IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Urutonde rw’utuganuke dutosekaza imigenderanire y’urukundo

Urutonde rw’utuganuke dutosekaza imigenderanire y’urukundo

lundi 3 Ruheshi 2013

Namba hari ikintu kigoye ni ukugura utuganuke. Iyo hageze gutanga utuganuke hari imirwi ibiri y’abantu. Hari bamwe ataco bibabwiye kugurira abandi utuganuke no kudutanga ugasanga mbere bavyifatamwo neza cane.

Namba umuntu ari muri babandi babira icuya hageze gutanga utuganuke umwitwarariko wo kugura utwo tuganuke usanga ari mwinshi cane. Ariko rero aho hose waba uri mu murwi umwe muri iyo biragoye kumenya ko washitse ku ntego wihaye yo kunezereza mugenzi wawe. Uko bimeze inkurikizi z’ivyo watoye kumuha ko akaganuke zishobora kuba izituma wicuza kurusha mbere no kuba iminwa ijugumira canke isura ipfuniranye. Nivyo akaganuke kanyu karavuga kandi hari igihe kavuga vyinshi mbere Akaganuke kanyu rero gashobora kwerekana urugero uhimbariwe uwo mufasha wawe, umwanya ufata uriko uramwumviriza, n’ukuntu agufitiye akamaro.

Ntimugire umwitwararariko urenze rero ?nimubanze mwihweze neza uwo mugiye guha ako kaganuke reka rero tubereke urutonde rw’utuganuke kugira tubafashe guhera ku ntango nziza ,
Nimwirinde rero :
Akaganuke umenga umuntu uriko umwereka utunenge twiwe .
Igitabo kivuga ivy’imfungurwa zituma umuntu atavyibuha ,ibitabo vyogufasha abantu ,kumurihira amahera akaja kwiyandikisha mu kugira ikarashishishi hamwe twita salle de gym ,canke y’amavuta atuma umuntu anyegeza ubusaza,ivyo vyose n’ibintu umuntu akwiye kwiyubara ko cane gose,kuko wopfuma wibikira amahera yawe aho ko umuha utuganuke tumwereka ko ari munini kandi ko afise utunenge.
Akaganuke gakenewe canke gafasha mu vyerekeye ibikorwa vyo mu nzu
Wa mukubuzo w’ikizungu ,kimwe coza amasorori oyaha oyaha ,gutanga utuganuke n’akaryo k’uko uwo mugenzi wawe umugurira ikintu adashobora kwigurira mu buzima busanzwe,ibagira utwo tuganuke tworoshe kuronka canke mbere tutanaryoshe .

Gutanga akaganuke katagira agaciro

Nk ‘iyo ubwiye umukenyezi wawe ngo ndagukunda cane kurusha mbere n’uko nkunda ikonti yanje iri muri banki, bimubwire ntanakimwe. Ariko namba mukunda cane uwo mwubakanye n’ukugerageza gukora ibishoboka vyose kugira ugume umunezereza. Ivyo rero ntibisigura gutanga udaharuye, kuko nta muntu numwe akunda umusesaguzi mbere bica vyibonekeza birengeje igihe hageze gutanga utwo tuganuke. Mugabo na honyene ni ukwiyubara nko kumuha kamwe abagore bambara mu mutwe kugira bikingire amazi’’ bonnet de bain’’ ahubwo iyumvire icomuryohera.

Kwibagira kumuha utuganuke

‘’NIBAGIYE’’ ntibizigera bikunda ,isabukuru y’amavuka, isabukuru y’umusi wagiriyeko ubukwe…ntacitwazo na kimwe umuntu yoronka. Namba atamwanya umuntu afise, ni muje kumuhora ngurukanabumenyi umwandikire ubutumwa. Namba mutahaye agaciro uwo musi mwitegure kubiriha bitebe bitebuke.

Akaganuke gafise agaciro imbere y’amaso yawe kurusha mu maso y’umukunzi wawe.
Nk’itike ryo kugenda kuraba umurwi ukunda, igitabo we ushaka kuja gusoma, impuzu mukunda. Muratanga akaganuke ku mugenzi wanyu, ntaco bisa bisana namwe. Ni mwifate igihe muriko murasigura utwo tuganuke ntimwikunde ngo mugure ibibaryohera kurusha uwo mukunzi wawe. Mwoshobora kuzokwinezereza mu kindi gihe.

Akaganuke katagira akamaro kanini muri kubu

Kuguha ibishariza umubiri biriko izina ryawe, canke inkoko kubanyafrika canke ingabire yanditswe kw’izina ryawe. N’ivyo ni bimwe muri ivyo umuntu akora birashobora kwerekana ko umuntu ari umwana mwiza, yitaho abantu. Mbega ntiboba bafise akantu ko kwishima. Vy’ukuri namba atari nko kurihira itike umuntu kuja gutembera mu mahanga iyumvire ikintu gifadika, iyumvire ku gipapuro c’akaganuko hamwe no kumwenyura, ngako akaganuke.

Ivyambarwa

Aha ngo ninko gushirahamwe impene n’ishu. Ngaho hari abantu bemera ko ari ibisanzwe ko uwo mwubakanye aguha akaganuke k’impuzu, nimba muri bamwe muri abo nimubikore mwiyubaye cane.Twese turakuze, umwe wese arazi ico dukunda, ni nayo mpamvu twebwe nyene aritwe twitorera impuzu twambara kuva ku myaka 12 gushika 13. Namba twari dushaka impuzu, twoshirako umwe agufasha kwambara, umwe twita umu styliste. Namba rero umuntu yabishimangiyeko cane gerageza ugure impuzu z’iduka akunda cane, ariko rero ndabasavye mwibagire utuganuke tw’impuzu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.