Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ikibazo c’amakara cabaye urufatangane rw’amatati mu miryango
 Ikibazo c’amakara cabaye urufatangane rw’amatati  mu miryango
 Ikibazo c’amakara cabaye urufatangane rw’amatati  mu miryango
				
				mardi 9 Nyakanga 2014
Ingorane y’amakara yaje gusongera isibe ku bukene abanyagisagara bari bafise muri ino minsi, bigatuma haba ingorane z’urufatangane.
Izo ngorane zikaba hagati y’abadandaza amakara n’abasanzwe bakora akazi ko gukinjika, nabo kubera umubabaro w’uko ataho bayarangurira, indyane zigaca zaduka, bikagera n’aho hari n’abakwa utwo baba bafise ku nguvu. Abasanzwe bakora akazi ko gukinjika bakavuga kobafise ingorane zidasanzwe mu gihe, n’abasanzwe babakoresha babagiriza gukoresha nabi amakara.
Mwomenya ko abarangura amakara bata izo ngorane zose  ku buyobozi bw’ibidukikije nabo, abo bayobozi nabo bakagiriza abaca amakara ko badakurikiza amategeko yo gukingira ibidukikije. Abasazwe basuma amakara, basaba Reta guhuza izo mpande zibiri, bisa n’aho batumva kumwe icokorwa kugira umunyagihugu yoroherezwe 
aroye gusuma amakara.
Anitha Bizimana
