IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Jacques Bigirimana asaba abanyapolitike bose kwitaba ibiganiro bihuza (...)

Jacques Bigirimana asaba abanyapolitike bose kwitaba ibiganiro bihuza abarundi

dimanche 27 Nyakanga 2015

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 27 Nyakanga 2015,Jacques Bigirimana yavuze ko ibiganiro bihuza abarundi bigiye gutangura,ari akaryo ka nyuma bahawe na Reta y’Uburundi.

Jacques Bigirimana amenyesha ko abanyapolitike,abarongoye imigambwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike bahawe akaryo keza ko kuganira ku bibazo bihanze igihugu.

Umukuru w’umugambwe FNL ashimira kandi umukuru w’igihugu kuba yipfuje ko ivyo biganiro bihuza abarundi biba.

Mwomenya ko umukuru w’igihugu aherutse gushinga abicishije mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu umurwi w’igihugu ujejwe gutunganaya ibiganiro bihuza abarundi CNDI.

Abahurikiye mu runani CNARED rwishinze gukingira amasezerano ya Arusha n’intwaro ishingiye ku mategeko bavuze ko uwo murwi CNDI ataco uzoshikako kuko uje gutunganya ibiganiro bititabwe n’abahanganye mu gihugu.

Umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru Willy Nyamitwe,yashikirije ko Reta idashobora kuganira n’abantu bahuriye mu runani rutazwi n’amategeko y’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Wewe Ugomba Ngo Muganire Uce Ugira Iki? Ko Yagutayeko Ntpiwosakira Ukanuma! Aho Wagokeye Ntiwoba Umugabo Basi N’ Akanya Nagato? Uzorinde Upfa Utagira Ijambo. Urgzi Amagorwa Bashikawe Bagorewe Mu Kamenge Ngo Uri Umutegetsi.

  • Mbe Maso, ninde amuha ko arigihugu ciwe Imana yamuhaye ngwakibemwo nkumurundi kandi yongere arye nibikirimwo? Nyakwubahwa Jacques Bigirimana ndagushigikiye nanje ukwonikondabibona. Ndakomeje gushimira Imana mushoboravyose ikomeje guha ubwenge abarundi bakamenya gutandukanya icatsi nururo. Impfuvyi irimenya, mbemwarabonye agakazo kibihugu vyaburaya badukozeko mumezi aheze? Mbemwarumvise ibiherutse kuvurwa nabonyene ba Bulaya kugihugu cu Rwanda kubijanye noguhindura ibwirizwanshingiro? Bavuzeko batazokwivanga kuvyomu Rwanda ko ivyobazogira bazovyemera. Bisiguriki? Bisigurako biyemeje guhondahonda u Burundi gusa for nothing. Ahorero nihombwiye abarundiko ipfuvyi irimenya abandi bafise ababashigikiye natwe twishinge dushinyike amenyo ngo Nkurunziza ikiringo cagatatu muzokwisange mwariyimbiye icobo mwebwenyene ubwanyu! Kuko iyuvuze ngo ikiringo cagatatu urumwe ubawimbiye icobo abarundi nki 100 muburyo utazi ariko mwinomisi harihobeshi bamaze kubibona bahisemwo kuvyihanganira kubwineza yigihugu cabo cu Burundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.