IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Kamenge : Umunyagihugu yanse gutanga intererano ya CNDD FDD yaraye (...)

Kamenge : Umunyagihugu yanse gutanga intererano ya CNDD FDD yaraye aboshwe

mercredi 13 Myandagaro 2014

Umunyagihugu wo muri komine Kamenge ahitwa muri Gituro ku barabara rya gatanu yaraye aboshwe ipingu (menotte), ahorwa ko yanse gutanga amafaranga amajana atanu ariko atozwa mu gihugu cose nk’intererano y’umugambwe CNDD FDD kugira witegurire amatora.

Mu gihugu cose, haratangujwe isekeza ryo gutoza amafaranga amajana atanu y’amarundi ku banyagihugu, bikavugwa ko ari mu ntumbero yo "gushigikira intsinzi yo mu mwaka w’2015 y’umugambwe CNDD FDD" Mu runani ADC Ikibiri bariyamirije ico gikorwa, kuko bavuga ko ayo mafaranga atangishwa n’abatari mu mugambwe CNDD FDD. Mu gisagara ca Bujumbura, muri komine Kamenge, hari umunyagihugu azwi kw’izina rya KAYOBOTSE BARTHELEMY batazira MAPENGU yaraye aboshwe ipingu (menotte), ahorwa ko yanse gutanga ayo mafaranga amajana atanu y’intererano ya CNDD FDD.

Uwo munyagihugu avuga ko yaboshwe na Eric NAHIMANA, umudereva yunguruza musitanteri wa komine Kamenge. Uwo munyagihugu avuga ko yaboshwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, nk’igihe c’isaha zibiri n’iminota mirongo itatu (20h30), inyuma yaho yankiye gutanga amafaranga amajana atanu yo guterera umugambwe CNDD FDD. Gushika mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, KAYOBOTSE BARTHELEMY batazira MAPENGU yari akiboshwe aho twahashika, agasaba gusubizwa mu gateka kiwe mu guhabwa indishi y’akababaro. Uwo munyagihugu asaba kandi abajejwe intwaro, n’abajejwe umutekano ko bokwubahiriza umunyagihugu uwariwe wese.

Musitanteri wa komine KAMENGE, Damien BASEKA yatumenyesheje ko iyo nkuru y’uwujejwe kumwunguruza yaraje umunyagihugu ku pingu (menotte) yayumvise nk’abandi, ko atarashika aho vyabereye. Damien BASEKA aremeza ariko ko yavyumvise ko uwo mushoferi wiwe yariko atoza intererano y’umugambwe CNDD FDD, ariko akavuga ko ata burenganzira yari afise bwo kuboha uwutamuhaye ayo mafaranga. Musitanteri Damien BASEKA avuga ko uwo mudereva amwunguruza akwiye guhanwa hisunzwe amategeko, kuko n’aho yakuye iyo pingu (menotte) hatazwi.

JPEG - 21.5 ko
Damien BASEKA, musitanteri wa komine Kamenge

Egide Nduwimana

Messages

  • Uwo musitanteri arigize Samandari nk’ejo bundi Bigirimana yigize umunyabwengo ngo ivy’uko abafashwe bariko bagomba kumukura ngo nawe avyumviye kw’iradio!!Uyo musitanteri nawe ngo nawe avyumvise nk’abandi.Ese kubera iki mwibaza ko Abarundi ari imburabwenge!!Ahubwo is umucheauffeur wiwe gusa yarakwiye guhanwa ahubwo n’uwo musitanteri yarakwiye gutanga imihoho kuko ntagukeka ivyo ni ibikorwa vy’uwo musitanteri ico abo bandi bakora ni ukubishira mugiro gusa.Kandi birazwi ko ako kajagari ari n’abirya vy’imbonerakure,umugambwe uguma uhakana kandi ari integuro yawo.

  • CNDD-FDD n’ihagarike ayo marorerwa ikorera igihugu ntan’umwe yigeze yeregwa n’ubukozi bw’ikibi. Ivyashikiye UPRONA nabo bizobashikira bayoke.

  • uyo ni umwe mu migambi myinshi iri mu kinyegero y’ugusahura n’ugutoteza abatari muri dd bose (tutsi, hutu et twa). ariko aba dd bari bakwiye kumenya ko imigambi yose bafitiye abarundi ari iyavuye kwa shetani nayo ikaba isumbwa n’IMANA. Bamenye ko basigaje umwaka umwe rudende wo gutwara iki gihugu, bareke iterabwoba n’itoteza ahubwo bitegure kubisa iyindi migambwe. BARI KU MURUHO !!!!

