IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Firipo Nzobonariba amenyesha ko ata cuka kibi kiri hagati y’Uburundi (...)

Firipo Nzobonariba amenyesha ko ata cuka kibi kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda

mercredi 29 Gitugutu 2014

Mu gihe hageze iminsi abatari bake berekana amakenga kw’ifatwa n’ipfungwa ry’agasakisaki ry’Abanyarwanda bari ngaha mu Burundi, Reta ibona ko izo nkuru zidumishwa ku mvo za Poritike.

Haraheze iminsi mu Burundi hafatwa hakongera hagafungwa Abanyarwanda, cane cane abadandaza mu mazu y’amacururizo atandukanye. Kur’abo, hiyongeyeko abapasitori babiri, nuwundi wo mu gihugu ca Kongo avuga ururimi rw’ikinyarwanda, akaba aturuka mu bwoko bw’abanyamulenge. Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politike, cane cane FOCODE bavuga ko ivyo bintu biteye amakenga, bagasaba ko ivyo bintu vyosigurwa neza. Kuko kubwa FOCODE, ngo ubu butegetsi, uwuvuze ku bibazo vy’amatora y’imirije, uwuhanuye canke akavuga ibitagenda neza muvy’intwaro ngo aribonerako. Mbere n’abanyarwanda baba aha mu Burundi baragiye kwugariza ibiro vy’ubuserukizi bw’abo mu Burundi kugira basigurirwe neza iryo totezwa ririko rigirirwa benewabo. Mbere, hari n’ababona ko icuka coba ari kibi cane hagati y’Uburundi n’Urwanda mur’iyi minsi, biturutse kuri vya biziga birenga mirongo ine vyibonekeje mu ruzi Rusizi, abarundi bakavuga ko biza bizananye Akagera bivuye mu Rwanda, uru narwo ruti wanguha ronderera I Burundi.

Izo ngo n’imvo za Poritike

Firipo Nzobonariba, Umunyamabanga mukuru wa Reta y’Uburundi akaba n’umuvugizi wayo we amenyesha ko imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda yifashe neza cane. Kubw’iwe, ngo abavuga ivyo vyose, bishimikiza imvo za Poritike. Aranatomora akavuga ko abariko badumisha izo nkuru ar’abanyeporitike bamwe bamwe hamwe n’amashirahamwe amwe amwe avuga ko adaharanira ibibanza vya Poritike.

Firipo Nzobonariba, umunyamabanga mukuru aka n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Kubwa Nzobonariba, ngo s’Abanyarwanda bonyene birukanwa ngaha mu Burundi. Atanga akarorero ko mu Rumonge mu minsi iheze, habaye umukwabu wo kuraba ababa mu Burundi batagira ivya ngombwa wabereye mu Rumonge, ngo harirukanywe aba Tanzaniya, abanye Kongo, n’abandi. Ku bwa Nzobonariba, ngo nta nuwokwemera abantu batangaza ibinyoma. Ati, na Petero Karaveri Mbonimpa iyo ataba ar’Umurundi, aba yararunguitswe iwabo. Aca atanga akarorero kumukozi wa Onu yirukanywe ubutarariye kubera yatanze icegeranyo ko hashobora kuba harahawe ibigwanisho urwaruka rw’Imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Umuvugizi wa Reta y’Uburundi abona ko Reta y’Urwanda itazosubiriza mu ndumane iy’Uburundi mu kwirukana Abarundi. Kubw’iwe, ngo nta barundi bakorera mu Rwanda, kuko ngo ntiboroherezwa nk’uko Uburundi bubikorera Abanyarwanda.

