IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OIF : Amahirwe ya Buyoya yo gutsinda aguma agabanuka

OIF : Amahirwe ya Buyoya yo gutsinda aguma agabanuka

lundi 29 Nyakanga 2014

Imitwe irashushe mu bariko barahiganirwa ikibanza co kurongora ishirahamwe rivuga ururimi rw’igifaransa OIF.

Batanu bariko baraniganira ico kibanza co kurongora iryo shirahamwe risanzwe rigizwe n’ibihugu birenga 60 n’ibindi 20 biri mu murwi w’abarorerezi eka n’abantu imiriyoni zigera kuri 220 z’abantu bakoresha urwo rurimi, bariko barakora ibishoboka vyose kugira amahirwe mu kwezi kwa Munyonyo aze agire uwuyatahana.

Michelle Jean wo mu gihugu ca Canada

Muri abo batanu, uwuhabwa amahirwe rwose ni umupfasoni wo mu gihugu ca Canada Michelle Jean. Uwo mupfasoni asanzwe yaranabereye intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gihugu ca Haiti, asanzwe yaranabaye umumenyeshamakuru hanyuma aba buramatari muri ico gihugu ciwe ca Canada. Afise imyaka 57, akaba ariwe ahabwa amahirwe menshi uravye uko asanzwe ariwe mupfasoni wenyene ariko arahiganwa, ndetse akanaba atari umunyafrika. Ikindi kimuha inguvu akaba ari uko ashigikiwe n’igihugu ciwe ca Canada gisanzwe kiri mu bihugu bifise ijunja muri iryo shirahamwe.

JPEG - 19.7 ko
Jean Ping wo muri Gabon

Uwakabiri ahabwa amahirwe ni Jean Ping asanzwe avuka mu gihugu ca Gabon, akaba yahora ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ubumwe bw’ibihugu vya Afrika UA. Jean Ping rero akaba azwi cane kandi yemewe mu bihugu bitandukanye uravye amabanga yahoramwo yo kurongora iryo shirahamwe ry’ivyo bihugu vy’Afrika.

Umukenguzamateka Pierre Buyoya yahoze arongoye Uburundi

Uwa gatatu muri abo bariko barahiganwa ni Petero Buyoya yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi. Azwi cane nk’umuhuza mu matati atandukanye yo mu bihugu vy’akarere ka Sahel, ariko ikimwicira muri ukwo kwiyamamaza kwiwe, akaba ari ukuza ku butegetsi kwiwe kabiri kwose kandi abanje gutembagaza intwaro. Irya mbere yahenuye iya Colonel Yohani Baptista Bagaza, ubwa kabiri atembagaza iya Sylvestre Ntibantunganya wo mu mugambwe FRODEBU. Muri ukwo kwiyamamaza kwa Buyoya, hakaba hari na bamwe mu barundi bamaze kugaragaza n’ugusaba ko uwo mukenguzamateka atotorwa kugira arongore OIF kuko hari bimwe mu vyo yobanza gusigurira abarundi, nk’intambara zabaye zigahitana abantu isinzi.

Babiri bakurikira bahabwa amahirwe make cane bakaba ari uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wo mw’izinga rya Maurice Jean-Claude De Lestrac hamwe n’umwanditsi wo mu gihugu ca Congo Henri Lopes w’imyaka 77, uwo nawe wanyuma uretse iyo myaka yiwe myinshi, imyaka yabaye umushikiranganji ku ntwaro ya Denis Sassou Nguesso imubera intambamyi.

JPEG - 35.1 ko
Jean-Claude De Lestrac wo mw’izinga rya Maurice
JPEG - 56.5 ko
Henri Lopes wo muri Congo

Aristide Nizigire

Messages

  • Twovuga ko abavuga ko Buyoya atotwara iryo shirahamwe arabarundi batagira ivyimviro kuko intambara yabaye bamwe barapfuye abandi babibimuga abandi baribwa abandi baja kubutegetsi murumva ko bamwe bagize ingorane abamdi bamererwa neza kuko unomusi Leta ihari yazanwe nintambara batamuhaye amahirwe azogaruka azobatembagaza

  • Kigonge,uteye isoni!!ngo azogaruka atbatembagaze?kiretse umunwa winkoho niwazima ahubwo nukumufata akavuga uko yagandaguye Ndadaye amukataguye ibiganza

  • Buyoya niwe yatumye twangara kubwanje ntatabwe muri yompi akatirwe uwo guherayo

  • abarundi dukwiye gufatana munda,tukibagira kahise,tugategura kazoza k’igihugu cacu,tugaha ishusho ryiza igihugu cacu muvyo tuvuga, tugashigikirana kuko intibagira ntibana.ntitwari dukwiye kumwambika ibara nkumwicanyi!!hubwo twari dukwiye kumushigikira nkumuvandimwe vyukuri.

  • buyoya nkabarundi turamushigikiye dukwiye kuraba imbere tukibagira ivyoheze twese twihoye twomarana twiyubare rero muvyo tuvuga dufatane munda kuko ntaho tuzoba turiko turaja nitwaguma muvyaheze mumenye kimwe (ninihora uwo nabuze ntazogaruka) abo bavuga ngo buyoya yarishe nibindi n’abashaka kudusubiza muntambara.twihanganire ivyadushikiye twese twarabuze.

  • Ahubwo bari bakwiye ku mukura k’urutonde rw’abitoza.
    Buyoya niwe yazanye intambara yangaje abana b’Uburundi. MURIBAGIYE ivyo yakoze muri Ntega na Marangara????????????????
    Ariko Abarundi mwibagira ningoga!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • Yarahekuye abavyeyi aranigira mu meshi Democratie, aratuma twangara tubanje kubura abacu ikibanza ciwe ni mu Buhollande.

  • Ahubwo abanyaburayi na banyamerika baratwanka kubona bataramufata ngo bamupfunge nayo yadukore atwicira muzehe ndandaye na barundi isinzi ngo tumushigikire kweli barundi twoba turi ibijuju

  • Mbega Tuvugiki Kuri Buyoya? Nindatazi Ivyo Yakoreye Ntega Na Marangara Nabarundi Bapfuye Kubwiwe? Kandi Kuva Kuntwaro Ziwe Mbi Zazanye Icuka Kibi Kiguma Kidukurikirana Nogushika Kuruyumunsi Tugumatwihorana Nubutegetsi Ubwabwo Ntiburigera Buhagarara. Icombona Afatwe Acigwe Urubanza Gwivyo Yakoze

  • birababaje kubona buyoya akigendagenda kwiyisi akivugwa kumuntu akaja mubandi nibibondo vyomuri ntega namarangara yamariye ku nkota icoba ciza yofatwa agafungwa agahanigwa ubwicanyi yakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.