IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Abakobwa bambara ama "Strings" baragabishwa

Abakobwa bambara ama "Strings" baragabishwa

mardi 6 Nzero 2015

Abakobwa bambara uduhuzu two munsi two mu bwoko bwa "Strings"baragabishwa kubera ingaruka mbi ku magara ziterwa n’utwo duhuzu. Basabwa guhagarika kwambara ayo ma "strings".

Ku cigwa cakozwe n’abaganga Dr Jil Rabin na Dr Shieva Ghofrany bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu mwaka w’2013, barerekanye ingaruka mbi zitegwa n’ama "Strings". Ingaruka mbi ya mbere itumwa n’uko ako gahuzu ko munsi gakozwe n’ipampa "coton" bigatuma agace gatoyi gafuka igitsina gore kadashobora gukinga umuyaga canke iyindi micafu iza kwinjira mu gitsina gore ivuye hanze. Ikindi n’uko ama "Strings" ashobora gukomeretsa uwuyambaye kubera akagozi gaca hagati mu maguru kaba kameze nk’umuhiro, iyo rero umukobwa canke umugore yambaye hejuru ya "String" ipantaro y’umubiri ugumye nka "Jeans" biratuma umuntu akomereka kubera iyo pantaro iza irakwega kakagozi ka "string". Igitsina gore ntikiba kiri mu mutekano mu gihe uko umukobwa atambuka ya pantaro iguma iduza imanura ka kagozi, igitsina kigashobora kuhakomerekera.

Si ivyo gusa, abo baganga bemeza kandi ko "String "ituma uwurwaye za ndwara zifatira mu bihimba vy’irondoka zifata ibihimba vy’irondoka canke ukaringoti kazana umukoyo "infections urinaires ou vaginales" zidakira ngo zihere kubera imicafu iguma yinjira mu gitsina bivanye n’umwanya munini umukobwa aba yambaye iyo "string".


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.