Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Kirundo : Abadandaza barahiye gusubira gutanga ikori
 Kirundo : Abadandaza barahiye gusubira gutanga ikori
 Kirundo : Abadandaza barahiye gusubira gutanga ikori
				
				samedi 24 Rusama 2014
Abadandaza bo muri komine Kirundo baranse gusubira gutanga amatagisi ya komine, bakagiriza ubunyonyezi buherutse kuba, aho amafaranga yibwe muri ayo nyene aba yatanzwe nk’ikori.
Abadandaza bakaba banka gutanga ikori, mu gihe isoko ya Kirundo ubu isigaye iri mu minwe y’abigenga, abari mu rwego nshingwantwaro nabo muri iyo soko, bakagirizwa ubunyonyezi, co kimwe n’amafaranga yoba aherutse kubura muri komine ya Kirundo. Abo badandaza, bakavuga ko imiriyoni icenda zagiye akagirire , abazitwaye, bakaba batarabaca n’ikanda.
Abadandaza bakavuga ko batumva ingene boguma barihishwa ikori batazi iyo rija, mu gihe bari bizeye ko ayo mafaranga yofasha mu bindi bikorwa vyo guteza imbere ikomine yabo, maze agaca aja mu mifuko y’akarwi kamwe. Basaba amatohoza kuri abo bose bagirizwa ubunyonyezi muri iyo soko, no mu matagisi yose bariha, maze babone gusubira gutanga ikori
Aristide Nizigire

Messages
24 Rusama 2014, 13:33, par Mahirwe.
Abo bagabo nabashingantahe ndabashigikiye pe.
24 Rusama 2014, 19:27, par mukobwajana
ABA NY kirundo (bugesera) twamye tui intwari ni mugume kw ibanga mwiyemeje ntibadufate nk ingurube abo ba dd umengo nibo baremye isi ...mwanke jewe nama nibaza kubibabwira none muravyitoreye !!!!Ni amarame bandanya ikibiri n abandi bifuza ineza mu gihugu turi kumwe namwe...

24 Rusama 2014, 22:34, par Harageze kotwemanga!
Ndabona mu gihugu birahaye biraza!dukomere,banyagihugu!nakare iterambere nitwe turyironderera!nakare ngo ubugabo burihabwa!