Messages

  • Firipo firipo burya uyuhejeje kuvuga uruviriza cank ugasoma ivyuvuze??? Raba lignes zibiri zanyuma ngo ntabarundi bazirukanwa kuk bataroherezwa mugandwa nkuko tworohereza abanyagwandwa.nagira nuko mutariko murabaganya???Imana idufashe kabisa

  • Iyo ni diarhée yugarije cn dd fdd. nibagume hamwe rero kuko ibyahanuwe bitegerezwa gusohora bose babireba

  • Les dd sont tres allergiques aux Rwandais et a la communaute banyamulengeivyo bigaragazwa nibikorwa bamaze iminsi bakora aho bigaragara ko les victimes sont ciblees.Mwa ba dd hagomba kuba imibano myiza hagati y’u Burundi n’urwanda kuko dufise vyinshi dusangiye.Mbega u Burundi mwishimirije iki?.y’amavokamwatera igihugu cose ngo muvyure ubutunzi hahahahahhhh akabi gantwengwa nka keza

  • ’’Umuvugizi wa Reta y’Uburundi abona ko Reta y’Urwanda itazosubiriza mu ndumane iy’Uburundi mu kwirukana Abarundi. Kubw’iwe, ngo nta barundi bakorera mu Rwanda, kuko ngo ntiboroherezwa nk’uko Uburundi bubikorera Abanyarwanda.’’ IYI MVUGO YA NZOBONARIBA IREREKANA NEZA KO UBURUNDI ARIBWO BURIHO BUSUBIRIZA MU NDUMANE U RWANDA ariko IYI MVUGO YUZUYEMWO UBUSHISHOZI BUKE CYANE KUKO URETSE NA COMMUNE NTA KWIRIYE KUBA UMUVUGIZI WA RETA YOSE

  • NAMA NAKUBWIYE WEWE KWATABWENGE UGIRA AHO MUVIRA KUBUTEGETSI UZOBUGOWE WEHO

  • Mudutohoreze amakuru yavuye muri BCR avugako hafungiwe abanyagwanda ibihumbi bibiri n’amajana atanu (abagabo 1800 n’abagore 700) kandi amakuru dukura ku baserukira ivyo biro bavugako bakubitwa kane ku munsi nukuvuga 2ku murango nakandi 2 mw’ijoro.

  • Nuko Mutama uvuze neza, nukubandanya dukora cane ngo twirinde izo nkozi zikibi Aho zovahose. Mwibuke inkoni twakubitiwe za kasulu, Kigoma kubera kutagira icangombwa none abandi Bo nukwindevereza mu gihugu wagira ngo ntikigira nyeneco. Mutama Adolphe bandanya akazi.

  • KUDAKUNDA UKONGERA UKAVUGA NABI IGIHUGU CAWE UKARARA NTIBUCA UTEGURA AMAJAMBO YOGUTERANYA ABA NABARIYA..UBA USUMBWA UBWENGE N IMFYISI KUKO ZOZO ZIRUBAHA ISHAMBA N IMYOBO ZIBAMWO; BARABABESHA BAHARANIRA INYUNGU Z INDA ZABO.

  • jye sinumva ukuntu umugabo nk’uyu avugira leta. Azaze mu Rwanda arebe abarundi bahari kandi bafite umutekano. Ndabizi ko u Rwanda rutakora nk’ibyo abarundi bari gukora. Ariko na none ntabwo navuga ko ari abarundi bose babishyigikiye kuko hari bamwe batangiye kubyamagana. Gusa bamenye ko inyifato nk’iyi itabereye igihugu nk’uburundi. Murabizi ko urwanda ruramutse rubafatiye ibyemezo ntacyo mwakwimarira. Ariko mwibagirwa vuba kweli:

    Ex: Igihe uburundi bwari bwarafatiwe ambargo, u Rwanda rwaraboroherezaga mu kubona petrole (essence, Mazout);
    Igihe mwari mwarabuze amahera ya gutanga muri East African Community u Rwanda rwarayabatangiye;
    Igihe mwatwikaga isoko ryanyu rikomeye u Rwanda rwarabatabaye, n’ibindi n’ibindi... None se mwebwe mwavuga iki mwashije abaturanyi banyu. Umwijima cyangwa umwiza uri mu mujyi wa bujumbura ni nawo uri mu mitima ya bamwe mu bategetsi b’u Burundi. Wabonye capital nzima itagira amatara?

