IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Manassé Nzobonimpa : Indongozi za CNDD FDD zaribagiye icatumye zifata (...)

Manassé Nzobonimpa : Indongozi za CNDD FDD zaribagiye icatumye zifata ibirwanisho

jeudi 2 Gitugutu 2014

Kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu, isi nzima irahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ihohoterwa n’agacinyizo (la non violence). Uwo munsi uhimbajwe mu gihe mu gihugu c’Uburundi havugwa agacinyizo, n’ihohoterwa ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Manassé Nzobonimpa, umwe mubatanguje urugamba rwo kurwanya agacinyizo, mu kiganiro n’ikinyamakuru IGIHE, yamenyesheje ko ubukunzi bw’inda, kwikunda no guhahamira amaronko birenze urugero arivyo vyatumye indongozi za CNDD FDD zitibuka icatumye uwo muhari ufata ibirwanisho.

Manassé Nzobonimpa, nk’umwe mubatanguje urugamba rwa CNDD FDD musigura gute intwaro itagira agacinyizo?

Intwaro itagira agacinyizo ihagaze ahanini ku Ntwaro nziza (Bonne Gouvernance)
Intwaro nziza ntiyica abo ijejwe, ntisahura ubutunzi bw’abo ijejwe kuko burya butunzi Reta ikoresha s’ubw’abategetsi, ni ubwabanyagihugu bose. Intwaro nziza ntifungira abantu ubusa, ntirya ibiturire, ntiyangaza abenegihugu, ntibuza abanyagihugu gushikiriza iryo bagona canke ikiri ku mutima, intwaro nziza irasasagaza Demokarasi kuko ariyo shingiro ry’intwaro nziza.

Muvyatumye umuhari FDD uja mw’ishamba harimwo ukurwanya agacinyizo, intumbero yoba yarashitsweko uwo muhari umaze guhinduka umugambwe, ukarongora igihugu?

Intumbero Umuhari CNDD-FDD wari wihaye vyonyene birisiguye mw’izo ndome indwi arizo CNDD-FDD. Wari wishinze kugarukana no guharanira Demokarasi mu Burundi kubera nk’uko mubizi wavutse Umukuru w’igihugu yitorewe n’abanyagihugu mu matora aciye mu nzira ya Demokarasi agandaguwe.
Mu vy’ukuri intumbero wari wishinze ntiyagezweko ahubwo novuga ko yasubiye inyuma mbere gusumba n’imbere ya 1993.
Kuko yaba demokarasi uwo muhari wari waraharaniye, murabona ko kugeza ubu uwo mugambwe nyene ubu biboneka ko uriko urayinigira mu menshi, iyindi migambwe iraburagizwa, abantu baricwa bahowe ivyiyumviro vyabo, barangazwa, ibiturire vyarabaye umurengera, ugusahura igihugu urukombamazi vyarushirijeho uko vyahora kera, agacinyizo karabandanya, eka ntawobivuga ngo abimare ahubwo karabaye agatetereza ku mugambwe bizwi neza icari caratumye abawugize bafata ibirwanisho, nk’uko mbere ingingo abawugize bo nyene bipfundikiye mw’Ikoraniro Kaminuza ryawuhinduye kuva mu kwitwa umuhari ukitwa umugambwe ku magenekerezo ya 7 na 8/08/2004. Aha ntitwosiga inyuma ururirimbo rwawo ku baruzi eka mbere n’abataruzi bozorwisomera bazoca babona ko intumbero yawo yahindutse.

Twovuga rero ko indongozi za CNDD FDD zitatahuye icatumye mufata ibirwanisho?

Ahubwo novuga ko ari inda ngari, kwikunda no guhahamira amaronko birenze urugero, kuko ntivyokwumvikana ingene utoba waratahuye icatumye ufata ibirwanisho, mu gihe wari muri urwo rugamba, ikindi naco gituma ntemera ko ari ukudatahura n’uko no mw’iryo Koraniro Kaminuza ry’i Gitega navuze benshi muri izo ndongozi niho bari bari.

JPEG - 68.1 ko
Manassé Nzobonimpa yahoze ari umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Ivyagirizwa Imbonerakure za CNDD FDD ko zihohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi ubivugako iki?

Urwego rw’imbonerakure ndi mu bazishinze mu mwaka w’1996, intumbero yazo yari iyo gucungera no kurerekera abanyagihugu bari bageramiwe n’umwansi twarwana ico gihe. Aho umuhari uhindukiye umugambwe, urwo rwaruka rwaciye ruhindurirwa intumbero, ruhabwa amabanga yo kwigishiriza umugambwe mu rundi rwaruka rutari bwayoboke CNDD-FDD, ivyo mubona rukora mu guhungabanya no mu guhohotera abo batavuga rumwe n’ayandi mabanga rwoba rwarahawe kumbure mu mpisho, kuko abarongozi b’umugambwe b’iki gihe barinze baca kubiri n’intumbero umugambwe wari warihaye, birumvikana ko n’Imbonerakure batoreka kuzihindurira intumbero. Tukaba mbere tugiriyeko tuzihanura kugira nyabuna zivavanure n’ako kabi kabishe, kuko nihagera ko ubutungane buzibaza ivyo zakoze ntizizokwitabaza abazitumye, na cane cane ko no mukuzituma ata rwandiko baziha baba bateyeko ibikumu vy’ivyo bazitumye.

