IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Muramvya : Ibombora bombora mu mugambwe UPRONA

Muramvya : Ibombora bombora mu mugambwe UPRONA

mardi 2 Nyakanga 2014

Ibombora bombora rirabandanya mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA. Concilie Nibigira yasubiye kwirukanwa muri uwo mugambwe, ivyo bikaba vyakozwe n’abo bari kumwe mu ntara asanzwe avukamwo ya Muramvya.

Nk’uko umukuru w’uyo mugambwe muri iyo ntara abivuga, Concilie Nibigira, umushikiranganji w’ukumenyesha amakuru Tharcisse Nkezabahizi hamwe n’abandi bane, bose, bakaba birukanywe bagirizwa ko bariko basambura umugambwe wa Rwagasore, mu gihe bagirizwa ko mu nama yabaye kuri uyu w’Imana uheze, ata mudasigana w’ukuri yayirimwo, ahubwo yitabwe n’abari mu mugambwe FNL wo kwa Jacques Bigirimana co kimwe n’abanywanyi ba CNDD FDD.

Mu mugambwe UPRONA ishami rya Concilie Nibigira ariryo ryemewe n’ubushikiranganji bw’intwaroyo hagati mu gihugu, bakaba batera ivyatsi iyo ngingo, aho bavuga ko iyo ngingo y’abari muri komite nkuru y’umugambwe mu ntara ya Muramvya ataco ivuze, ndetse ata nico yoshikako. Concilie Nibigira akaba amenyesha ko ibintu vyahindutse, ndetse ubwatsi busha bukabisa ubundi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ico abo ba porona biyibagiza: kwirukana Concilie NIBIGIRA alias D´Ebola ntibishoboka kuko amategeko siyo akwirikizwa kwa Edouard. Ahubwo nibarabe ukuntu bofatanya n´abandi bo muri opposition hanyuma bagume bumvisha abadasigana b´ukuri aho bazotora nihagera, uwo mugore bamurekere abo bari kumwe bazomuronderera amajwi muri CENI kuko nta badasigana bari kumwe na we.

  • iyo njamvyi yumugore yariyahuye

  • Uyo yarataye ibanga ntamugore arimwo nigifu c’umugore kiraho.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.