegera ca mbere Terensiyo Sinunguruza ko ataco adakora mu guteranya abarongoye umugambwe ku rwego rw’igihugu, muri iyo ntumbero nyene yo kwankiriza uwo mugambi wo kunywanisha Abadasigana. Nyakubahwa icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yagirizwa kandi ko atagishoboye guserukira bimwe bikwiye, no kuvugira umugambwe muri Leta no mu bandi bakoarana, kuko asigaye ashira inyungu ziwe imbere gusa, akibagira izo umugambwe w’Abagasigana Uprona asanzwe aserukira.

Nyakubahwa icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yagirizwa kandi kuba atigeze yemera ko umugambwe worongorwa n’inzego zatowe kandi zemewe n’amategeko agenga umugambwe Uprona, ivyo bikibonekeza mu kwama acanishamwo abarongoye umugambwe no kugomba kubarengera, abaha amategeko, no kujuragiza abadasigana barongoye abandi.

Kubera izo mvo zose n’izindi batavuze, ubuyobozi bw’umugambwe ku rwego rw’igihugu, bumaze guhanuza imboneza n’abaserukira abandi mu nzego hamwe n’abatowe mu mugambwe Uprona, ko bufashe ingingo yo gukurako amaboko icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Terensiyo Sinunguruza.

Muri iryo tangazo rero ryateweko umukono n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe, icegera c’umukuru w’umugambwe Felix Mboneko hamwe n’umukuru w’umugambwe Karori Nditije, basaba nyakubahwa umukuru w’igihugu ko yoca amusubiriza.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.