Accueil > Amakuru > Poritike > RADDES : Abarundi bakwije imyaka basabwe kuja kwiyandikisha mu (...)
 RADDES : Abarundi bakwije imyaka basabwe kuja kwiyandikisha mu bazotora
 RADDES : Abarundi bakwije imyaka basabwe kuja kwiyandikisha mu bazotora
				
				mardi 25 Munyonyo 2014
Umugambwe RADDES uhamagarira abarundi bose bakwije imyaka yo gutora ko bokwitaba igikorwa c’ukwiyandikisha catanguye kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 24 Munyonyo gushika ku genekerezo rya 7 Kigarama 2014.
Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye, bibutsa ko intwaro rusangi ishingiye ku vyiyumviro vy’umwumwe wese, kandi ko kugira ijwi ry’umunyagihugu wese ryumvikane bica mu matora. "Amatora niyo yubaka igihugu, akongera akagitegekaniriza kazoza, ari naco gituma abanyagihugu bose bakwije ivyangombwa basabwe kuyitegurira, kuko ari uburengenzira bahabwa n’amategeko".
Iryo tangazo ry’umugamwe RADDES rivuga ko amatora ari igikorwa kiraba umurundi wese, ku neza ya bose, ayo matora akongera agatanga ubushobozi bw’ugutwara kubaba bizewe n’abanyagihugu. Muri uwo mugambwe basaba ko ata muntu n’umwe yokwiyaka ubwo burenganzira butegekanwa n’amategeko, bagasaba abarundi bose bakwije imyaka ko bokwiyandikisha, bongere biyumvire uwo babona bokwizera bakamuha uburongozi.
Mu gihe imigambwe myinshi ibandanya gushikiriza amakenga yayo ajanye n’uko itahawe ibibanza mubazocungera amatora, umugambwe RADDES usaba iyo yindi migambwe ko bitoyica intege, ahubwo yitegurire kuja gutora n’ugucungera ayo matora, kugira azoshobore kuba ku mugaragaro.
Egide Nduwimana

Messages
25 Munyonyo 2014, 19:18, par Nuwera
Mwebwe murabagabo ndabibabwiye nejonzobisubiramwo, bwabindi imigambw ifisamajambo yubaka ntikunzekuzuga! Abirirwabaravuga bakabarurangiranwa mugihugu nokw’Isi nzima aho iyinigambwe yitwako itanenyekana abarunditwayihereye ijambo ntimuzotangare; komera RADDEc.