Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Iritiro y’igitoro "Essence" yadugijwe igiciro
 Iritiro y’igitoro "Essence" yadugijwe igiciro
 Iritiro y’igitoro "Essence" yadugijwe igiciro 
				
				jeudi 22 Rusama 2014
Ubushikiranganji bw’ubudandaji bwafashe ingingo yo kuduza igiciro c’iritiro y’igitoro co mu bwoko bwa "Essence". Iritiro yahora ku mafaranga y’amarundi 2300 yongeweko amafaranga mirongo itatu, ikaba igiye kugurishwa amafaranga y’amarundi 2330 kuva kuri uwu wa kane igenekerezo rya 22 Rusama 2014.
Igitoro co mu bwoko bwa "Essence" cadugijwe ata n’ukwezi kwari bwahere congoweko amafaranga mirongo itatu nyene, gishirwa ku 2300. Mu bushikiranganji bw’ubudandanji bamenyesha ko basubiriye kukiduza kubera no kw’isoko mpuzamakungu ico gitoro caduze igiciro. Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwasohoye, bamenyesha ko kuva kuri uwu wa kane igitoro "Essence" congeweko amafaranga mirongo itatu, kikaba kigurwa amafaranga 2330 y’amarundi.
Muri ubwo bushikiranganji bw’ubudandaji baragabisha abohava baca bikika mu kiza bakaduza ibiciro vy’ibifungurwa. Yeremiya Banirwaninzigo, umuyobozi ajejwe ubudandaji mu bushikiranganji bw’ubudandaji amenyesha ko ibiduga vyunguruza ibidandazwa binywa igitoro co mu bwoko bwa "Mazout", ico naco kibaba kitadugijwe.
Egide Nduwimana

Messages
22 Rusama 2014, 15:37, par mukobwajana
NTA MFASHANYO TUKIRONKA BAREKE KUBESHA KUKO DUTWANGWA NA BA HOPLESS ..UBUZIMA NABWO BUZODUGA MPAKA MUZE MURABE..UWO ANIGWANINZIGO AREKE KUBESHA..!!!!LETA IBUZE IMFASHANYO ICA IRYA ABANA BAYO ARIBO BARUNDI