Ukebura iki indongozi za CNDD FDD muri uwu mwanya amatora yimirije

Mu vy’ukuri iyo baba abumva impanuro, jewe aho ngeza naragerageje, ndetse narirengagije n’amabi bankoreye, ndirengagiza ivyo vyose ndabaha impanuro, ariko n’ubu sindaruha kuko ngo uwutosora ifuku yamizayo agati mu jisho. Nobabwira ibintu bitatu gusa, kuko niryo shingiro ry’ivyiyumviro vy’umugambwe twese twakobokeye ndetse abana b’Uburundi barenga 11.000 bakaba barahasize ubuzima bwabo kugira Uburundi buronke Intwaro nziza (Bonne Gouvernance). Nibakurikize zirya ngingo zemejwe n’Ikoraniro Kaminuza ry’i Gitega, ubwa kabiri ni batahure ibiri muri rurya ruririmbo rw’umugambwe, ubwa gatatu nibihe insiguro ya za ndome indwi arizo CNDD-FDD, kuko ivyo bintu bitatu birimwo ivyiza vyose abanyagihugu bakeneye. Ikindi ntosiga inyuma, nibagerageze basubize amaso inyuma barabe intwaro zagiye zirakora nabi haba muri Afrika canke ahandi kw’isi ingene zatevye zikahava, kandi kenshi zikaba zahavuye zihitanye n’abari bazirongoye.

Manassé Nzobonimpa turabashimiye

Murakoze namwe


Egide Nduwimana

Messages

  • Reka guhenda abanyagihugu.ubu kuko bakwirukanye mu mugambwe niho uvuga amakosa utavuze ukiri umunyamabanga?urantwengeje kuko nawe ivyabaye ukiri umunyamabanga uzobibazwa.ko wibuka abana bapfuye ukiri umunyamabanga ntabishwe urorera ko utavuze?iyo ninzara ikuvugisha twarabahinyuye ubu ivyo bitatu uvuga ngo bakurikize kuva 2005 gushika 2011 ntiwayabona.ushaje nabi

  • muze mumumbarize mbega ko amatora ya yegereje aba CDD-FDD avuga ko batagira aho bavugira bazotora nde ?ahahahahah

  • wewe wamutama manasse uraziko tukuzi reka amateshwa ubuniho uronse ivyuvuga bwira abatakuzi abakuzi barakuzi saba imbabazi ugaruke kuko gutangura ikintu ntibisigura kugira amanyembwa!!!!!ntasoni???mbega wewe harya uvuka ibubanza nyene??

  • MANASSE WEEE.NAWE NIWIBUKE ABAVUGA AMAJAMBO MENSHI UKO BABITA...HANYUMA KANDI UCE MAKE ...AHUBWO NOKWIBUKA NTIWIBUKA NTUKIRI UMUGUMYABANGA WARABIHEVYE URISUBIRAKO VUBA UBUSUBIRANE...

  • NIBIRUKANE BENSHI BATUBWIRE IVYA DD ET SA MACHINE ,,MERCI MANASSE

  • Basha wa wundi ngo kutiga biragatsindwa! Biragatsindwa kweli.

  • Ahaaaaaaaa!nimureke.bizogaragarra abavugako birukanye manasse nivyo nimba yarabakumunwa ntibarikubura kwikwigiza inyuma umukeba.umukunziwinda ntafungura hari abamwisha urwahaha .mumenye yuko uburundi atarubwa ba dd canke imbonerakure nubwabarundi bose.bizohinduka ntamvuridahita,

  • Umutama avuga ukuri kuko baduhenda ngo akaranga mutima dushitse mugihugu none barakerekanye? Uno musi nibangahe babembwe kwirukwako nogutererwa muminyororo. Kiramvu ngo uwukize isemu yibagir’ icamwirukanza.ega kandi nivyo none peter reka yigire iguy nivyo ntazi amabwa umugwanyi yabonye eg numucivil c i v q mobilisateur politic mureke ntamvura idahita kurasa ntago twevyibagiy ntitwa bisiz inyarurambi biri mumitwe iyo reta tuzo rasana ntawuzoba arasa amabenyi!.

  • Manassé n,umuhimbiri inkuru mwoyibaza abanya Bubanza. Muritohoreza!!

  • Bantu muriko murifatira mugahanga uwo mutama wubuki yiguze ubutwari agaheba vyose ngo iki gihugu cogorore ndabarahiy muravumwe!!

  • Bantu muriko murifatira mugahanga uwo mutama wubuki yiguze ubutwari agaheba vyose ngo iki gihugu cogorore ndabarahiy muravumwe!!

  • Nuko Mutama, babwire niwewe dusigarany, bovyemera boreka. Ndazi neza ko iaba mwari muzi Manassé muba muriko muvuga make. Manassé niyo ntungane imwe, qui a jamais existé au CNDD FDD. Mubaze abarwanyi na cane cane abafashwe n’inkozi z’ibibi za CNN FDD b’abatutsi. Amajana namajana Manassé yarabasubije mu miryango yabo mugihe bagenzi be bashaka kubamara. Mutama, seul Dieu sait ta mérite.

  • We sonza wigumye, ko uvuze ko atabivuze bataramwirukana mu mugambwe, none ntituzi twese ko bamwirukanye kubera abivuze? Canke mupfa kuvuga pour kuvuga kugira mwerekane aho muhagaze?

  • Aho abarundi bageze turarushe.nobwira MANASSE ko iyoi hataba affaire y’ama cahier y’i Bugande ntiyari gusohora ururimi. biratugoye kumenya uwuvuga ukuri. Abasenga imana dusenge amajambo y’abantu yaturuhije.

  • Manassé!urateye isoni,mbega uribuka amabi wakoreye abomwari musangiye urugamba? Capt Donatien urazi ivyo wamukoreye?ukwiye kuja imbere y’ubutungane ugasigura ivyo wakoze.

  • ahaaa mbega none abajajwe izo mbonera kure ntibavyumva basigaye bagwa’ya nabo basangiye ivyiyumviro abatavuga rumwe baragowe Mana tabara uburundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.