Accueil > Amakuru > Poritike > Parfait Onanga yagarutse ku kibazo c’ubukene mu Burundi mu nama y’umutekano i (...)
 Parfait Onanga yagarutse ku kibazo c’ubukene mu Burundi mu nama y’umutekano i New York
 Parfait Onanga yagarutse ku kibazo c’ubukene mu Burundi mu nama y’umutekano i New York
				
				mardi 23 Mukakaro 2013
Mu nama y’umutekano iriko ibera i New York mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika, uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi Parfait Onanga Anyanga yamenyesheje ko Uburundi bwateye intambwe mu nzira yo kugarukana amahoro ariko hagisigaye igikorwa gikomeye mu ntumbero yo kurwanya ubukene n’inzara mu gihugu, asaba n’amakungu ko yoshitsa ivyo yemeye mu nama y’abafasha Uburundi yabereye i Genève muri Gitugutu 2012.
Ubukene mu barundi bubandanya kwiyongera, ubuzima nabwo bukabandanya kugorana kuko amikoro y’abarundi adashemeye. Onanga-Anyanga yarashikirije amakenga afise ku makuru avuga ku bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, aho havugwa mu gihugu c’Uburundi hoba hakorwa ubwicanyi ndengerabutungane n’ihohoterwa rya kiremwa muntu.
Uwo aserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi amenyesha ko n’aho biri uko, hari ivyakozwe vyo gushima mu ntwaro nk’ibiganiro vy’abanyepolitike biheruka kubera mu Kayanza mu ntumbero yo gutegura amatora yimirije yo mu mwaka w’2015.
Parfait Onanga Anyanga yibukije ko iyo nama yavuyemwo urupapuro rw’inzira bazokwisunga mu matora yo mu 2015 kandi ko ariyo yabaye iya mbere kuva mu mwaka w’2010 ishoboye guhuza abanyepolitike bose b’abarundi, harimwo n’abari hanze y’igihugu, bagashobora guhurira hamwe baganira kazoza k’igihugu cabo.
Egide Nduwimana

Messages
24 Kigarama 2016, 11:45, par Nibitanga Olivier
NUKURI ABARUNDI BATAGIZE VUBA TURAHWERA NAKIGOYI NTAKINDI KIBAZO ABARUNDI DUFISE.