Accueil > Amakuru > Poritike > MSD : Ikibazo c’impamyabushobozi cavutse imbere y’amatora y’2015
 MSD : Ikibazo c’impamyabushobozi cavutse imbere y’amatora y’2015
 MSD : Ikibazo c’impamyabushobozi cavutse imbere y’amatora y’2015
				
				lundi 10 Munyonyo 2014
Mu mugambwe MSD barashima uko igiporisi n’abajejwe intwaro bavyifashemwo mu ruganda uyo mugambwe wagize mu ntara ya Gitega, aho bavuga ko atawabariye urwara canke ngo baburagizwe.
Muri urwo ruganda rwo kuri uyu wa 9 Munyonyo rwabereye mu ntara ya Gitega, abari mu mugambwe MSD bakaba barabiye hamwe ibice vyorabirwako mu boja mu nzego zitandukanye, yaba abaja mu nama mpanuzwajambo canke mu bashingamateka. Ibice vyofatirwako n’abafise impamyabushobozi bikaba bitashoboye gutorerwa umuti, ahubwo bakaba bagiye kuzobandanya babiyaga. Ariko icashitsweko muri iyo nama, akaba ari ibice 50 kw’ijana vy’abakenyezi hamwe n’ibice 50 kw’ijana vy’abagabo.
Amakuru dukura muri uyo mugambwe akavuga ko hagiye kuzotumirwa abarongoye umugambwe MSD mu ntara zose, hamwe n’abagize ibiro bikuru, kugira barabire hamwe uko ico kibazo c’impamyabushobozi cotorerwa umuti, imbere y’uko intonde zitangura gusohoka z’abazitoza yaba mu nama mpanuzwajambo, mu nama nshingamateka na nkenguzamateka.
Aristide Nizigire

Messages
10 Munyonyo 2014, 21:07, par jimmy ntahe
Enfin pour une fois inama yarabaye dd idakoresheje ca gipolisi cayo.La communaute internationale commence A appuiyer sur l ’accelelateur et le cndd fdd a de plus en plus peur.Aujourd’hui j’ai confiance ndabarahiye zirya nzitizi cndd yashizeho mu matora zizovaho zose. Aba dd nibumve ko igihugu ari catwese apana ica Nkurunziza gusa na chef de cabinet civil hamwe numwe yigira ikimana muri documentation. Msd itegerezwa kubaza uwakereye abanywanyi bayo nki mpene kugira baje imbere yintahe.
11 Munyonyo 2014, 07:47, par mugabonihera
Ndabaramutsa ndabashimira kumakuru mudutohoreza nashaka kubabwira abobantu bashikiriza ivyiyunviro bahindure invugo bareke invugo zogutoteza bagenzi babo badasangiye ivyiyunviro vya politique iki kinyamukuru kitazohava gifatwa nkikibiba amacakubiri mubanyagihugu murakoze