Accueil > Amakuru > Poritike > Komine Kanyosha ubu irafise musitanteri
 Komine Kanyosha ubu irafise musitanteri
 Komine Kanyosha ubu irafise musitanteri
				
				mardi 23 Mukakaro 2013
Kuva igihe cari giheze komine ya Kanyosha itagira uwuyirongora, mushasha yaraye atowe ndetse ibirori vy’ukumwimika bica bihagarikirwa na buramatari w’inntara ya Bujumbura Rural Yakobo Minani.
Imvo za politike nizo zatumye iyo komine ibura uwuyirongora, ndetse harageze aho buramatari we nyene agena uwurongora iyo komine, biranka. Abatowe nabo ngo bayirongore bakayitinya. Uwutowe mushasha rero ariwe Yohakimu Ndimubinige, arindiriwe na vyinshi na cane cane ko ategerezwa gukora ukwo ashoboye ngo afashe mw’isubizahamwe ry’abatavuga rumwe muri politike kutifashe neza kuva mu matora yo mu mwaka w’2010.
Mw’ijambo ryavuzwe na Buramatari w’iyo ntara, yasavye musitanteri mushasha gukorera abanyagihugu bose atagucagura kandi ko amahoro muri iyo komine ariho, ikindi ngo ni ukwo ayo mahoro bayakesha ugukorana neza hagati y’abanyagihugu n’abashinzwe intwaro, n’abajejwe umutekano. Abanyagihugu bo muri iyo komine rero bavuga ko banezerejwe n’ukubona bashoboye kuronka musitanteri inyuma y’igihe bari bamaze atawubarongora bagira. Ikindi basaba musitanteri mushasha ko yotwarira bose, atankunzi, kuko akazi kamurindiruye atari gake.
Bamusaba cane cane gutuza akageso kari mu bantu bamwe bamwe ko gutoteza abandi. Aho rero ngo yohabera maso, na rirya twegereje amatora. Ikindi abo banyagihugu bavuga, ni ukwo hari impapuro batashobora kuronka kuko batagira musitanteri, ubu bizeye ko bagiye gusubira kuzironka.
Aristide Nizigire
