IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ni nde azocungera umutekano w’abanyapolitike bagiye guhunguka

Ni nde azocungera umutekano w’abanyapolitike bagiye guhunguka

mardi 5 Ntwarante 2013

Harategekanijwe inama izohuza abanyepolitike bose b’abarundi kuva ku wa 11 gushika kuwa 13 Ntwarante 2013. Yateguwe n’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hano mu Burundi BNUB. Bamwe mu banya politike bahunze igihugu bamenyesha ko bazoyitaba. Ikibazo gihari, n’ukumenya ukuntu umutekano wabo uzocungerwa.

Abo ba Nya politike bimirije gutahuka ni Alexis Sinduhije arngoye MSD, Lehonarudo Nyangoma, umukuru wa CNDD hamwe na Pascaline Kampayano yari yitoje ngo arongore igihugu mu 2010. Nk’uko bimenyeshwa n’imigambwe yabo, ikibazo c’umutekano wabo kiri mu minwe ya BNUB na Leta y’Uburundi. Abo nabo ngo baramaze kwumvikana ko umutekano uzoba ukwiye igihe iyo nama izoba iriko iraba, n’inyuma yaho.

Ingabo mvamakungu ntizikenewe

Chauvineau Mugwengezo arongoye ishami rimwe ry’umugambwe UPD Zigamibanga akaba n’umuvugizi w’urunani rw’imigambwe icenda itavuga rumwe n’ubutegetsi ADC-Ikibiri, amenyesha ko ata ngabo mvamakungu zizoza gucungera abanya politike bazoba batahutse.

Mu mugambwe CNDD, umuvugizi wawo Francois Bizimana abona ko hatoba kubacungerera umutekano gusa, ahubwo ngo n’ingingo z’ama sentare zabakurikirana zohagarikwa.

MSD yo irizeye ivyo Leta yashikirije

Ku kibazo c’umutekano w’indongozi z’imigambwe zahunze igihugu, Nathale Ndayongeje avugira umugambwe MSD, avuga ko bobo bizeye ko Leta itazivuguruza kuvyo yashikirije, aho yamenyesha ko izocungera umutekano w’abanyapolitike bipfuza gutahuka. Yaboneyeho kumenyesha ko Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD ashobora gushika mu Burundi kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 8 Ntwarante canke bukeye bwaho.


Jean Michel Ndayikengurutse

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.