IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Imbonekarimwe mw’ihinguriro SOSUMO : Umwimbu w’amatoni 25802

Imbonekarimwe mw’ihinguriro SOSUMO : Umwimbu w’amatoni 25802

jeudi 19 Kigarama 2013

Umwimbu w’ishirahamwe rihingura isukari SOSUMO (Societé Sucrière du Moso) waraduze cane muri uwu mwaka w’2013, ugererenije n’imyaka iheze. Umwimbu ungana amatoni 25802 ukaba ariwo wabonetse, nk’uko bivugwa na Audace Bukuru, umuyobozi w’iryo shirahamwe.

Umuyobozi w’ishirahamwe rihingura isukari SOSUMO, Audace Bukuru, mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uno wa kane, igenekerezo rya 19 Kigarama 2013 yamenyesheje ko ari irya mbere ihinguriro SOSUMO ryimbura isukari ingana amatoni 25802 kuva mu mwaka w’1988. Nk’uko tubandanya tubimenyeshwa na Audace Bukuru, mu mwaka w’2012, umwimbu w’iryo hinguriro wangana n’amatoni 23149 hakaba hiyongeyeko ibice 12 kw’ijana muri uwu mwaka.

Audace Bukuru, umuyobozi w’iryo shirahamwe SOSUMO avuga ko icatumye iryo shirahamwe rironka umwimbu ungana gurtyo ahanini vyavuye ku bwira n’ubukerebutsi bw’abakozi b’iryo shirahamwe, ndetse abenshi muribo bamaze imyaka myinshi bakorera iryo shirahamwe (imyaka 25). Umwanya w’isekeza ryo guhingura iyo sukari wabaye muremure bagereranije n’iyindi myaka. "Akarorero muri uno mwaka w’2013, isekeza ryatanguye igenekerezo rya 24 Rusama 2013. Iryo sekeza ry’umwaka w’2013 ryamaze iminsi 198. Mu mwaka w’2012 ryamaze iminsi 179, mu gihe mu mwaka w’2011 ryamaze iminsi 172. Mu mwaka w’2010 naho rikaba ryamaze iminsi 146.
Ikindi catumye umwimbu uba mwinshi, n’uko iryo shirahamwe uko umwaka utashe ryama rigura ibikoresho bishasha, bigatuma akazi koroha.

JPEG - 49.6 ko
Audace Bukuru, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe SOSUMO

Mu migambi ya kazoza iryo hinguriro rifise, Audace Bukuru avuga ko hari umugambi wa mbere wo kwagura ihinguriro n’imirima kugira SOSUMO yongereze umwimbu ukwiye mu Burundi, hamwe n’uwo gushora hanze, bagashobora kwimbura amatoni agera ku 40000 canke arenga. Ku kibazo c’ubukene bw’isukari buhora bwibonekeza, Audace Bukuru, umuyobozi mukuru wa SOSUMO amenyesha ko hari abadandaza boba bikika mu kiza bagashaka inyungu nyinshi mu gushora iyo sukari mu bihugu bibanyi, na cane cane ko iyo sukari y’Uburundi isanzwe ikundwa cane.

Mwomenya ko Audace Bukuru ariwe yaronse agashimwe kitiriwe umurongozi w’akarorero mu mashirahamwe yo muri Afrika mu mwaka wa 2013. Imbere y’uko Audace Bukuru arongora iryo shirahamwe, umwimbu wari uw’amatoni 14137 gusa, ariko ukaba wagiye uraduga uko imyaka igenda.


Floxella Karire

Messages

  • Umurongozi akora ico azi, umwimbu uzngerekana hamwe ibintu n’aharimwa vyotunganywa neza. Mutama bukuru, ntiwarubereye gutwara SOSUMO gusa, na OTB, COGERCO, ...warukwiye kuhatwara, ndabona ufise vision, kwifuza umwimbu, niwe ubereye kabisa, ahubwo genda wigishe abo bandi bamenye ico bakora n’ibikenewe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.