IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Kanye West yakoresheje amafaranga menshi kugira aryohere umwana (...)

Kanye West yakoresheje amafaranga menshi kugira aryohere umwana wiwe

lundi 22 Kigarama 2014

Umuririmvyi Kanye West yakoresheje amafaranga angana n’amadorari 74000 kugira aryohere umwana wiwe North West muri iyi misi mikuru ya Noweri.

Ku mezi 18, umukobwa w’umuririmvyi Kanye West, hamwe n’umunyamuderi Kim Kardashian yiteguriye guhimbaza Noweri ya kabiri ari kumwe n’umuryango wiwe, kuva avutse.

Nk’uko ikinyamakuru Daily Mail kibivuga, Kanye West yaraguriye utuganuke dutandukanye twa Noweri umukobwa wiwe, ivyo bikaba vyamutwaye amahera angana n’amadorari 74000 (74000$). Uwo muririmvyi ntiyagarukirije aho, yaciye anamukorera urugori rugizwe n’amabuye y’agaciro ari mu bwoko bwa diamant, aho naho akaba yatanze amafaranga angana n’amadorari ibihumbi mirongo itandatu na bibiri (62000$).

Kubwa Kanye West n’umugore wiwe Kim Kardashian, ntako batazokora kugira aryohere umukobwa wabo.


Lorene Nubwabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.