IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ONU iranegura inyifato ya Reta yo kwihutira kwirukana Paul Debbie

ONU iranegura inyifato ya Reta yo kwihutira kwirukana Paul Debbie

vendredi 18 Ndamukiza 2014

Mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU baranegura ingingo ya Reta yo kwirukana mu Burundi umuhanuzi ajejwe umutekano w’Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Paul Debbie. Muri ONU bavuga ko Reta y’Uburundi itari kwihutira kwirukana, kandi n’amatohoza ONU yasavye Reta atarakorwa ku birwanisho vyoba vyarahawe Imbonerakure.

Umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Stéphane Dujarric amenyesha ko bitumvikana ingene Reta y’Uburundi yokwirukana Paul Debbie, umuhanuzi ajejwe umutekano w’Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kandi amatohoza ONU yasavye ko yokorwa ataraba, muri ONU bakamenyesha ko bagiye kubandanya bakurikiranira hafi ico kibazo c’umutekano muke ushobora guhungabana mu Burundi.

N’aho Reta y’Uburundi yafashe ingingo yo kwirukana umukozi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, hari haheze indwi zibiri umwe mu bategetsi bakomeye b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aganiriye akatari gake n’abategetsi b’Uburundi ku bijanye n’ibirwanisho bishobora kuba vyarahawe urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD. Mu rugendo uwo mutegetsi yahora mu Burundi yagize, yari yumvikanye na Reta y’Uburundi ko amatohoza agiye gukorwa, ariko mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bagatangazwa n’ukwo guca bihutira muri Reta y’Uburundi, kwirukana umwe mubashikirije amakenga kw’ihungabana ry’umutekano.

JPEG - 130.9 ko
Stéphane Dujarric, Umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Stéphane Dujarric, Umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU avuga ko kubw’uburemere bw’ico kibazo c’umutekano, bamaze gushikiriza amakenga bafise mu nama nkuru y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bongera basaba ko amatohoza yokorwa, kuko Reta y’Uburundi ariyo yari ikwiye kuyakora ubwa mbere, imeze nk’iyitabishaka.

Mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bamenyesha ko mu gihe ata ngingo n’imwe Reta y’Uburundi yofata kugira yubahirize agateka ka zina muntu, abariko batanga ibirwanisho ku rwaruka rw’Imbonerakure bazobibazwa mu butungane mpuzamakungu.


Egide Nduwimana

Messages

  • Erega ibirwanisho vyatanzwe kuva kera bihabwa IMBONERAKURE
    - Kuva 2010 aho Cndd fdd yivye amajwi ya FNL, baciye batanguza isekeza ryo gutanga ibirwanisho mu MBONERAKURE cane cane muntara za BUBANZA,CIBITOKE, BUJUMBURA rural kuko bazi ko FNL ariho yari ifise amajwi menshi.
    - Ubu naho babafashe bariko babitanga mu RUMONGE i BURURI na MAKAMBA mu bumanuko kuko bazi ko ariho UPRONA ifise amajwi menshi
    Bagomba kwikingira ngo bagume kubutegetsi bakoresheje intambara mu barundi kuko leta ya Cndd fdd irabona ko bavuye kubutegetsi bose bazoca bafatwa kubera abantu bishe bunyamaswa namahera yigihugu banyuruje atagira uko angana.
    - Ariko barihenda 2015 bose barataha nka MRND mu RWANDA 1994

  • hahiriwe urya muntu yubah’ IMANA. nibiteye isoni nubwoba ukuntu Peter yirahiriye ubwiwe afis BIBILIYA NIBENDERA RYUBURUNDI muminwe yiwe kndi akabirahirira imbere yABARUNDI iyi mpera agereye abandi naw niyo azogererwako nkuko iryambo ryIMANA ribivuga*

  • ngo abahabwa amahirwe nibenshi mugihugu cacu ariko siko bose batugirira akamaro.iyaba muzi agaciro kumuntu ntabwo muba mwipfuza kwica kandi ndazi neza nawewe uwakubwira kwikwica wagira ubwoba *ONLY GOD KNOWS* i’ll pray for you. AMEN

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.