IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Burundi Farmers isaba Reta guhagarika urudandazwa rwa Stevia (...)

Burundi Farmers isaba Reta guhagarika urudandazwa rwa Stevia mw’ibarabara

vendredi 14 Myandagaro 2015

Ishirahamwe ry’abarimyi b’igiterwa ca Stevia Burundi Farmers basaba Reta n’abajejwe umutekano,guhagarika urudandazwa rw’ico giterwa mw’ibarabara.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuwa kane igenekerezo rya 13 Myandagaro 2015,Lucie Nzorijana arongoye ishirahamwe Burundi Farmers amenyesha ko,abariko barayidandaza ubu bagize ubwoba kuko Epitace Bayaganakandi yari yemeye kuyibagurira yitavye Imana.

Lucie Nzorijana ariko,araremesha abarik barayidandaza ubu ko batogira ubwoba kuko amasoko ahari.

Mu gihe ishirahamwe Burundi Farmers rifise uruhusha nfatakibanza rwo kurima no kudandaza igiterwa ca Stevia,basaba Reta kubaha uruhusha ntabanduka rwo kurima no kudandaza ico giterwa mu gukinga isanganya ryoba ku magara y’abantu.

Lucie Nzorijana arangiza asaba abayigura kubangira,kuko Stevia iriko iragurishwa ubu idakwije amategeko,kandi hari n’abavuga ko ariyo bariko baradandaza ariko bakayicanga n’ayandi mababi.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.