  • Icyo mbona nuko abarundi nibadafungura abantu 1800 bafunzwe bazira ubusa, tuzabarwanya tuze twifungurire abanyarwanda. Ikindi turasaba minister of foreign affairs ko bacana umubano n’abo bahutu ba cn dd kuko twamaze kumenya ikihishije inyuma y’iri totezwa. Dufunge imipaka, twirukane abarundi bose kandi u Burundi tubufate nk’umwanzi ukomeye kugeza igihe iyi ngoma y’ibyo bikoko izaviraho

  • Mbega abo bana ba kanyarwanda bakora iki i Burundi? womenga ni inzege zateye!!!. nyarutsa ahubwo mu barungike iwabo. ntaco uburundi buzeye mu rwanda. Abarundi bari mu rwanda nabo ni babarungike, tuzobakira nka bavukanyi. hanyuma umwanditsi w’ayamakuru na hindure ivyo yanditse: ntabwo ari rusizi rwasheshe ibiziga ariko ni kagera, nyabarongo, .... un peu de cous d’hydrographie pour situer les cours d’eau.

  • Urwo rugabo rusa n’imfyisi mubona rwovuga iki??????? mwe mwabamenja mwe turazi neza ko mwamaze kwinjiza FDRL hamwe mw binjiza mubav no kiliba ondes. turabizi kandi ababahenze ngo mutange i zira kuri FDRL ikorere kugatakaka Burundo nabo turabazi mugabo barabahenda!!!!

  • Jewe simbona icuyumuvugizi wa leta yuburundi umuntuyovugakoyabeshe!? nonemu Rwanda wojayo udakwije ibisabwavyose ukagenda uharonkeye amahoro? umvandababwire twebwe abarundi dufise incutinyishizabanyarwanda hariya murwanda, imbereyuko twiyumvirakujayo turaheza tukababaza tuti: mbega ubonabizoshoboka ukandaza? mazebakatubwira ahokukuraza ntiharihabuze ngwariko MDI yozohava ibimpora. Harihonuwambwiyengo bakubonye urikumwenuyundimuntu ushobora gufungwa canke nogupfa ugapfa ngokuko bacabibazako uriko urakorana na RNC canke FDRL atahamurwandaturugaranwe nivyomutazi. Ivyorero uyomuvugiziyavuze ntiyabeshe nikobimeze niwabutavyemera urazigerezako ugende kigari udafize ivyangombwabikwiye uzorebeko usubira burundi uramahoro bataguhambiriye amagrenade ngonayo Kayumbanyasa yarikurungikanye. Arikorero nubwobamezegurtyo nukubarekera mwizomberazabo kuko nigihugu citwa Rwanda imbereyokujayo nukwubahiriza ukobameze udashaka kuvyubahiriza reka kujayo, nicokimwe nahanomu Burundi namba uzakubuzamwo ubahiriza amategeko yomu Burundi atabishoboye rekakuza kwigerezako wirirwa wambika ibara aba police bigihugucacu ngobakwivye canke ngobakwatse ruswa nibindinyene vyokubambikibara. Merce police yacu yu Burundi comera kuri pouvoir.

  • Ahubwo iyo ngingo ije haze kiragihugu kirigenga kandi kigira amategeko akigena kwahio sioni kwanini mwivanga mubitabara reka ubutegetsi bukore akazi kabwo

  • kubita iyomihirimbiisubiriwabo hanyumaturebe ivyovyemezo bazodufatira abobanyenzara

  • jyewe ndi umunyarwanda ariko nzi neza ko hari abarundi bazima benshi bafite ubwenge bifuza ko abarundi n’abanyarwanda babana neza.uyu mugabo rero avuga ngo nta barundi baba mu Rwanda arimo kubeshya abarundi b’injinji kuko abazi ubwenge baramuseka canke bamutwenge.abarundi turabakunda ushaka kuturyanisha niwe mubi mumwitondere kandi twese nidufatanya tuzamutsinda.mugire amahoro y’Imana

