IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Ni uyuhe mwanya ukwiye mu gukoresha terefone ?

Ni uyuhe mwanya ukwiye mu gukoresha terefone ?

mardi 2 Mukakaro 2013

Gukoresha terefone ngendandanwa ni ngirakamaro na cane cane mw’itumatumanako amakuru. Ingorane ni uko usanga abenshi batazikoresha mu mwanya wazo wa nkenerwa.

Kw’isi yose haravugwa impanuka zikunda guterwa n’imodoka, n’amapikipi, canke n’amazu yasenyukiye ku bantu, ariko impanuka ziterwa n’ukutubahiriza ibisabwa n’amategeko ntizivurwe kandi ziri muzibangamira abakiri bato. Akarorero, kubagendesha imiduga, ametegeko agenga amabarabara abasaba ko bogenda barikanuye, bashizeko umukaba ukingira impanuka, no kutitaba materefone mu gihe bari m’uruja n’uruza mw’ibarabara. Ariko bavuze, « kutitaba terefone », baba bavuze kandi no « kutandika ubutumwa mu gihe uriko uratwara umuduga». Ivyo navyo bikaba bitaraba gusa abagendesha imiduga canke amapikipi, ariko n’ababa bariko bagenda n’amaguru mw’ibarabara.

Muti none hari uruhagarara twoba duteye twanditse ubutumwa turi mw’ibarabara ata muduga dutwaye ? Impanuka zizoshobora guterwa no kwandikira ubutumwa mw’ibarabara ntizikunda kuvurwa, ariko mwomenya ko zifise ingaruka mbi zitari nke. Ivyo bikaba vyemezwa kandi kw’isi yose n’ubushakashatsi bwakozwe muri Leta zunzubumwe bwa Amerika.

Abakiri bato n’imiyabaga kenshi nibo usanga bunamye muma terefone umwanya wose, kuko baba bagomba kumenya ibigezweho. Ubu hoho amaterefone menshi asigaye ajamwo ubuhinga ngurukana bumenyi « internet », usanga abatari bake zabatwaye umwanya wabo n’ubwenge bwabo bwose, aho mbere, bari mw’ibarabara baba batanakiraba n’iyo bariko baraja bigashobora gutuma banabagonga. Bikaba vyemezwa kandi n’ikinyamakuru co muri Amerika « Analysis and Prevention ».
Ivyo bikunda kwibonekeza kubari mu bisagara kuko ariho iterambere rikunda gushika ni ngonga. Igitigiri c’impanuka ziba zitewe ni ukwo kwandikira ubutumwa mw’ibarabara zibaka zivana n’ibihugu ivyo arivyo.

Mu bushakashatsi bwakozwe kuvyerekeranye n’izo mpanuka, vyaragaragaye ko ababangamiwe kurusha abandi n’imiyabaga ifise imyaka iri hagati 21 na 25, hagakurikira abafise imyaka ya 16 na 20. Aho mbere abavugwa cane akaba ari abasore kurusha abigeme. Bimwe mu bituma babuza gukoresha amaterefone mw’ibarabara ni nk’ibi: Kugira bakinge impanuka zishobora gushika, kugira abantu bareke gusamara barabe neza iyo bariko baraja no kugira abakiri bato bareke kwibanga ku materefone gusa, ariko bungure ubwenge no mu bindi bizobateza imbere mu myaka iri mbere.

Abajejwe ivyo gukinga impanuka bagasaba abantu bose kwirinda gukoresha amaterefone mu gihe bari m’uruja n’uruza, haba mu kwitaba, haba no mukwandika ubutumwa mu ntumbero yo kugira impanuka zibera mu mabarabara zigabanuke. Bagahimiriza n’abavyeyi kurera abana babo neza, mu kubereka ibibereye n’ibijanye n’amategeko bategerezwa kwubahiriza.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.