Accueil > Amakuru > Poritike > Muyinga : Ildephonse Ntawunkunda yabogojwe mu mabanga yo kurongora (...)
 Muyinga : Ildephonse Ntawunkunda yabogojwe mu mabanga yo kurongora intara
 Muyinga : Ildephonse Ntawunkunda yabogojwe mu mabanga yo kurongora intara
				
				mardi 22 Mukakaro 2014
Inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje izina ry’umupfasoni buca aja gusubirira buramatari Ildephonse Ntawunkunda, yahora ariwe arongoye intara ya Muyinga.
Aline Manirabarusha, umuhutukazi avuka mu ntara ya Muyinga afise imyaka 41 y’amavuka ava mu mugambwe CNDD FDD, akaba ariwe yamejwe n’inama nkenguzamateka kugira asubirire Ildephonse Ntawunkunda, umututsi avuka muri komine ya Giteranyi intara ya Muyinga. Iyo ntara ya Muyinga kuva mu mwaka w’2010, ikaba imaze kurongorwa naba buramatari batatu.
Ku murwa mukuru w’iyo ntara ya Muyinga hakaba hamaze iminsi akajagari na cane cane aho musitanteri wa komine ya Muyinga amaze kubogozwa incuro zibiri, agasubizwa mu mabanga bigoranye, aho inama mpanuzwajambo igwiriyemwo abari mu mugambwe CNDD FDD muri iyo komine ya Muyinga, bivugwa ko iterekwa uwo mupfasoni arongoye komine ya Muyinga. Ildephonse Ntawunkunda yabogojwe rero, bikavugwa ko yari yaragerageje gusukamwo mabisi hagati y’iyo nama mpanuzwajambo ya komine na musitanteri Evelyne Izobiriza ariko biranka. Ntwawunkunda, akaba yari yatowe mu mwaka w’2010 nk’umushingamateka, akaba yagiye kurongora iyo ntara avuye mu nama nshingamateka.
Umushikiranganji w’intwaroyo hagati mu gihugu yari mu nama nkenguzamateka, akaba yasiguriye abakenguzamateka ko ikurwa ry’uwo buramatari, atari uko yaranguye nabi amabanga yo kurongora intara ya Muyinga, ahubwo ko bishoboka y’uko umukuru w’igihugu yoba agira amugomwe, akamugena mu yandi mabanga.
Aristide Nizigire

Messages
22 Mukakaro 2014, 16:55, par nwari
Yaaa hiii ya twebwe aba DD twiyemeje ko atamututsi tuzosiga kiretse ibihemu vyabatutsi na bahutu twishakira gukorana :twuvise ko bamukuye kubera ari umututsi ataracemera ivyo imbonerakure zishaka mukwica aba FNL etc ewe DD akataretse kabagasema
22 Mukakaro 2014, 17:51, par Nuwabo
Uwoburamatari ntumubonegurtyo arashiriyesha rindira bamwomorere abumirwa bumigwe.
23 Mukakaro 2014, 04:26, par Mama
Ndumiwe yahitanye ndajorewe!!! kandi abantubaragendabakabona, mutinibiki? Ndazungurutse ikikinyamakuru kunkuru kigenda kiradutororokaniriza hiryanohino, mazenkomeza gusoma ama comments yabantu bagendabandika ariko nageze kuwiyise NWARI mazendagerageza gusomanitonze ibitekerezo yagiyaratanga, naciyendamugereranya numuntu mubunywero akanywa inzoga zumurengera noneho akazagutaha yageramunzira akanyerera akarwa mumukokwe/umufurege noneho bikanka kwavamwo akaca akomeza kwidoga avugango nyabuna ndekura ngokandutandekuye ndakwereka ugasanga wenyene ariko arirwanya,ngukwo ukongereranije uyumuntu yiyise NWARI yirwanije yirembeje jewe ukonibaza nintuguta yamubiriyeko biciye mukududagurika umutima, kukowewe inyandikoziwe ntibihuye navyabindi ababamubihugu vyateyimbere bita kutaniganwijambo; wewe yizaniye vyabindivyakeracane abantu bataramenya Imana vyotwa’ gutukana, kujokorana,gucokoza, guteranya nibindi. Rekandangize ndabahaye akarorero kurworugamba rwa NWARI yikoreye maze rubariwe rubiza intuguta gusa, uva mwakwakwirwanyanavuze yitoye avugango: YAAA HIII YA TWEBWE ABA DD TWIYEMEJE KO ATAMUTUTSI TUZOSIGA KIRETSE IBIHEMU IBIHEMU VYABATUTSI NABAHUTU....... abafisumwanya nimwironderere ahoyanditse nubwomwoba musagije urugamba rwokwirwanya ndazikokumutima muzakwibazako yarengeje! nukoarivyoyivugira kugatwekiwe nayonkuwogenda mumatora yitwaje abanywanyi bameze nka NWARI yobahumiwe! Ariko abasenga bagumekumavi basengera abantubameze nka NWARI kugira nawe ashobore kugiragahengwe mwakinogihe. Kandi yarimazimisi adakoresha irizina rya NWARI.
23 Mukakaro 2014, 10:18, par manu
Jewe ico mbona, yaba uwiyise nwari, yaba uwiyise Mama, mwese murasa kuko mwese ivyo mwandika twama tubisoma, wogira ngo ni abavyara bacokozanya.
23 Mukakaro 2014, 16:40, par umukizwa/ pentekoti
Turababaye kubona umutware w’umugabo nkawe,yegera abanyagihugu,yadusabira akazi,yakunda Imana cane,ingene yafasha abamwituye.....ahava harivyo ataraheza,tumusabiye promotion mw’izina rya YESU.namw nimwivugir ntaco muhomvye,nitw tubizi
23 Mukakaro 2014, 17:08, par marie
uwo ndamuzi muri 2010 ari mubakubita aba FNL akenda kubica...arashiririye cane ariko akozweko no kubuza imbones gukizura uko bashatse
23 Mukakaro 2014, 22:17, par Keza
Ehe Benedata Nimuhagarike Ivyamoko Twifatanire Munda Twaremwe N’Imana Imwe Ntamuhutu Ntamututsi Ntamutwa Bose Amaraso Namwe Izomvugo Zakaryanishamiryango Nimuzireke Tuvuge Ivyubaka Dukore Dusenga Dusenga Dukora.Murakoze Terimbere Burundi.
24 Mukakaro 2014, 06:25, par Rukoko
Njye rwose byangora kugereeanya uyumugore yitwa Mama nuyunguyu yitwa Nwari mbambaroga.