  • Abarundi twaba murwanda baratwirukanye
    Twaba kukigeme
    Aho rero nanje ndunze murya filipo ntabarundi basigayeyo.ariyo nibamwe bihinduye ubwoko kandi ico mugomba kumenya nuko uburundi atari igihugu cabanyarwanda.aho mubona tugezaho twarahakoreye
    Abanyarwanda nibatahe iwabo murwanda kuko nabo igihugu baragifasheee
    Murakoze

  • uyutazi iyuva ntumenyuyuja barundi nimwibuke abarundi ayobabonye muri tanzania birukanwa murwanda hoho sutwo. ehe nimurabe agasuzuguro kabamwe mubanyarwanda bamaze iminsi bavuga ko harivyo badufashije nkaho umengo kwarukurondera uburenganzira bwokuba muburundi badafise ibibaranga canke gutera akajagari mugihugu nkiki namakungu yemera, na alechababu. iratwubaha. eheraba urwanda rwa mbaye. umwambaro wubwicanyi ndengakamere bwabaye iwabo bitumwe nuko vyabananiye kumvikana nabo bapfa ubutegetsi. ariko twebwe twarumvikanye. nonubu twumvikanisha nabanyamahanga. iciyumviro noterera abategetsi buburundi nibakorakazi twabatoreye, abonabo bafatwe basuzumwe abataco bagirizwa barekurwe abafise icobagirizwa nabo ubutungane bukore icobujejwe murikanure,baba nengitirora. bavugako dufise ubumenyi buke babibone,

  • Ariko jewe uyu mugabo firipo arakwiye kwiyumvira avant de parler,mbega aho avuga ngo ntabarundi baba mu Rwanda yashingiye kuki? Ko jewe arihomba kandi ndahabaye mu mutekano ntangere,abarundi turaha tungana na bujumbura yose,ko ata na karangamuntu batubaza,abanyagwanda na bana beza cane kandi bazi kubana,bakamenya ubwenge,agateka kazina muntu karubahirizwa,ndizeye ko batazomera nkabo ba DD umengo na bana ba 5ans,ntakibabaje nko kubona umutama asaza akiri umwana mu mutwe,dd sezera mugende turarushe tugaruke mu rwatuvyaye.

  • Namanabivuze nti :abatware benshi muburundi ni ba mpemuke ndamuke.ukuri bagashi kukutwariramkwaha ,muz yuko ibirikobiba hagati yurwanda nuburundi tutabibona???Filipo wee,vugukuri ntube mpemuke ndamuke kuko ntuzohorz kungoma ntur’Imana .Ikizi nabene burundi bagiye kuhasigubuzima batazicibazira!!!Ejo bizohinduka uhungamahoro ,abarundi bari hiryanohino mubihugu ,iciza nimba abobanyarwanda niba badafise ibibaranga nibasubizwe iwabo baje kubirondera ,sukobotabwa muma prison.ntimuhave murondera kurubiba,hakuvuganabi wopfuma uryanabi.Ejobizobahinyukana nkabimwe vyomuri congo mwihinyuza kuvyo mwavuze ukamenga murabana.

  • agasusuguro kari mu banyarwanda kararenze, eh mama umwanda bakuye iwabo bawute ino,eh mama ibigabo vyirukanywe mu rwanda bihungire mu BURUNDI , eh mama urwanda rwice abantu ngo ja i BURUNDI muhambwe yo, twe turiki? ahubwo nibatuzwe uko bari kose nico bari ico arico cose kuko iwacu si mugitambo cibipfu vyose. abo banyamurenge nabo ni baje iwabo nimba bahafise nakare umubano wabo ni mubi nkuw i bihere

  • Ingaruka zose ziba ku abnayagihugu bato, ehe raba nawe, inzara mu Kirundo iratwica tugahungira mu gwanda, mu isoko ni mu gwanda dusumirayo utwo kurya, none karashize ingani Firipo nzobonarigwa nako nzobonariba ngo nta barundi bari mu gwanda ngo kuko badafashwa nk’abanyagwanda? Mbega imodoka igutwara i Buganda zica hehe? Izo ngorane zose ingaruka ni abarundi bantaho nikora, mbega nimba mufise ubwenge abarundi n’abanyagwanda ururimi si rumwe, reka dufashanye, tugenderanire, CNDDFDD ejo nitangura kutubibamwo imbonerakure tuzirukira hehe? Nyamara barundi twanka amahoro ntaco adutwaye, firipo nawe uwo mutama asigaje iminsi mike ehe arashaje ntabahende, abanyagwanda n’abarundi turi bamwe kweli, shetani atsindwe mu izina rya yesu tugumye tubane neza.

