Accueil > Kwidagadura > ’’Ngira wabukuye kuri nyoko niwafise buke’’
 ’’Ngira wabukuye kuri nyoko niwafise buke’’
 ’’Ngira wabukuye kuri nyoko niwafise buke’’
				
				jeudi 13 Kigarama 2012
Umwana yarafise ubwenge bwinshi ariko se wiwe amubwira ko afise, akoresheje imvugo mbabarira matwi. Yanatutse mbere nyina w’umwana ariwe mugore wiwe acishije ku mwana.
Habaye umugabo n’umugore bavyara umwana. Abo bavyeyi naho babana imigenderanire ntiyari myiza na gato ni bimwe mu kirundi nyene bavuga ko ‘’zirara zirasha bwaca zikazima’’. Uwo mwana bavyaye yari ikinege, ariko ubwenge yarafise bwaragasema. Kuva umusi wa mbere yahonyoje ikirenge mw’isomero yama atahukana ikibanza ca mbere. Amaze kwigira haruguru aritora umusi umwe abaza se ati : « Mbega da ko mbona mfise ubwenge bwinshi nabukuye kuri wewe canke nabukuye kuri mama ? ». Umugabo utanka yishura wa mwana wiwe ati « jewe nibaza ko wabukuye kuri nyoko kuko niwasigaranye buke ».
Eloge Willy Kaneza

Messages
4 Munyonyo 2014, 16:31
ABARIVYI BO M,UBURUNDI KUBERA IKI AGAHEMBO BAZOGUMA BAKORERA UBUSA?CANKE DROUA DE TERRE IZOKUGURURA!
16 Nyakanga 2015, 21:55
Haha!! ndumiwe turasevye
25 Ruhuhuma 2017, 17:47, par minani david
niyumvira yuko uwo mugabo yabuze icoyo vuga
5 Ntwarante 2017, 16:54, par moïse
jeweniyunvirako.seatabwengeafise.kukoyaba.abufise.ntiyarikumwishurauko.