Accueil > Amakuru > Poritike > Imbonerakure irenze amategeko, ibwirizwa guhanwa
 Imbonerakure irenze amategeko, ibwirizwa guhanwa
 Imbonerakure irenze amategeko, ibwirizwa guhanwa
				
				mercredi 15 Rusama 2013
Kuva aho abantu batandukanye bagiye baratunga agatoke urwaruka rw’Imbonerakure zihurikiye mu mugambwe CNDD-FDD, ko zihohotera abantu canke zigakora ibintu binyuranye n’amategeko, umukuru w’umugambwe CNDD-FDD yahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 15 Rusama 2013.
Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD Pasikari Nyabenda, yamenyesheje ko Imbonerakure ari abanyagihugu nk’abandi bose, bategerezwa kwubahiriza amategeko y’igihugu, uwukoze ikosa nawe agaheze akarihanirw hakurikijwe amategeko.
Umushingamateka Pasikari Nyabenda yongeye amenyesha ko imyaka umunani bariko barakwiza barongoye igihugu, ata mugambi bafise wo gushinga umurwi w’abarwanyi, ati uwugutuka ntagutorera, umugambwe arongoye ngo ni umugambwe wubahiriza amategeko, mu gihe avuga ko uwoza aritwaza izina imbonerakure kugira atoteze abantu ko inzego zibishinzwe zomuvira hasi.
Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD, yasavye ba musitanteri, ba buramatari, abajejwe umutekano ko abantu biyitirira izina Imbonerakure mu gutoteza abantu ko bobahana ata nkunzi.
Ariko naho Umukuru w’umugambwe avuga uko, hari umunyagihugu wo muri komine Mwumba yitwa Nyandwi Claude batazira Juma, arwariye mu bitaro vy’Ibuye mu ntara ya Ngozi, avuga ko yakubiswe n’imbonerekure zihagarikiwe n’umukuru w’umutumba, maze nya mutegetsi ntiyahanwa kuko yamaze umwanya muto mw’ibohero.
Musitanteri wa komine Mwumba Manweli Ndayizeye, avuga ko ivyo atari bwavyumve ariko ko uwo munyagihugu yo mwitura akamutunganiriza .
Aristide Nizigire
