Accueil > Amakuru > Poritike > Inama nkenguzamateka yatanguye ku mugaragaro ibikorwa vyayo vy’umwaka (...)
 Inama nkenguzamateka yatanguye ku mugaragaro ibikorwa vyayo vy’umwaka w’2013
 Inama nkenguzamateka yatanguye ku mugaragaro ibikorwa vyayo vy’umwaka w’2013
				
				mardi 5 Ruhuhuma 2013
Integuro cenda z’amategeko nizo ziri muzategekanijwe kwigwa iya mbere ni
 integuro y’itegeko rihindura irindi ryo mu kwezi kw’icenda 2003 rigenga ukumenyesha amakuru mu burundi. 
Iya kabiri ni integuro y’itegeko rihereza ububasha bwa Reta amakomine hamwe n’integuro y’itegeko ritunganya imyiyerekano mu mabarabara n’iyerekeye amanama rusangi ivyo vyose vyari kwigwa kur’uyu wa 4 ruhuhuma igihe inama nkenguzamateka yari ikoranye irongowe na honorable Gabriel Ntisezerana.
Mwomenya ko ivyo bikorwa vy’inama nkenguzamateka, ari navyo vya mbere, vyatanguye inyuma y’aho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye.
Gabriel Ntisezerana yasavye abashikiwe n’ivyago gutsinda ishavu muri ibi bihe bikomeye baciyemwo. Inama nkenguza mateka isaba abarundi bose n’amakungu gufasha abahuye n’ivyo vyago vy’impanuka.
Joel Sengurebe

