IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Itegeko rishasha rigenga CNTB ntirihabwa nirwere na bamwe n’abandi

Itegeko rishasha rigenga CNTB ntirihabwa nirwere na bamwe n’abandi

dimanche 29 Kigarama 2013

Inyuma yaho inama nshingamateka yemeje itegeko rishasha rigenga umurwi w’igihugu ujejwe amatati y’amatongo n’ayandi matungo, CNTB, bamwe bamwe ntibariha nirwere. Bamwe bagirako rije guhuha ivyahuhura abandi bakabona ko ryatowe ku gikenye.

Kuri uyu wa gatandato inama nshingamateka yaratoye itegeko rishasha rigenga CNTB. Ryatowe mu gihe, abashingamateka bo mu mugambwe UPRONA bari bataramutse inyuma yo kutumvirwa ku ngingo 45 bari basavye ko zohinyanyurwa.

JPEG - 20.4 ko
Bonaventure Gasutwa, umushingamateka akomoka muri URPONA

Kubwa Bonaventure Gasutwa, umukuru w’abashingamateka baturuka muri UPRONA, itegeko ryari risanzwe rihari rigenga CNTB, ryari riteye ingorane mu gihugu. Ubu hoho iryaraye ritowe ni ribi gusumba iryahahora. Iryahahora ntiryafasha mw’itunganywa neza ry’ibikorwa vya CNTB. Umushingamateka Gasutwa akaba avuga ko hejuru y’impinyanyuro 45 bari batanze ngo zihinyanyurwe, hari n’igishasha bari batanze cuko hobaho ikigega co gushumbusha gitegekanijwe n’amasezerano y’i Arusha. Ariko ivyo vyose bikaba bitumvirijwe n’umurwi wize iryo tegeko. Akaba ari navyo vyatumye abashingamateka bo muri UPRONA bakinjura mw’itorwa ryiryo tegeko. Bonavanture Gasutwa akaba abona ko iryo tegeko rigiye gutera ingorane mu gihugu. Ndetse ngo ntibitanga n’icizere ku bijanye n’itorwa ry’impinyanyuro nshasha ry’ibwirizwa nshingiro ritegekanijwe gutorwa kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 30 Kigarama 2013.

JPEG - 90.5 ko
Pacifique Nininihazwe, umukuru wa FOCODE

Umwe mu bagize amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, Pacifique Nininahazwe, umukuru wa FOCODE, abona ko iryo tegeko ryatowe ku gikenye kuko kuba impinyanyuro 45 zashikirijwe na UPRONA atanimwe yafatiweko, vyerekana ko umengo ni intsinzi y’umurwi umwe ku wundi. Umukuru w’ishirahamwe FOCODE akamenyeshako igihe cose haba hariko higwa ikibazo kijanye n’indyane zabaye mu gihugu, haba hakwiye kwitondera ry’iyirwa ry’ico kibazo. Pacifique Nininahazwe amenyesha kandi ko biteye ubwoba kubana CNTB ihawe sentare idasanzwe ica imanza zijanye n’ingingo zizoba zafashwe na CNTB. Ikindi Pacifique Nininahazwe anegura ni ukubonako abashingamateka badashaka ko habaho ikigega co gushumbusha ababa barenganijwe kandi mu masezerano y’i Arusha cari categekanijwe. Hejuru yivyo, nkuko uwurongoye FOCODE agira, kubona CNTB yahawe n’ubundi bubasha bwo gukorera “ku matongo yoba yatanzwe bidaciye mu mategeko” ngo bishobora gutera indyane mu gihugu, bigatandukanya abarundi.

Pacifique nininahazwa agasaba ko iryo tegeko mu gihe ryoshika mu nama nkenguzamateka, abakenguzamateka borisubiza inyuma canke umukuru w’igihugu akareka kurishirako igikumu.

Itorwa ryiryo tegeko rikaba ryatowe 100 kw’100 n’abashingamateka 79 bari basigaye mu ngoro y’amakoraniro yo mu kigobe, hongeyemwo 5 bari batumye. Abashingamateka ba UPRONA bo bakaba bari bakinjuye muri ivyo bikorwa.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

  • jewe muntabare munyishure?Mu mategeko yose inama nshingamateka itora mwompa akarorera k’itegeko ryakiriwe neza n’abarundi bose?Na 2005 ibwirizwa nshingiro ry’uburundi ryatowe ari induru .....none ryiza niryahe?

  • Ni gute habaho sentare yegamiye ku mugwi runaka? Iyo sentare ya CNTB ntabwo ndashigikiye kuko izoca imanza za ngondagonde.ikindi kuki abashingamateka bamwe ivyiyumviro vyabo bitahawe agaciro?kuki se amategeko mpuzamahanga atubahirijwe?(gushumbushwa kw’abarenganijwe) kubwanje ni risubizwemo abashingamateka bose baryumvikaneko.

