IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > OLUCOME imenyesha ko yavuye mu mirwi itegura amatora CECI

OLUCOME imenyesha ko yavuye mu mirwi itegura amatora CECI

jeudi 30 Gitugutu 2014

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta OLUCOME risaba ko amatora ariko arategurwa yojamwo umuco, itegurwa ryayo rigakurikiranwa na bose, kuko batanguye kubona ubunenge bukomeye kare.

Mu kiganiro umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe OLUCOM Hassan Mahwege yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru yaboneyeho kumenyesha ko bakinjuye mw’itegurwa ry’amatora yo mu mwaka w’2015 vy’imfatakibanza, mu gihe babona ko itunganywa ryayo ryagize intango mbi. Mahwege akaba avuga ko ishirahamwe OLUCOME ryatanze abantu 45 kugira baze bashobore kuja mu murwi CEPI utegura amatora, ariko ntibaronka n’umwe, baraheza bahabwa mu ma CECI ya Makamba na Rohero gusa mu gisagara ca Bujumbura.

Hassan Mahwege, amenyesha ko uwo muri komine ya Rohero ndetse ari nawe yagenywe kugira aze arongore CECI, akemeza ko aherutse guterwa ubwoba n’umurwi w’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD, zamufashe amasanamu, aho kugeza ubu babibonamwo iterabwoba. Muri OLUCOME basaba CENI n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu gutegura inama yohuza aberwa n’ikibazo c’amatora, kugira bose baze bashikirize amakenga n’ibinenge babona mw’itunganywa ry’amatora.

Muri OLUCOME rero bakaba barandikiye umukuru w’umurwi CENI ku wa15 Gitugutu aho bamusaba ko yobaha umuco ku kuntu abaja mu mirwi ya CEPI batowe, kugeza n’aho OLUCOME yabuze n’uw’umuti abaserukira, ku bantu 45 bose bari batanze.


Aristide Nizigire

Messages

  • Amatora yiburundi ndabona bitoroshe nagato kuko bataguye kuryana.Izo mbonera kure nazo zitegrezwa kwitonda kuko umusi wabo uriho ivyo bagirira abandi nabo bazobibona.

  • jewe ico mbona DD yarahejeje kwiba amatora ,muga nobasaba kuvyitondera baravye nabi bazowatsa nti bazo wuzimya ,,,,,,,,,,,,,,,,,,,!!!!!!!!!!!!!!!!???????????????????????????????????????????????????????????????????????????????????????????????????????????

  • intambara y,akarimi turayimenyereye.ahubwo nibaje gufasha gutegura amatora kuko ntibari mubitoza.ahubwo OLUCOME INGOMbA kw IYAMBIKE IBARA kuko naho itojamwo ntasubira inyuma. aba observateurs internationaux basumvya inguvu nijwi abo banyavyaha b,abarundi ngo ntaho begamiye.uwo nawe avuga imbonerakure ntzo azi,kuko aba JRR bo1972 naco babaye,uwo azohera inyuma aja imbere numurwayi mu bandi

  • Jewe ndabona CENI ihengamiye kumugabwe uri kubutegetsi kuko imaze kwanka gushiramwo abakozi ba OLUCOME kobaja mugucungera amatora none bamaze kugaragaza amanyanga yubusuma bateguye kugira bayashire mungiro atacamira ariko turikumwe nkici nibuguma .

  • Erega ivuyemwo ntibisigura ko amatora atazoba. Mwebwe turabamenyereye ivyo ntibitubereye bishasha

  • Ewebihengende izin niryomuntu !!!uribiherengndenyene, mbegumeze nk’imbwa iyo ibonye iyituritashe nayo ariyo itaha???tuvugiki? Mbega abajereri bomu1972 kobahama abahutu babashorakubabatumye,none imbonerakure zikaba ziriko zihama babandi nyene wobisgura gute? Jewe ntanahamwe mpengamiye ukondababona mumeze nka bwabukara bwabamuguhigwa nabwo bukaba muguhigana.jewe mvugukuri:urumuhutu ukarondera kumara abatutsi nabomutavuga rumwe ,nibahera ,uzoborerwamaraso uhindukirire abu murikumwe musubiranemwo!!!!!n’umutuyogomba guhonya abahutu nuko,kuko agatoki kamenyeye gukomba kama gahese!kuko abomugo gushorerakwamaboko ntimuzi iyabaremeye ahomuburundi icoyashatse gushikako.ahubwo turi bene burundi ingo twicare twubake igihugu atanya gupfa nanyagukira,twiyumvire aho abana bacu bazokurira.ngo akarimi twarakamenyeye: mwaramenyeye kwica abokijije igihugu hamango :turabagabo!!!ubwo bwicanyi mwasi namacakubiri mwabibwemwo nababirigi ntimwobiheba !!!harinyungu vyabashikanyeko atarukwama muteze amaboko amakungu.hindukira mwibazeee!!!!

  • emwe ija kuvyyara ibhumye uyibona ikizezuye arbitre yamye atgira aho yegamiye igihe cose bazokumira abazo b,Imana mu matora azoba bagomba kwiba nyene.abanyamigambwe n,abo babesha ngo nnyungu za politike barondera ni bavemwo batororokanye abapadiri n,abapastori bize bariho babishoboye babigiremwo.abasigaye mukine turabe uwutsinda.ayo mashishiramwe mukpre observation neutre.

  • nababaye kuba utahekenye iciyumviro canje ngo utahure.iyo migani yimbwa ntawe yotera ubwoba kuko umwansi ntagira idin,ubwoko,intara,urukoba yitwa uko yitwa irakonwa ikabweja jabweja igakonwa. isi nuko imeze. gupfa navyo ni ivyabagabo ariko umwansi yogutanga mu cobo.ehe rero,ingo tubivemwo twese tudahengamye duheze twubake nkuko ubivuze.ariko uwuguheneye ntumuhenere akwita nkwiki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.