Accueil > Amakuru > Poritike > Mwaro : Abadasigana ba UPRONA basavye Prosper Bazompora kuva mu (...)
 Mwaro : Abadasigana ba UPRONA basavye Prosper Bazompora kuva mu gacerere
 Mwaro : Abadasigana ba UPRONA basavye Prosper Bazompora kuva mu gacerere
				
				jeudi 6 Ruhuhuma 2014
Abanywanyi b’umugambwe UPRONA mu ntara ya Mwaro basaba Prosper Bazombanza gutanga umuco ku makuru ariko aravugwa ko ariwe ashobora kugenwa kugira ashikirizwe ikibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi cahoramwo Bernard Busokoza.
Abadasigana ba UPRONA bagize komite y’umugambwe mu ntara ya Mwaro barasohoye itangazo ku munsi w’ejo, aho bamenyesha Prosper Bazombanza ko mu gihe yokwemera gushikirizwa na Bonaventure Niyoyankana ikibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu azoba yishize mu mananiza, mu kwemera gukorana n’umugambwe CNDD FDD kandi ata kindi uwo mugambwe ushaka atari ugusambura UPRONA.
Muri iryo tangazo, komite nkuru y’umugambwe w’abadasigana UPRONA mu ntara ya Mwaro isaba Karori Nditije gukurikiranira hafi ico kibazo kivugwa ko Niyoyankana Bonaventure yoba agira atange izina rya Prosper Bazombanza, kugira basanze arivyo bamufatire ibihano bikwiriye hakiri kare.
Egide Nduwimana

Messages
6 Ruhuhuma 2014, 09:15, par umudasigana
babimufatire koko kuko yobaba agiye muri za mburakimazi mutama wagasore yavuga aibonita bampema yuzuye nka Bonaventure
6 Ruhuhuma 2014, 11:47, par Alice Ngenzebuhoro
Niyoyankana none n’umuntu ki ko yananiye bose kugeza no kubo bose rimwe. Bayina yibaza ngo aronse amahera azorya hanyuma abone kuba muremure. Ihibambewe ahubwo ariko yiyimbira icobo. Ndamusavye atore ikarata y’umugambwe CNDD-FDD kuko niwo arimwo. Mbega basha Niyoyankana hamwe vyoshika agahura na Rwagasore yoca anyika.
6 Ruhuhuma 2014, 12:36, par HAKIZIMANA J MARC
Twizereko Prosper atorenga kurizo mpanuro zabo badasigana biwabo!! ntako numvise ngonawene nintahaga!!! reka turindire!ariko yarakwiye kwiyama NIYOYANKANA ntamute murudubi!!
6 Ruhuhuma 2014, 14:54, par nshimirimana dieudonné
bavugango "wanka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenga umutumba ukabira nkayo!" NIYOYANKANA bamuguze kuva kera ntimwabimenya kuva aho CNDD_FDD yibiye amatora NIYOYANKANA yarahenze ABAPORONA baca bemera kuyabamdanya. none ntiboribona!!!!!!!!!!!!!
6 Ruhuhuma 2014, 17:34, par karikurubu
ivyiwacu bikomeje kuba ndanse. Peter akwiriye gutanga insiguro kuri aya MAGUME ya politike amaze kwaka indaro mu gihugu
6 Ruhuhuma 2014, 19:39, par Daniel Nibaryivyabo
NIMWITONDE KUKO MWESE UWOBIGA YOBAMENYA. NIYOYANKANA NUMUGABO AZI ICO GUKORA. AHUBWO NIBAMUREKE ATUNGANYE UPRONA NEZA HAMA ABADASIGANA BOGORORE.