IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Rose Muhando aririmba indirimbo z’Imana yagirizwa gukorora inda

Rose Muhando aririmba indirimbo z’Imana yagirizwa gukorora inda

vendredi 23 Nzero 2015

Rose Muhando akunze kumenyekana nk’umuririmvyikazi aririmba indirimbo zo guhimbaza Imana bivugwa ko aheruka gukorora inda y’amezi indwi mbere ashobora no gupfungwa.

Amakuru avugwa muri Tanzania no muri Kenya, aho Rose Muhando yagiye akundwa cane kubera indirimbo ziwe, n’uko uwo muririmvyikazi aturuka mu gihugu ca Tanzania yakoroye inda y’amezi indwi. Hari mu mpera z’umwaka w’2014, aho amakuru yatangura kuvuga ko Rose Muhando afise inda y’umwana wa kane. Mwomenya ko uwo mugore yari asanzwe afise abana batatu ku bagabo batandukanye, akisigura avuga ko atigeze agomba kwubaka urwiwe kubera bica bimugora gukora imirimo yiwe yo gukwiza ubutumwa bwiza, niho yahavuye avyarana n’abagabo mbere n’abasore batandukanye.

Kuva bivugwa ko Rose Muhando afise inda, ntiyigeze aboneka cane mu mirimo yiwe mu nyuma agenda kuboneka mu ntango z’uku kwezi ata nda afise. Niho abantu batangura kumwagiriza gukorora inda vyongeye n’inyamiramabi muri Tanzania batangura kumukurikirana kuko icaha co gukorora inda gihanwa n’amategeko yo muri ico gihugu.

Abakunzi biwe ishavu riraniga kubera bari bamuzi nk’umuntu yamamaza ubutumwa bwiza, mbere mu gihugu ca Tanzania batanguye gushira ahabona ayandi manyanga uwo muririmvyikazi yagiye arakora nko kurya amafaranga y’abantu aba yemereye kuririmbira ariko ntagereyo.

Icaha co gukorora inda kigahanishwa umunyororo w’imyaka indwi mu gihugu ca Tanzania.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.