Accueil > Amakuru > Poritike > Ku ngoro y’umugambwe UPRONA hashizwe ikirindiro c’abaporisi
 Ku ngoro y’umugambwe UPRONA hashizwe ikirindiro c’abaporisi
 Ku ngoro y’umugambwe UPRONA hashizwe ikirindiro c’abaporisi
				
				samedi 22 Ruhuhuma 2014
Igiporisi carashinze ku munsi w’ejo ikirindiro c’abajejwe umutekano, ku Mugumya ahari ingoro y’umugambwe w’abadasigana UPRONA. Abadasigana b’umugambwe UPRONA ntibashimye iyo ngingo, bagasaba ko igiporisi coreka kwivanga muvy’umugambwe UPRONA, kandi ko bokwubahiriza abanyamugambwe bashaka kuhagirira inama.
Abaporisi bari bamaze iminsi ari benshi ku bwinjiriro ry’ingoro y’umugambwe UPRONA, kuva aho indyane muri uwo mugambwe zitanguriye. N’ibarabara rica imbere y’iyo ngoro ryaramaze iminsi ryugaye, abaporisi aribo bahaboneka. Ku munsi w’ejo kuwa gatanu, ikirindiro c’igiporisi carashinzwe kuri iyo ngoro, bikavugwa ko vyoba vyatumwe n’uko abashingamateka b’umugambwe UPRONA binjiye aho ku Mugumya kuhagirira inama. N’aho ingoro y’umugambwe yari yugaye, abo bashingamateka bagiriye iyo nama muri kamwe mu tuzu turi hanze aho ku Mugumya.
Abo bashingamateka barabaretse barinjira, ariko abaporisi babiri bari bacunze iyo ngoro y’umugambwe baciye babimenyesha ababakurira, haca hazanwa abarenga mirongo itatu.
Gasutwa Bonaventure, umukuru w’umurwi w’abashingamateka b’umugambwe UPRONA yibukije ko ingoro y’umugambwe UPRONA ari iy’abadasigana b’uwo mugambwe, ari naco gituma boreka kuyihindura ikambi y’abajejwe umutekano.
Abo bashingamateka bamenyesheje ko iyo ngendo atari nziza, ari nakwo gusaba ko abaporisi boreka kwivanga muvy’umugambwe UPRONA.
Egide Nduwimana

Messages
22 Ruhuhuma 2014, 10:47, par gaga
Icombo aba Uprona boja hamw bakumvikana ikibishe Bose bashira imber inguvu namanyama mukugayana bamw ngo nabakera mugutwara umugamb abandi bati nitwe dushoboy ahubwo police nigab can ntibazohav batana mumitw kubera kutumvikana
22 Ruhuhuma 2014, 11:27, par Majaruguru
Nibabareke bikorere ivyabo kuko ntamutekano bariko bahungabanya abo baporisi haraho bakenewe cane gusumba ngaho nkazakirundo nahandi abanyagihugu birigwa baribwa utwabo
22 Ruhuhuma 2014, 19:16, par Bumwe
Bakiri muri Leta abo ba Police nyene baragiye kungoro ya UPD,FNL ntibigeze bavuga na kimwe.Ubu rero nibemange kuko bagezweho.Inzu y’umubanyi iriko irasha wozimya utazimije iyawe irafatwa.Nibatekereze babakorereko.
22 Ruhuhuma 2014, 20:47, par Nelson
Nukuri abapolisi basigaye bakora igikorwa batagenewe nibareke abadasigana baje mungoro yabo noko tuziko aringoro yabo icogipolisi kihakoriki??burya cndd-fdd ihaye itakaza amajwi muvyitazi.
23 Ruhuhuma 2014, 08:29, par GARUKIRABIMANA
Nohanura abariko baratuma imigambwe iryana kubigezaho nayahandiho nabone bazibonera igihe bazobuvako.harya mu NGAGARA ho ndabona nabone hazoheza hugarwa muminsiza ingoro igasubizwa muri leta kuko yubatswe nivyo basahuye abanyagihugu.IMANA Niyonkuru yoyo ntisinzira izotugwanira.ndbwiyabumva nibumve.presidant nabe sebarundi areke kuba semugambwe DD IMANA izomubaza Intama yamuragije.simvunze nuko atabo mwiye.
23 Ruhuhuma 2014, 18:13, par sinzumusi Dieudonne
amahoro jembonako bokw’umvina kuko bose nibene mugabumwe,nibakundane murakoze mugume musukamwomabisi.
23 Ruhuhuma 2014, 21:27, par .,,,@@?@?
Kubwanje mbona poris ataco imariye abanyagihugu ahubwo niyumugambwe utwara nosaba abazotwara bakunda igihugu nabanyagihugu bozofute porise bahashire irindi zina
25 Ruhuhuma 2014, 08:35, par bosco
uprona nireke kuba ntahonfatwa buryabo imyaka batwaye vyagenze neza ijana kwijana!uwutabazi arabahaya.mugabo bamenyeko amase yakera ntahoma urutaro.