  • Kombona abarundi twakaze kumafranga? LEONCE nawe mumisiheze numvize abwira Ndauizeye ko atamuhamahera acaramwirukana mumugambwe simple yokumufunga canke kumwaka ubwenegihugu, bagenzibanje nabo ba Yakobo nukwo nonemwumva nka LEONCE akwiye kunegurande?

  • Aba DD Muze turwanye INSIHA ,ABATWINYEGEZAMWO BICA,

  • None uwo mu chauffeur wa musitanteri niba atari umu polisi izo menottes yazikuyehe zo kubohesha abantu. Canke ni muri vya bigwanisho cndd-fdd yaha imbonerakure???
    Bamenye ko ubu atabwoba tukigira. Ivyari imagera vyrageruye. Nimere rero batwarure neza nyamba badashaka abo bagenda bahitanye.
    Kandi babenyeko vyose bazobibazwa tôt ou tard.
    Mbona naba porona baratuvuyeko ntibaze ko bakomeye kubarusha.

  • Birababje kubona umunyagihugu azirubusa nkubwo.

  • Banyagihugu mwese nimushigikire umugambwe wabasubije agateka,abana bagasubira mumutuzo ntangere,abavyeyi natwe tugasubira mungo zacu,tugasubira kwishira n’ukwizana mubacu.uyo mugambwe ugatunganya inzego z’igisoda nigi police bihuriyemwo amoko yose atakuvangura intara nibindi vyadutandukanya abarundi!.CNDD-FDD hangama imyaka nimyaka!!,IMANA ihezagire UBURUNDI nababutuyemwo twese.

  • EMWE BIRAKOMEYE IMANA IRADUFASHA

  • Jewe nibaza kwabantu bamwe mwandika ngaha kugihe namba atarigihababu cubutegetsi mufise murimbura bwenge. Musitanteri wenyene asavye ubutungane guhana nogutohoza iyo yakuye. Iyo minote namwe ngonumugambi wa cndd. Fdd ico nobahanura namba mwumva cndd fdd ibaremereye nuko. Mwobanga ingata nini muzohava mumera nkakagakwavu kikorera ingwe ikomeye kazi ngo yarapfuye canke muture kuko muracaremerewe uwo mwaka 1 nimwatsindwimpaga muzoca mwiyahura?

  • Izo Menottes ni izo muri Kiliba Ondes!
    Usanga abakozi ba leta b’aba DD barabahaye Menottes bazobohesha abo muri ADC ku munsi w’amatora!

  • Uwuvuze Ko Abandika Mugutanga Ivyiyumvira Mu Gihe Ari Ibijuju Nawe Nsanze Uri Ikijuju Exposa n,n Etant L’ensemble Yibijuju kuko nawe mbona wandika mubandi urumva nta mpamvu nawe utoba ucitwa ikijuju.Mbe Aho Wotwemeza Ko Ayo Matohoza Ya Baseka Agiye Kuba?Sokuru Ati:"wampishije Ko Unyanka Nanje Ndaguhisha Ko Ndabizi"

  • Iri sibara aho umunyagihugu aboha uwundi kuri 500fb ivumwe aba DD mwandika ngaha mukaca mukoma amashiii sinirigwa ndabavuga amazina /hari nuwavuze ko DDyazanye amahoro abavyeyi bagaheka???abantu baheka babaye menote??barima babaye menote???mwebwe no babwiranti????uburundi bugona buri maso

  • Mbega mwaba cndd mwe muzonyikiza umunyagihugu gushka ryari? Kuv’aho mwibiye ntimuraronka amaher yogutegur’amatora? Ko mwishim ngo muzotsinda kuberik mutoz’amahera kunguv? Mbega umwe adatanze ntimwotsinda? Ndabasabe tora mur’arya bivye muri BRB imbere yuko muyiturir. Wew’ukiri cndd urikijuju fois n exposant n ntawarazi k’intwaro z’agahotoro zatanguy zohavuy. Sogokuru ngo zirisha mukike ziraririye mpanda kandi Ubwatsi burasha bukabisa ubundi

  • Mudahinduye mugatora abandi bategeka uburundi muzokwama murira uko nyene!

  • Mudahinduye mugatora abandi bategeka uburundi muzokwama murira uko nyene!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.