IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe OLUCOME risaba umuhuza kwongereza inguvu mu guhuza (...)

Ishirahamwe OLUCOME risaba umuhuza kwongereza inguvu mu guhuza abarundi

mardi 12 Nzero 2016

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME risaba umuhuza akaba n’umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni kwongereza inguvu mu guherekeza abarundi mu nzira y’ibiganiro kugira haboneke inyishu zirama ku kibazo kiri mu Burundi.

Mw’ikete ryateweko umukono na Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME kuri uno wa mbere igenekerezo rya 11 Nzero 2016,rikarungikirwa umuhuza Yoweri Museveni OLUCOME risaba umuhuza mu matati y’Uburundi kwibutsa abakora amabi baba ku ruhande rwa Reta canke abatavuga rumwe nayo,ko bitebe bitebuke ubutungane bw’igihugu canke mpuzamakungu buzobakurikirana igihe kigeze.

Muri iryo kete,ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ridashigikiye umuntu n’umwe canke ishirahamwe ryigisha amacakubiri afatiye ku moko kugira ashike ku butegetsi canke ribandanye riri ku butegetsi.

Ishirahamwe OLUCOME risaba umuhuza kwumvisha Reta y’Uburundi ko yosubira ku meza y’ibiganiro bihuza abarundi ataco irinze gusaba,ishize imbere ivyihutirwa na cane cane amahoro,umutekano n’ubutunzi vy’abarundi bose,ariko atari gushira imbere inyungu z’umuntu umwe. amashirahamwe akorera muri ico gisata ariko aregeranya ivyemezo.

Ishirahamwe OLUCOME ryibutsa kandi ko mu biganiro bihuza abarundi vyari bihagarikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,UA,CIRGL,na EAC bari bemeranije ko amaradiyo amwe yigenga yokwugururwa,abapfunzwe bagirizwa ko bagiye mu myiyerekano bakarekurwa,n’imitahe ihagarika indongozi zimwe mu Burundi igafutwa.


IGIHE

Messages

  • JEWE MBONAKO AHUBWO VYONYA RUKA IVYOBIGANIRO MUMAGURU MASHA

  • iyaba tworonse abantu cumi nkabo mugihugu ntakabuza tworokotse naje icombona nuko umutekano wogaruka ningoga hama izo nyungu zabantu bari kurushi bikirwa hanyuma.abantu twishira tukizana

  • ivyuburundi ni agahomerabunwa uti gut:

    *icambere: haribenshi cane biyitako bariko bagwanya reta yabujumbura irongowe na P nkurunziza. kandi bayishikiye.

    *icakabiri: ibintu vyaraye bivuzwe numumumenyeshamakuru wuburundi vyoguhamagarira. abatavugarumwe nareta yabujumbura gukora ikizira bishobora gucafuza canke gukwegera abayobozi bagwanya reta yabujumbura kandi bishobora nogutuma oppostion irabana ayingwe
    kuko abunvise aryamajambo bashobora gut era icizere abagwanya reta. kandi amakungu ashobora kubabona nkabasi bigihugu.

    *icagatatu: ibiganiro nivyiza cane imigwi ishamiranye ikunvikana ariko gusabako haba reta nfatakibanza hakaba ayandimatora ico gishobora kozobera intambanyi. ikomeye
    ibiganiro mbere numusaruro wavyo ntuboneke vyose bikaba zero

    * icakane arico. canyuma: ONU irakwiye. kwunvira ibibihugu. vyinshi cane vyibihangange kwisi. bikomeza. kuyisaba kureka kwivanga mubibazo vyuburundi kuko reta ya Bujumbura iriko irarenganwa kandi yambikwa ibaramumakungu
    ukamengo muburundi ntabaserukizi bahafise ngobavyibonere amaso muyamdi.ukuri isiyose irakuzi.

  • umuhuz naz agarukane umwumvikano mubarundi abanyagihug turaruhijwe nivyuburundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.