Accueil > Amakuru > Poritike > Impunity Watch isaba amakungu kuva mu gacerere
 Impunity Watch isaba amakungu kuva mu gacerere
 Impunity Watch isaba amakungu kuva mu gacerere
				
				jeudi 30 Ndamukiza 2015
Mw’ishirahamwe Impunity Watch baratewe amakenga n’ikubagurwa ririko rigirirwa abari mu myiyerekano y’abadashigikiye ko Petero Nkurunziza asubira kwitoza,bakiyamiriza kandi ihonyangwa ry’uburenganzira bwo guhurira hamwe no kugira amanama .
Mw’itangazo Impunity Watch yashize ahabona kuwa 28 Ndamukiza,bavuga ko batera ivyatsi imyifato y’abategetsi b’Uburundi bahagarika ibimenyeshamakuru vyigenga na bamwe mu bakurikiranira hafi ibijanye n’agateka ka zinamuntu,ngo ivyo navyo bikerekana ihonyangwa ry’agateka ko gushikiriza ivyiyumviro.
Impunity Watch imenyesha ko ifise amakengo ko ibiriko biraba biriko bihungabanya umutekano w’igihugu kandi baigatuma igihugu cizizirwa no kudahana hamwe no gutakaza intwaro rusangi.
Muri iryo tangazo Impunity Watch ivuga ko imyiyerekano igitangura vyari bizwi ko ari imyiyerekano y’amahoro,ariko ubu vyarahindutse kuko igipolisi cahavuye gitangura gutera amasasu nyakuri ku bari mu myiyerekano bituma agashavu kaduga.
Impunity Watch iratera ivyatsi kandi iyugarwa ry’iradiyo RPA hamwe n’ayandi ma radiyo yigrnga adashobora kwumvikana mu gihugu hagati,mbere abuzwa no gushikiriza kibiriraho uko imyiyerekano iriko iraba mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura.
Iryo tangazo rimenyesha ko abarundi bakoze cane kugira bashikire amahoro,ubutunzi n’ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro kuva hatewe igikumu ku masezerano ya Arusha,abarongozi b’Uburundi bategerezwa guhagarika ihohoterwa hanyuma amakungu nayo akava mu gacerere.
Impunity Watch ihamagarira indongozi z’Uburundi gutanguza amatohoza yigenga kandi ataho ahengamiye muri iki gihe c’imbere y’amatora,ikibutsa kandi ko ababikora barindiriwe n’ubutungane bwo mu gihugu no mu makungu,igasaba kandi amakungu kuva mu gacerere.
Mu kurangiza Impunity Watch ihamagarira Ububirigi n’ingoma y’Ubuhorande basanzwe bafashanya n’Uburundi mu gisata co gucungera umutekano kwerekana ikoreshwa ry’inguvu zirengeje mu kubuza imyiyerekano.
Van Naris Mugisha
