IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > OBR imaze guhomba imiliyaridi 40 kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane

OBR imaze guhomba imiliyaridi 40 kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane

mercredi 29 Mukakaro 2015

Ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi mu Burundi OBR, kimenyesha ko igihugu kimaze guhomba imiliyaridi 40 z’amarundi mu yari kwinjira mu kigega ca Reta, mu mezi atatu aheze.

Ikigo OBR kivuga ko umutekano muke waranze igihugu kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane zishingiye ku matora ,arizo zatumye itegeranya amafaranga menshi kuko ubuzima bw’abadandaji n’abarwizatunga busa n’ubwahagaze kubera umutekano muke waranzwe mu gisagara ca Bujumbura kandi ariho hava amakori menshi.

Uruhombo rw’ikigo OBR ruzogira ingaruka zikomeye ku buzima bw’igihugu harimwo n’idindira ry’ibikorwa vya Reta,kuko ayakoreshwa mu bisata vya Reta bitandukanye ava mu makori atojwe n’ikigo OBR.

Mu kwezi kwa Gatandatu hari hategekanijwe kwinjira mu kigega ca Reta amafaranga arenga imiliyari 16 z’amafaranga yamarundi co kimwe no mu kwezi kwa gatanu,mu gihe mu kwezi kwa kane vyari vyitezwe ko hinjira imiliyari 8 z’amarundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • AYOMAHERA NAKAHE KAZI AFASHA UMURIMYI? CANKE AFASHA UMUNYAGIHU HAHOMVYE MAKE NIMWAMBAZEMAKUNGU KOMUMENYEYE MUTEGA AMABOKO NUKO BATAYAKUBITAHO MWARUGAJE ABARUNDI BENSHI MUKUBANYAGA UTWABO MUTUMA IBINTUBIZIMBA NIMWE MWAZANYURWIMO MUGIHUGU KURIDUWANIBATAKWAMBUMBUYE MURAGABURA MWIBA IKIGANAMA

  • Insiguro OBR isiguye nabayenkisoma umutwe wiyinkuru ncandavyiyumvira nkukobabisiguye. Naweraba woburumudandaza bakakwugarirako ibarabara, bagaturirira abantu imbereyahukorera, imodokayakuzanira abaguzi bakayiturira, abaribaje kukugurira bakavamaza amagrenade, abandi ibihuha bikabatera guhunga, etc. Ivyovyose ntivyarigutuma abadandaji babandanya akazikabo. Jewe nkubundazi abantungaha Cibitoke ca Bujumbura barikobararondera ahandihantu bazobandaniriza urundandazwa ngokuko abantubamwe bahobaroroshe guhendwa nkiyohabonetse uwubahendesha utuntu ngobisamburireko. Harihuyundi yariyaharondereye umugenziwiwe yibera mubihugu vyohanze ikibanza cokwubakamwo ariko uwomuntu ibibihitiye vyatumye acavugako abobantu atakibanza yohagura, urumvarero koharihibintudukoreshwa vyakanyagato ariko bigatesha agaciro ahoduhereye. Ariko bariya babidufashijemwo kugira dukorere kasheshe iwacu iwabo amajambere akomeza aterimbere ntebwenatwe hanuka. Akagihe kubarundibose umuntu azokubwirango dukorere ibintubibi mwikomine yawe kandi atariho avuka urazomubwirango banzubwire abahariya uvukababikore natwetuzoheza tubikore.

  • Ewe OBR Mbe ko Muvuga Ngo Reta Igiye Guhomba Vyishi Utaraza Ntiyahemb’abakozi?Ntakindi Cabazanye Atar’ukuduz’ama Etage Abarundi Bishwe N’inzara,mbega Washitse Mu Bndi Ryari?Utaraza Abakozi Ntibahembwa?Ingorane Z’imishahara Zari Zihari Harico Wakuyeho?Twarabahinyuye Mwuzuz’imifuko Yanyu,utaraza Ifu Yagugw’angahe?Umuceri Wagugw’angahe?Ahuziy Naho Ubona Gute?Naho Wohenuka Ntaco Duhomba Amakori Turayamenyereye.@

  • ndabaza none burya ihomvye mumutahe yatanguze. canke ihomvye muyo yarondera mubanyagigu bikorera utwabo babamariyeko harya ntibazi isavu tubafiye .uzi kuza gusarura atabivye ugahomvya namwene kubiba.. kubera bibatagoye kurondera umubabaro dufise urarenje

  • Ayo nayari kwinjira muri Reta,avamubamyagihugu, ayo abamyagihugu nabo bahomvye nangah? Umumyagihugu ntagira ikimuvugira!!!

  • mbe ko baharura gutyo OBR ikoresha umutahe wangahe kukwezi kugira yunguke amahera nkayo? Iyo uriko wunguka utadandaza uba urumusuma kuko umusuma arya ivyo atabiriye akuya

  • Vyagenze G’ute kugira Bahombe?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.