  • Mbe gayemwe uburundi IMANA yabuhevye ,nn anti-christ ntiyoteshwa igata ,banyina ko abarundi aribo bayisasiye indava ,serapiyo sinovuga musenyeri kuko noba nihenze kuko ivyo ukora nivyo ushigikira ntaho bihwanye niryo zina aho uribaza ici Imana itegeka abantu bayo ,mbega abantu biyorobeka ,aho nimba urumuntu yemera imigabo y’Imana ntiwova inyuma yayo mashetani ukagiriranira isezerano n’IMANA ndakurahiye muri 2015 UWUHORAHO arashitsa isezerano k’Uburundi niwabona atagihindutse muzemuvuge ko Imana ibesha kira noneho ntibesha nagato ,kugira CNDD-FDD itware n’IMANA yabigize kandi ryari isezerano ,imana utayikoreye irahindura isezerano ,kuko amajambo yabanyavyaha ararurira IMANA ,Abakera barayamaze bati«uvumwa nabenshi ugatota»ivyo abantu benshi biyamiriza mukabirengako ntugire ngo bizoherera aho ,«wait and see»ikibabaje nuko abenshi bizicuza atako bakibigira

  • amatutsi mutavuye hasi muzosubira mugihe mwari mwarashizemwo abahutu mumwaka 40 iheze ariko se muzobishobora reka turindire turabe.

  • MURARIRA MUHORE PORONA MWARIYE VYINSHI MBE JENOCIDE YO MWAKOZE KO TUTARAYIBAGIRIZA? IZO NDISHI BAGOMBA KUVA AHO BARIRIYE ABANA BABO BIGA ABANDI BARANGAZWE BAGOMBA IKI NTIMUBAHE NAMBA BARIYE NABI NIBAGENDE UKO KUMBE PASIFIKE NUKO UMEZE? UKURI IMBERE YA VYOSE IPRONA MBERE NIYO YARIKWIYE KUBA KWISONGA MUGUHIMIRIZA ABATWAYE IVYABANDI

  • Kw’isi, nta kintu cera de atari Umwana w’Uhoraho/Yezu Kristu. Bonaventure Gasutwa na Pacifique Nininahazwe si bo bantu bashobora kubuza ko amategeko yirwa canke atorwe. Bisubiye, sinibaza ko ivyiyumviro 45 UPRONA yatanze, vyose vyamaz’ubusa. A moins que Pacifique asigaye ari un politicien@ UMUDASIGANA, sinon Gasutwa we mbona yababajwe anava mu nama kubera hatategekanijwe, muri iyo Sentare ikukira CNTB, ikigega co gushumbusha gitegekanijwe n’amasezerano y’i Arusha.

  • Kagame arakwiye kuzaa kigisha abarundi uko igihugu gitwarwa ibaze ko no mu rwanda izo ngorane za matongo zihari ariko yaba abahutu canke abatutsi ntanumwe ashobora kurengana kandi abahutu mûri 59 barasahuye amazu nÃ¥ matongo yabo ibindi baraturira inka baratwara ariko nta muhutu arengana ngo aranyarwa abahutu vyabananiye

  • N’Ibwirizwa Nshingiro riratorwa!Rindira bemerere abatwa aka Ministère kamwe bongere babahe na Gouverneur umwe murabeko ridatorwa atacamira!
    Muzoba mumbwira!

  • Yemwe nibemere kuko nta kundi. Warabonye uwushumbusha uwanyaze uwundi canke igisuma civye? Vyababuriye gushika naho basigaye biyumvira n’ico Imana izokora!! Imana yo nyene iratubuza gucira urubanza abandi. Kira noneho Musenyeri BAMBONANIRE ntawumusumvya kuyimenya no kumenya ivyayo. Namba naho yaraguye nibamusengere akebanuke ha kumucira imanza batari bushire mungiro.

  • Barundi bene wacu reka guta ubwoko muvuga ivyo mutazi. Mu burundi reka twemeranye ko ababutwaye kuva umuganwa RUDOVIKO agandaguwe babutwaye nabi, baranzwe n’agatima ko gutoteza abo badasangiye ubwoko none ko banyaze bagume ataco binona abanyazwe bagume mu bukene butagira izina? Ukuri ndaziko kugoye gusigura kuko uwuvuga wese yibaza ko ari mukuri ariko ico nzi co nuko hari abanyaze kandi bakwiy gusubiza ivyabandi.
    Igisigaye nama nibaza sintahure mbe NININAHAZWE pacifique muri buno burundi niwe afise ijambo rikomey? nareke kwinyegeza inyuma y’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike kuko ni umunyepolitike naho ntari KAZOVIYO ngo nsigure imvugo ziwe. Ahubwo nibazako abarundi hageze ko abo bose bashira urwamo hejuru tutoraba ko atavyaha bagirizwa bagomba kunyegeza. Abashingamateka baturonderere amategeko azohana abari aba sans echec, aba sans défaites n’abandi bahemukiye igihugu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.