IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ndayicariye:Ibikoresho vyinshi biramaze gushika

Ndayicariye:Ibikoresho vyinshi biramaze gushika

vendredi 22 Rusama 2015

Umukuru w’umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora CENI Petero Karaveri Ndayicariye amenyesha ko amatora y’abajenama b’amakomine hamwe n’abashingamateka yigijwe inyuma kubera ko hakiri imyiteguro ijanye n’ubuhinga hamwe n’uburyo itaratungana.

Igihe yari ahejeje kubonana n’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, kuri uno wa kane igenekerezo rya 21 rusama, Petero Karaveri Ndayicariye yavuze ko ibikoresho vyinshi bizokoreshwa mu matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka bimaze gushika.

Kubwo umukuru wa CENI, ibikoresho bimwe biramaze gushikanwa mu gihugu hagati,kandi igice ca mbere c’amakarata y’abahiganwa kiramaze gushika mu gihugu,ariko mu murwi wigenga ujejwe gutegura amatora baracarindiriye ikindi gice ko gishika mu gihugu.

Ku bijanye n’uburyo bw’amafaranga mu gihe hari abari bemeye gufasha mu matora bahagaritse infashanyo,Petero Karaveri Ndayicariye yavuze ko ico kibazo bamaze kugishikiriza Reta,bakaba bizeye ko iriko irakora ibishoboka kugira uburyo buboneke.

Mwomenya ko ayo matora yari ategekanijwe kuba kw’igenekerezo rya 26 Rusama,yigijwe inyuma kuwa 5 Ruheshi n’itegeko ry’umukuru w’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ego nibagerageze ubwo buhinga bwabo turabe mugabo ntibiyobagize ko ikibazo c’umutekano ari nkoramutima mu bihe nk’ibi vy’amatora mbere na minsi yose!vyongeye abarundi n’abagize CNI barimwo turazi icatumye izo mfashanyo zihagarara,none CNI iriteguriye gutora umuti hamwe reta yoyabura ko mbona ibice birenga 60% twabiziga mu mfashanyo??Burakeye tuhereke abagabo!!!

  • ahaaaaa!!ubutigu burashits nn kandi biynviriynez kubabaygij imber kugirabo6e bayjemwobayiynvamwo

  • Ego cane turashima ingingo CENI ifata kuko irongowe n’abagabo bijunja nijambo ,kandi kuba barashikirije reta ikibazo kubikenewe kugira amatora agende neza twebwe abanyagihugu turiteguye gukora ico twosabwa kugira amatora agende neza kuko nivyo tunyotewe.

  • none ko numva numva reta yari ibishoboye kugerageza uko ishoboye kose ama kungu bayaronderako iki? barapfa kutankorera ku gashahara kanje na jewe kadakwiye ahandi ho tuzoyavyina ndabarahiye.

  • mbe konunva ngo ceni irigenga nkurunziza niwe ahindukira agapanga calendrier kandi nawe arumu candidat ururukino rwa politique ruzogorana guhagarikirwa na cni ikoreshwa kugeraho hose

  • Mubintu vyihutirwa gukorwa vuba muburundi muriki gihe ntabwo aramatora. Ikintu cambere nukugarukana umutekano mugihugu, guhagarika ubwicanyi buriko bugirigwa abarundi, hanyuma leta ihari itange imihoho kuko ntco ikimariye abarundi. Hajeho reta yimfata kibanza itegure amatora mumutekano ntangere. Hanyuma abarundi bitorere ababarongora.

  • AMATORA NABE KANDI TURAYASHIGIKIYE

  • AMTORA YAGENZENEZA ABO KARYA NIKABARYE YATSINZE UBU AGUMA KWIVORA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.