  • Ingaruka zose ziba ku abanyagihugu bato, ehe raba nawe, inzara mu Kirundo iratwica tugahungira mu gwanda, mu isoko ni mu gwanda dusumirayo utwo kurya, none karashize ingani Firipo nzobonarigwa nako nzobonariba ngo nta barundi bari mu gwanda ngo kuko badafashwa nk’abanyagwanda? Mbega imodoka igutwara i Buganda zica hehe? Izo ngorane zose ingaruka ni abarundi bantaho nikora, mbega nimba mufise ubwenge abarundi n’abanyagwanda ururimi si rumwe, reka dufashanye, tugenderanire, CNDDFDD ejo nitangura kutubibamwo imbonerakure tuzirukira hehe? Nyamara barundi twanka amahoro ntaco adutwaye, firipo nawe uwo mutama asigaje iminsi mike ehe arashaje ntabahende, abanyagwanda n’abarundi turi bamwe kweli, shetani atsindwe mu izina rya yesu tugumye tubane neza.

  • Abantu vyegeranye no kwa Nkuru baraye badasinziriye kubera urwamo rw’amasase yaraye arasirana ijoror ryose, aho vyavuye bemezako ngo umusoda arinda urugo rwa Nkuru yikanze abasuma hama ngo chef wiwe aca amutegeka kurasa chargeur yose mu kirere. naciye nibaza nti umunsi haje umuntu arwanya abo basoda vyukuri bizogenda gute?

  • Hari uruhurirane rw’ibintu byinshi biva mu Burundi byoherezwa ku Rwanda umuntu ataba yibeshye kubyita mission de provocation namwe musoma cyangwa mwumva buri munsi bituma umuntu yakwibaza ibibazo bimwe nabimwe nka:Abera bazaduha (africains)amahoro ryari?Amayeri yabo yo kuduteranya tuzayatahura ryari ngo tuyange kugirango Afrika yacu igire amahoro?Bampemayuzuye bene wacu bo bazayuzuza ryari ngo baduye amahoro? Bene wacu banyafrika,barundi by’umwihariko cyane cyane abarimuri iyo mission, inda ni ireke gusumba indagu ,ni mwubahirize ya ndamukanyo nziza yanyu ngo "tugire amahoro".Amahoro niyo azatuma twishyirahamwe tukivana mu bukene bwabaye ndanse mu bihugu vyacu.Uwutangura intambara aramenyekana ariko uzayirangiza we ni ibanga.Urucira mukaso rugatwara nyoko.

  • mbega ako kagayo k abanyarwanda badandaza ubuhanga bw,abantu kotera ubwoba nde? barazisuka kurisongoye uhuuuuh

  • abo benewacu babarundi bimpumyi ehe abo banyarwanda bamwe nka rudahirwa batwita imburabwenge. karashizingani! tureke igihugu cacu cadukemwo akajagari mukwanka guhagararira gihugucacu,kubw a’barundi bake bari murwanda? nibabirukana.batahe mugabo umutekano wigihugu cacu tuwuhagararire.abobanya murenge urazi umubano wabo mubi bigira ngo barakijijwe. nimurereko muzikangura kuyora mwasheshe. izompuhwe ninka zimwe zamaze amapera yapadiri.

  • ariko ubarundi tuzopfa nabi kuk dufisinzigo mbi cane!!!!!nivyacu ntitubikize non musimvy mugwand naho?

  • ariko ubarundi tuzopfa nabi kuk dufisinzigo mbi cane!!!!!nivyacu ntitubikize non musimvy mugwand naho?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.