IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imigambwe itavuga rumwe na Reta ibona ko ata matora ashoboka mu (...)

Imigambwe itavuga rumwe na Reta ibona ko ata matora ashoboka mu Burundi

mercredi 27 Rusama 2015

Abari mu migambwe itavugarumwe na Reta bamenyesha ko, uko ibintu bimeze mu Burundi bidashobora gutuma haba itegurwa ry’amatora,ategekanijwe gutangura kw’igenekerezo rya 5 Ruheshi, 2015.

Mu rwandiko yashize ahabona, iyo migambwe imenyesha ko igihugu cinjiye mu bihe vy’indyane za politike hamwe n’umutekano muke,ivyo navyo bigatuma ata matora atunganijwe mu mahoro,abaye ku mugaragaro,mu mwidegemvyo kandi yitabwe na bose ashoboka.

Iyo migambwe imenyesha ko kwiyamamariza amatora, hamwe n’amatora nyezina bidashoboka. Basaba amakungu kudashigikira ayo matora atunganijwe mu bihe nk’ivyo Uburundi burimwo.

Mwomenya ko amatora ya mbere yari ategekanijwe kw’igenekerezo rya 26 Rusama, yigijwe inyuma n’itegeko ry’umukuru w’igihugu,ashirwa kw’igenekerezo rya 5 Ruheshi.


IGIHE

Messages

  • Basaba amakungu judashigikira ayomatora!!! Hanyuma?

  • Democratic yokudashigikira amatora nokwikoresha ibibivyose bishoboka ngokugiramatorantabe ivyobisugura iki? Yemwe nubwonoronka uburyo buciruritse nokoreshamatora vyasebikunze maze ikivyimba kigaturikira rimwe. Nizereko abataribake komumazekwibonerako mu Burundi harihabantu democratie yaje batayishaka! Namweraba ngozibira amabarabara amatora ngontabe! Ngoturira abantu amatora ngontabe! Ngorarariza kubintuvyose ngwamatora ngontabe! Bwiramakugu ntafashe mumatora yomuburundi! Kubita abajejwe umutekano ngwamatora ngontabe! Terakudeta umukuruwigihugu kugira amatora ntabe! Ndababwire aho Izizobarambirirwa muzopfamwangara kandibizoba ubonako abomwiyemeje guhangana bipaze kuzohangana nabantubameze nkamwe imyaka mirongonamirongo.

  • Abo Nibamwe Bagomba Amagaburanyama Ntakindi Bashaka

  • None sibo babiteye bahamagarira abanywarumogi babo ngo baje mwibarabara abandi bariko barayitegurira

  • Ababandikiye nibabe bashirako ammazina, nivyo vyiza

  • jewe nk’umunyagihugu muto yipfuza amahoro nagomba ndamusabe nyakubahwa umukuru w’igihugu petero nkurunziza yuko ibintu vyokuvuga ngo yitoze ubugira gatatu yuko yobihagarika kuko ntakamaro ko gutwara abagupinga nimba bazoba bakurenganije imana izokwishurira aho kure abantu ngo bapfe nk’indagara mukiyaga.

  • Ntacobuza kwamatora atogendaneza nyakubahwa Petero Nkurunziza nibamworohereze Imana nayo turayihay’ikibanza,ibariyitoraniriza ubutegetsi

  • opposition y’iburundi yuzuyemwo injiji gusa. mubure kujya mumatora kugira mubone imyanya munzego maze mubone aho muzajya muvugira. puuu injiji gusa

  • C’est normal batinya kumaramara mu matora,kandi la majorité bashaka transition ata matora abaye ,ntibishoboka,abayakwefye nabo ni bamwe bo muri 2010 kiretse gwasa nawe yakwegeye aba jeunes biwe barikoa babaha ishano mu ndya mu myiyerekano!

    Mwibaza iki sinduhije afise rebellion ashaka kugwana ariko izotangurira iwe iherere i we,nyangoma bo n’abatutsi bagenda baririmba aba jeunes ba cnddfdd ngo ni milices babicisha mu gihugu no makungu alors que aba sans echecs n’aba sans defaites birigwa bikina amatavu ku ma barrières,mbega bo ko bafise jeunesse yirigwa iraturira abahutu mu ma pine abandi bakababomorera amazu bakabica,cnddfdd nta droit ifise yo kugira jeunesse affilliée àson parti,vraiment nyangoma yiyemeje gukorana n’imbwebwe kugeza aho adandaza abahutu ngo ni imbonerakure ,reka sinduhije azobavugutira agasabiko mwe na ci pancrace ico kiwelewele,mais pas de transition,amatora azoba kandi meza cane!!

  • bakwirekere peter bose bashake bugare imiryango uzigira ku kirimba wiyugalire portail bagutorere yo urabona

  • non bakomeza kwiyamamaza nimba ari ubugomb bgimana ntaco

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.